Publicidade

Êxodo 35

Ivyagezwe bijanye n’umusi w’Isabato

1 Mose akoranya Abisirayeli bose arababwira ati: "Ibi ni vyo vyagezwe Uhoraho abahaye ngo mubishitse: 2 Muzokore ibikorwa vyanyu vya misi yose mu misi itandatu, umusi ugira indwi uzobe Isabato y’akaruhuko y’Uhoraho. Uwuzogira igikorwa na kimwe akora kw’Isabato aze yicwe. 3 Ntihaze hagire n’uwucana umucanwa mu nsago zanyu ku musi w’Isabato."

Ibikoresho vyo mw’ihema ry’ibonaniro

4 Mose abarira ikoraniro ryose ati: "Ibi ni vyo Uhoraho yadutegetse: 5 mufate mu vyo mutunze mushikanire Uhoraho. Abipfuza gushikanira Uhoraho bivuye ku mutima bazotange ibi bikurikira:

inzahabu, ifeza, umwakaka,

6 inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane hamwe n’izera derere,

n’ubwoya bw’impene,

7 insato z’intama n’iz’impene zisize irangi ritukura,

n’imbaho z’ibiti vy’ikasiya,

8 amavuta ya elayo yo gushira mu matara,

ivyo kuvanga n’amavuta y’abarobanurirwa amabango, n’ibindi bimota neza iyo bituriwe n’umuriro,

9 utubuye tw’agaciro twitwa onigisi hamwe n’utundi two gushariza efodi n’impuzu yo mu gikiriza y’umuherezi mukuru.

10 Abahinga bari muri mwebwe baheze baze kugira ngo bakore ivyo Uhoraho yatugeze:

11 Ihema n’ibiripfutse, imisumari, imbaho, ibiti vy’imitambikwa, inkingi n’ivyo zishingwako,

12 Isandugu n’imyamba yo kuyirerura n’umupfundikizo wo guhongerako, igitambara co kuyikingira,

13 imeza n’imyamba yayo yo kuyirerura, ibikoresho vyose vyo kuri iyo meza, hamwe n’imikate y’ishikanwa.

14 Igiterekwako amatara n’ibijana na co, n’amavuta yo gucana mu matara,

15 igicaniro co guturirirako ibimota neza n’imyamba yo kukirerura, amavuta yo kurobanura, ibitamirana,

igitambara co gukinga urwinjiriro rw’Ihema,

16 igicaniro co guturirirako ibimazi n’ico kwokerezako gikozwe mu mwakaka, imyamba yo kukirerura, ibikoresho bijana na co, ibesani yo gukarabiramwo n’ivyo iterekwako,

17 igitambara co kumanika ngo gipfuke urugo, inkingi zaco n’ivyo zishingwako, igitambara co mu rwinjiriro rw’urugo,

18 imambo z’Ihema n’iz’urugo, hamwe n’imigozi yazo,

19 imyambaro y’abaherezi harimwo iyejejwe ya Aroni hamwe n’iy’abahungu biwe bazokwambara bariko barakora igikorwa c’ubuherezi."

20 Nuko Abisirayeli bose baca bava imbere ya Mose, 21 kandi uwumva wese agomvye gutanga atagoberewe mu mutima yashikanira Uhoraho amashikanwa yo kwubaka Ihema ry’Ibonaniro, ayo gukora ibikorwa vyose n’ayo gukora vya vyambarwa vyejejwe. 22 Abagore, abagabo, umwe wese bivanye n’uko abikunze, batanga ivyo kwishariza vyabo vy’ubwoko bwose bikozwe mu nzahabu: amahereni yo ku matwi n’ayo ku mazuru, impeta, n’imigufu yo mw’izosi. Batanga ivyo kwishariza vy’ubwoko bwose bikozwe mu nzahabu, nk’ishikanwa ridasanzwe k’Uhoraho. 23 Abari bafise inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere, ubwoya bw’impene, insato z’impene n’iz’intama zigororotse, barazitanga. 24 Abari bafise ifeza n’umwakaka barabishikanira Uhoraho, n’abari bafise imbaho z’igiti c’ikasiya barazishikana kugira ngo zizokoreshwe. 25 Umugore wese yari afise ubuhinga bwo gutegura inyuzi yarazana inyuzi yateguye: iz’ubururu, izitukura, n’izera. 26 Kandi n’abagore bose bari bafise umutima ubikunze n’ubuhinga barategura ubwoya bw’impene bakabukoramwo inyuzi. 27 Abatware na bo bazana utubuye tw’agaciro twitwa onigisi n’utundi two gutera kuri efodi no ku mpuzu yo mu gikiriza. 28 Bazana n’ibitamirana hamwe n’amavuta ya elayo yo gucana amatara, ayo kurobanura abaherezi hamwe n’ayo kuvanga n’ibitamirana. 29 Abisirayeli bose, abagore n’abagabo, bashikanira Uhoraho bavyishakiye, bagatanga batumbereye ibikorwa Uhoraho yabategetse aciye kuri Mose.

Mose avuga ivya Bezaleli na Oholiyabu

30 Maze Mose abarira Abisirayeli ati: "Uhoraho yatoranije Bezaleli mwene Uri, umwuzukuru wa Huri, wo mu muryango wa Yuda, 31 amwuzuza Mpwemu w’Imana, ubwenge, ugutahura, ubumenyi n’ubuhinga bw’uburyo bwose, 32 kugira ngo ashobore gukora ibikorwa vy’ubuhinga mu nzahabu, mw’ifeza, no mu mwakaka. 33 Afise ubuhinga bwo gukorogoshora amabuye n’ibiti, n’ubwo gukora ibintu bitandukanye. 34 Kandi Uhoraho yamuhaye ingabire yo kwigisha abandi ubwo buhinga afatanije na Oholiyabu, mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani. 35 Uhoraho yabujuje ubuhinga bwose bwo gukora ibikorwa vyo gucura, gukorongoshora ku mabuye, no gushira udusharizo ku mpuzu bakoresheje inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere, kujisha, hamwe n’ubundi buhinga bwose bijanye, n’ubuhinga bwo kwishushaniriza ivyo bakora.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-