1 Ico gihe umugabo wo mu muryango wa Lewi arongora umugore wo muri uwo muryango nyene. 2 Uwo mugore asama inda, avyara umwana w’umuhungu. Abonye ingene uwo mwana ari mwiza, aca aramunyegeza kumara amezi atatu. 3 Ariko, abonye ko atagishoboye kuguma amunyegeje, aca yakira agaseke gakozwe mu nkorogoto, aragahoma neza akoresheje ikaburimbi n’uburembo, hanyuma aca amutereka mu rufunzo rwo ku nkengera y’uruzi Nili. 4 Mushiki w’uwo mwana aca ahagarara hirya yaho kugira ngo arabe ivyomushikira.
5 Hanyuma umukobwa wa Farawo amanuka ku ruzi kwiyuhagira, incoreke ziwe na zo ziba ziratembera ku nkengera y’uruzi. Nuko abona ka gaseke kari mu rufunzo aca atuma incoreke yiwe kukamuzanira. 6 Agapfunduruye asanga karimwo umwana. Uwo mwana yariko ararira hanyuma aca amugirira impuhwe, aravuga ati: "Uwu ategerezwa kuba ari umwe mu bana b’Abaheburayo."
7 Maze mushiki w’uwo mwana aca abaza uwo mukobwa wa Farawo ati: "Nje mu Baheburayokazi kukuronderera umugore yomukwonkereza, akamurera?"
8 Na we aramwishura ati: "Egome, genda." Mushikiwe aca aja guhamagara nyina wiwe. 9 Wa mukobwa wa Farawo aramubwira ati: "Akira uwu mwana umunyonkereze, nzoguhera." Wa mugore aca aramwakira aja kumurera. 10 Umwana amaze gukura, aca amutwara kwa wa mukobwa wa Farawo, aba umuhungu wiwe. Aca amwita Mose, risobanurwa ngo: "Namukuye mu mazi."
11 Igihe kimwe, Mose amaze gukura, aja aho abantu bo mu bwoko bwiwe baba, abona n’ibikorwa biruhije bariko barakora. Niho yabona Umunyegiputa ariko arakubita Umuheburayo w’iwabo. 12 Amaze kuraba hirya no hino akabona ko ata n’umwe amubona, aca yica wa Munyegiputa, ikiziga ciwe akinyegeza mu musenyi. 13 Bukeye bw’aho asubiyeyo, abona Abaheburayo babiri bariko baragwana. Nuko abaza uwatanguye mugenziwe ati: "Ni kubera iki uriko urakubita Umuheburayo mwenewanyu?"
14 Na we aramwishura ati: "Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu? Ugomba kunyica nk’uko wishe wa Munyegiputa?" Kuva ubwo Mose aca agira ubwoba yiyumvira ati: "Bwabundi ivyo nakoze vyaramenyekanye."
15 Maze Farawo avyumvise, aca arondera ingene yokwica Mose, ariko Mose aramuhunga aja kuba mu karere ka Midiyani. Ashitseyo aja kwicara kw’iriba. 16 Kandi, hariho umuherezi w’i Midiyani yari afise abakobwa indwi, maze baza kuvoma amazi ngo buzuze ubwato ibitungwa vya sewabo binywe. 17 Nuko abandi bungere baca baraza, barabirukana, ariko Mose arahaguruka arabagwanira, banywesha ibitungwa vyabo.
18 Ba bakobwa batashe, se Reyuweli, arababaza ati: "Vyagenze gute ko mutashe kare uno musi?"
19 Na bo baramwishura bati: "Hari Umunyegiputa yadukingiye abungere, yongera atuvomera amazi duca tunywesha umukuku."
20 Aca arababaza ati: "None ari hehe? Ni kubera iki mwamusizeyo? Nimumuhamagare tumufungurire."
21 Nuko Mose aremera ubutumire, aca agumaho, abana na bo. Haheze igihe Reyuweli amuha umukobwa wiwe yitwa Zipora, aba umugore wiwe. 22 Hanyuma Zipora avyara umwana w’umuhungu, Mose amwita Gerishomu, risobanurwa ngo: "Nabaye akavantara mu gihugu kitari ic’iwacu."
23 Haciye ikindi gihe kirekire, umwami wa Egiputa arapfa. Abisirayeli batakambishwa n’imibabaro y’ubuja barimwo, bararira, maze ugutaka kwabo kuraduga gushikira Imana. 24 Imana yumva amaborogo yabo, maze yibuka isezerano yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo. 25 Iravye Abisirayeli, bayitera akagongwe.