Publicidade

Êxodo 7

1 Uhoraho abarira Mose ati: "Ehe nakugize nk’Imana kuri Farawo, Aroni na we ndamugira nk’umuvugishwa wawe. 2 Nimugende mumubwire ivyo ndagutegeka vyose, Aroni na we abarire Farawo arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe. 3 Ariko nzokomantaza umutima wa Farawo, hanyuma ngwize ibitangaza n’ibimenyetso vyanje muri Egiputa. 4 Ndetse n’aho nyene, Farawo ntazobumvira. Ariko Egiputa nzohakubitisha ukuboko kwanje hamwe n’ibikorwa vyanje vy’inkomezi, maze ndokore ingabo zanje ari bo Bisirayeli, ndabakuze muri ico gihugu ibihano bikomeye. 5 Kandi Abanyegiputa bazomenya ko ndi Uhoraho ninaramvurira ukuboko kwanje kuri Egiputa ngakurayo Abisirayeli."

6 Mose na Aroni babikora uko Uhoraho yabibabwiye. 7 Igihe bavugana na Farawo, Mose yari afise imyaka mirongo umunani, Aroni na we yari afise imyaka mirongo umunani n’itatu.

Inkoni ya Aroni ihinduka inzoka

8 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 9 "Farawo niyababwira ngo mukore igitangaza, muzofate iyo nkoni muyiterere imbere yiwe, izoca ihinduka inzoka."

10 Nuko Mose na Aroni baca baja kwa Farawo, babigenza nk’uko nyene Uhoraho yabibategetse. Aroni aterera ya nkoni imbere ya Farawo n’abantu biwe, ica ihinduka inzoka. 11 Farawo na we aca atumako ba kamenyi n’abapfumu biwe, maze abo ba kamenyi b’Abanyegiputa na bo baca bakora ikimenyetso gisa n’ico nyene bakoresheje amareba yabo, 12 baterera inkoni zabo hasi zica zicika inzoka. Ariko ya nkoni ya Aroni ica imiragura za nkoni zabo. 13 Farawo akomantaza umutima, ntiyabumvira nk’uko Uhoraho yari yarabivuze.

Icago c’amaraso

14 Uhoraho abarira Mose ati: "Umutima wa Farawo wakomantaye. Yanse kurekura abantu ngo bagende. 15 Muzoje kumuraba ejo mu gatondo agiye ku ruzi. Muzomutegerere ku nkengera y’uruzi Nili, muzogende mujanye na ya nkoni yacika inzoka. 16 Muzomubwire muti: ‘Uhoraho, Imana y’Abaheburayo yakudutumyeko ngo rekura abantu biwe bagende, kugira ngo baje kumusengera mu bugaragwa. Kandi gushika ubu wanse kumwumvira. 17 None rero uku ni ko Uhoraho avuze: Iki ni co kigiye kukwereka ko ndi Uhoraho: Ngira nkubitishe iyi nkoni uruzi Nili, ruce ruhinduka amaraso. 18 Amafi yo mu ruzi azoca apfa, kandi uruzi ruzonuka. Abanyegiputa ntibazoba bagisubira kunywa amazi yarwo.’ "

19 Uhoraho abarira Mose ati: "Barira Aroni uti: ‘Fata inkoni yawe, uramvure ukuboko hejuru y’amazi ya Egiputa: inzuzi zaho zose, imigende, ayari mu binogo, n’ayari mu bushinguro, yose aca acika amaraso. Amaraso aca aba ahantu hose muri Egiputa, no mu bivomesho bikozwe mu biti canke mu mabuye.’ "

20 Mose na Aroni baca babikora uko Uhoraho yabibategetse. Aroni aramvura ya nkoni ari imbere ya Farawo n’abatware biwe, akubita amazi y’uruzi Nili, ubwo nyene amazi aca ahinduka amaraso. 21 Amafi yo muri urwo ruzi aca arapfa, amazi aranuka, Abanyegiputa ntibaba bagishobora kuyanywa. Maze amaraso yuzura hose muri Egiputa.

22 Na ho nyene abanyamareba b’Abanyegiputa bakora ibisa n’ivyo, umutima wa Farawo uca urakomantara, yanka kwumvira Mose na Aroni nk’uko Uhoraho yari yabivuze. 23 Farawo aca asubira ku kirimba, ntiyanashira umutima ku vyabaye. 24 Maze Abanyegiputa bimba ibinogo i ruhande y’uruzi barondera amazi, kuko batashobora kunywa amazi y’urwo ruzi.

Icago c’ibikere

25 Nuko haca imisi indwi Uhoraho ateye ico cago urwo ruzi Nili.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-