Publicidade

Êxodo 40

Ihema ry’ibonaniro ryubakwa

1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Ku musi wa mbere w’ukwezi, uzoshinge iryo hema, ari ryo Hema ry’Ibonaniro. 3 Uzoryinjizemwo Isandugu y’Isezerano, urikingirize ca gitambara. 4 Uzokwinjizemwo na ya meza n’ibikoresho vyayo vyose, wongere winjizeyo na kimwe co guterekako amatara, ugishireko n’amatara yaco. 5 Ca gicaniro co guturirirako imibavu gikozwe mu nzahabu ugishire imbere y’Isandugu y’Isezerano hanyuma umanike ca gitambara ku rwinjiriro rw’ihema.

6 Igicaniro co guturirirako ibimazi na co ugishire imbere y’Ihema ry’Ibonaniro, 7 uce ushira na ya besani yo gukarabiramwo hagati y’ico gicaniro n’Ihema ry’Ibonaniro, hanyuma uyuzuze amazi. 8 Uce wubaka urugo rukikuje Ihema, ushire igitambara ku rwinjiriro rw’urugo.

9 Wongere ufate ya mavuta yo kurobanura uyarobanuze Ihema n’ibiri muri ryo vyose, na vyo bizoca biba ivyejejwe. 10 Urobanure n’igicaniro co guturirirako ibimazi n’ibikoresho vyaco vyose, uceze na co kizoba cejejwe cane. 11 Urobanure na ya besani n’ivyo ihagazeko, uvyeze.

12 Uce uzana Aroni n’abahungu biwe baze ku rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro, ubogeshe ya mazi. 13 Aroni uce umwambika vya vyambarwa vyejejwe, umurobanuze amavuta, umweze kugira ngo ankorere igikorwa c’ubuherezi. 14 Uzane n’abahungu biwe ubambike imyambaro yabo. 15 Ubarobanure nk’uko warobanuye sewabo, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi. Ukwo kurobanurwa kuzobaha ubuherezi buzokwamaho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana." 16 Mose akora ivyo vyose nk’uko Uhoraho yabimutegetse.

17 Nuko rya hema rirashingwa ku musi wa mbere w’ukwezi, mu kwezi kugira kabiri kw’umwaka. 18 Mose amaze gushinga iryo hema, ategura ibishingwako inkingi, ategura imbaho n’ibitambikwa ku nkingi, yongera arashinga n’inkingi. 19 Maze arenza igitambara kw’ihema, akirenzako ibiripfuka nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.

20 Afata vya bisate vy’amabuye vy’ivyagezwe abishira mw’isandugu, ayishirako na ya myamba, afata na wa mupfundikizo wo guhongerako awutereka kuri yo. 21 Aca yinjiza ya sandugu mw’Ihema, amanika na ca gitambara co kuyihisha nk’uko Uhoraho yabimutegetse.

22 Mose yinjiza na ya meza mw’Ihema ry’Ibonaniro ayishira ku ruhande rwo mu buraruko bw’ihema, hino ya ca gitambara, 23 yongera ashirako imikate nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.

24 Atereka na kimwe giterekwako amatara mw’Ihema, aharabana n’imeza ku ruhande rwo hepfo y’ihema, 25 ashira ayo matara mu kibanza cayo nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.

26 Mose yinjiza mw’Ihema ry’Ibonaniro ca gicaniro gikozwe mu nzahabu, agitereka hino y’igitambara gikingiriye ahera, 27 maze acana ibimota neza bitamirana nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.

28 Hanyuma amanika ca gitambara ku rwinjiriro rw’ihema, 29 ashira na ca gicaniro co guturirirako ibimazi hafi y’urwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro, agitangirako ibimazi vyo kwoswa, aca agitangirako n’ishikanwa ry’ifu nk’uko Uhoraho yari yabimutegetse.

30 Atereka na ya besani hagati y’ihema ry’ibonaniro n’igicaniro, ayishiramwo amazi yo gukaraba, 31 Mose na Aroni n’abahungu biwe ni yo bakarabiramwo iminwe n’ibirenge vyabo. 32 Ni ho bakaraba igihe cose baba bagomba kwinjira mw’ihema ry’ibonaniro canke bagomba kwegera igicaniro, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.

33 Mose yongera yubaka urugo rukikuje ihema n’igicaniro, ashira na ca gitambara ku rwinjiriro rw’urugo. Maze Mose aba ararangije ico igikorwa.

Ubwiza bw’Uhoraho bwiyerekana

34 Nuko igicu gica kiramanuka gitwikira Ihema ry’Ibonaniro, ubwiza bw’Uhoraho buca bwuzura mw’ihema, 35 Mose ntiyaba akibasha kwinjira mw’Ihema ry’Ibonaniro kuko igicu cari caritwikiriye, ubwiza bw’Uhoraho bwakwiye mw’Ihema.

36 Igihe cose ico gicu cava kw’ihema, Abisirayeli baca bahaguruka bagafata urugendo bagikurikira. 37 Ariko mu gihe caba kikiri kuri iryo hema, ntibafata urugendo, bararindira gushika kiduze. 38 Igicu c’Uhoraho catwikira ihema ku murango, ariko mw’ijoro haza umuriro muri co, Abisirayeli bose babibona, mu rugendo rwabo rwose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-