1 Maze Mose n’Abisirayeli baririmbira Uhoraho indirimbo bati:
"Ndaririmbira Uhoraho,
kuko ashizwe hejuru cane.
Ifarasi n’uwuyigenderako
yabisutse mu kiyaga.
2 Uhoraho ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje,
yambereye agakiza.
Ni we Mana yanje, nanje nzomuhimbaza.
Ni yo Mana ya ba sogokuruza, nanje nzoyishira hejuru.
3 Uhoraho ni ingabo mu ntambara,
Uhoraho ni ryo zina ryiwe.
4 Imikogote ya Farawo hamwe n’ingabo ziwe
yabisutse mu kiyaga.
Abagabisha b’ingabo bahambaye ba Farawo
batwawe n’Ikiyaga Gitukura.
5 Amazi y’ibenga yarabarengeye,
bibiye nk’ikibuye giterewe mw’iriba.
6 Uhoraho we, ukuboko kwawe kw’i buryo
ni ukw’icubahiro n’ububasha.
Ukuboko kwawe kw’i buryo
kwatikije abansi.
7 Mu butware bwawe buhambaye
watembagaje abitambitse imbere yawe.
Warekuye uburake bwawe bw’inkazi
bubatongora nk’umuriro utongora ivyatsi.
8 Impwemu zo mu mazuru yawe
zatumye amazi yiyegeranya,
amazi y’imikuba ahagarara nk’igihome,
amazi yo mu nda y’ikiyaga akomera nk’urutare.
9 Umwansi yigamba ati:
‘Ndabakurikira kandi ndabafata.
Ndabambura ivyabo,
nongere ndabimarireko ishavu.
Ndasokorora inkota yanje,
ukuboko kwanje kubarandure.’
10 Ariko wahumetse impwemu zawe
ikiyaga kirabarengera.
Basomye nturi
nk’icuma giterewe mw’ibenga.
11 Mbega ni iyihe Mana yindi
ihwanye nawe, ewe Uhoraho?
Ni nde asa nawe? Uri uwera,
ubwiza bwawe buratangaje.
Uri uwera cane,
ukora ibitangaza.
12 Waramvuye ukuboko kwawe kw’i buryo
isi irasama imira abansi bacu.
13 Mu rukundo rwawe rudahera
warongoye abo wacunguye.
Mu nkomezi zawe
wabashikanye ahera hawe.
14 Amahanga yaravyumvise arajugumira,
Abafilisitiya bicwa n’umubabaro.
15 Abatware ba Edomu bishwe n’ubwoba,
abarongozi ba Mowabu bahinda agashitsi,
nayo Abanyakanani bacika intege;
16 bazofatwa n’ubwoba batinye.
Ububasha bw’ukuboko kwawe buzotuma
bajunja nk’ibuye,
gushika abantu bawe barenganye, ewe Uhoraho;
gushika abantu wiguriye barenganye.
17 Uzobashikanayo,
ubashimangire ku musozi w’umugabane wawe,
ikibanza witunganirije ngo abe ari ho uba, ewe Uhoraho,
Ahera wishiriyeho, ewe Mana.
18 Uhoraho araganje
ibihe vyose!"
19 Igihe amafarasi ya Farawo, imikogote yiwe n’abagendera ku mafarasi bibira mu kiyaga, Uhoraho yabateranirijeko ikiyaga, ariko Abisirayeli bagiciyemwo bagendera kw’isi yumutse. 20 Maze uwuvugishwa n’Imana Miriyamu, mushiki wa Aroni, afata ingoma arayivuza, abandi bagore bagenziwe bose na bo bifatanya na we, bafata ingoma zabo, bashirako baratamba. 21 Miriyamu aririmba avuga ati:
"Muririmbire Uhoraho,
kuko ashizwe hejuru cane.
Ifarasi n’uwayigenderako
yabitereye mu kiyaga."
22 Maze Mose arongora Abisirayeli bava ku Kiyaga Gitukura baja mu bugaragwa bw’i Shuri. Bamara imisi itatu bagenda mu bugaragwa babura amazi. 23 Bashitse i Mara, ntibashobora kunywa amazi yaho kuko yarura. Ni co gituma bahita Mara, bisigura ngo "Umururazi". 24 Maze abantu bidodombera Mose, bavuga bati: "Mbega tunywa iki?"
25 Maze Mose atakambira Uhoraho, na we amwereka agashami k’igiti. Agaterera mu mazi, ayo mazi aca ahinduka ayanyobwa.
Aho i Mara ni ho Imana yabahereye amabwirizwa n’amategeko, yongera irabasuzuma, 26 ibabwira iti: "Nimwatega ugutwi ivyo jewe Uhoraho Imana yanyu ndababwira, mugakora ibiroranye mu nyonga zanje, mugakurikiza amabwirizwa n’amategeko yanje, sinzobatera ingwara nk’izo nateye Abanyegiputa, kuko ndi Uhoraho abakiza ingwara."
27 Nuko bashika ahitwa Elimu, ahari amariba icumi n’abiri hamwe n’ibigazi mirongo indwi, baca bacumbika aho hafi y’ayo mazi.