Coragem
A coragem cristã não é ausência de medo — é confiança em Deus maior que todo temor. Sê forte e corajoso! é o chamado repetido do Senhor aos seus filhos.
Sê forte e corajoso
O Senhor é a minha luz e a minha salvação — de quem terei medo? Com coragem enfrentamos o mundo, porque Deus está conosco.
None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."
None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."
Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."
Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."
Uhoraho wenyene azogendera imbere yanyu. Ntazobata, ntazobaheba. Ntutinye kandi ntucike intege."
Dawidi arongera abwira Salomo umwana wiwe ati: "Shikama ushire amanga, ukore ico gikorwa. Ntutinye canke ngo wihebure, kuko Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, iri kumwe nawe. Ntizoguta kandi ntizoguhemukira gushika aho igikorwa co kwubaka Ingoro y’Uhoraho kizoherera.
Coragem em Cristo
Não vos deu Deus espírito de covardia. Sede fortes na fé! O perfeito amor lança fora todo medo.
Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.
Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.
Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.
Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.
Nta bwoba buba mu rukundo. Urukundo nyakuri rwirukana ubwoba bwose, kuko ubwoba buterwa no gutinya igihano. Umuntu atinya ntaba azi urukundo rushitse.
Ntimuterwe ubwoba n’ababagwanya. Ico ni co kizobabera ikimenyetso ko bagiye kurandurwa, ariko ko mwebwe mugiye kuronka agakiza, na ko kakaba kava ku Mana yonyene.
Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: "Aba, Data."
Não temas
Não temas, porque Eu sou contigo. Quando tiver medo, em ti confiarei. Deus é nosso escudo e fortaleza.
Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.
Nzogukomeza, nzogutabara,
nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.
Kuko ndi Uhoraho Imana yawe,
ni jewe ngufashe ukuboko kw’i buryo,
nkakubwira nti: Ntutinye,
nzogutabara.
Ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
nzokoranya abana bawe ndabakuye mu buseruko,
ndabegeranye bavuye mu burengero.
Ntutinye, kuko ntuzosubira guteterwa.
Kandi ntutinye kumaramara,
kuko isoni ntizizokwongera kukwica.
Ahubwo uzokwibagira ibimaramare vyo mu buto bwawe,
n’agakengerwe ko mu bupfakazi bwawe ntuzokibuka.
Igihe cose ngize ubwoba, ni wewe nizigira.
Nshimira Imana ivyo yasezeranye.
Imana ni yo nizigira singire ubwoba.
Mbe abantu buntu bongira iki?
Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje;
none notinya nde?
Uhoraho ni igihome kinkingira;
none ni nde yontera ubwoba?
Urorere Uhoraho;
ukomere ureme mu mutima
kandi urorere Uhoraho.
Urorere Uhoraho;
ukomere ureme mu mutima
kandi urorere Uhoraho.
Nimukomere mureme mu mitima,
yemwe mwese abizigira Uhoraho.
Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,
sinzogira ikibi ntinya,
kuko uri kumwe nanje;
inkoni yawe n’ubuhiri bwawe
ni vyo binkingira bikampumuriza.
Conforto e encorajamento
O Deus de toda consolação nos consola em todas as tribulações. Coragem não falta a quem descansa em Deus.
Nihashimwe Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’impuhwe n’ukwirura kwose, we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.
Ariko twebwe ubwacu tumeze nk’udukono tumeneka turimwo ubwo butunzi buhebuje. Ni co cerekana ko ubushobozi buhambaye bukorera muri twebwe buva ku Mana, atari kuri twebwe. Dushikirwa n’ingorane z’ubwoko bwose, ariko turi bazima. Turakehanirwa ariko ntiducika intege. Turahamwa ariko ntituva ku Mana. Dukubitwa hasi ariko ntidupfa. Mu mibabaro yacu, imibiri yacu isangira urupfu na Yesu kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu. N’aho turi bazima, twama duhakwa kwicwa ku bwa Yesu, kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu ipfa.
Ntimugakunde amahera mu kubaho kwanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti:
"Sinzokwigera ndaguta;
sinzokwigera ndaguheba."
Ni co gituma tuvuga ata bwoba tuti:
"Uhoraho ni we mutabazi wanje; sinzotinya.
None abantu buntu bongira iki?"
None ni nde azobagirira nabi mu gihe mufise ishaka ryo gukora ivyiza? Ariko naho mwobabazwa muhorwa gukora ivyiza, Imana izobibahezagirira. "Ntimugatinye abantu kandi ntimugahagarike imitima yanyu."
Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. Ni co gituma mudakwiye guhagarika imitima canke ngo mugire ubwoba.
Bamubonye agendera ku mazi, bagira ngo ni umuzimu, baca bakoma induru, kuko bose bari bagize ubwoba bwinshi.
Aca arababwira ati: "Humura! Ni jewe. Ntimugire ubwoba."