Publicidade

Êxodo 23

Ivyagezwe vyerekeye imanza n’imbabazi

1 Ntugakwiragize ibinyoma. Ntukifatanye n’abanyakibi mu kubabera icabona c’ibinyoma.

2 Ntugashire aho abenshi bashize mu kibi. Niwahamagarwa kuba icabona mu rubanza, ntuzohubishe ubutungane mu gushira aho benshi bashize, 3 kandi ntimuze mugoreke urubanza kugira ngo mufashe umukene gutsinda.

4 Niwahura n’inka canke indogoba y’umwansi wawe iriko irayerera, uzoyigarure uyicure kwa nyeneyo. 5 Niwasanga indogoba y’uwukwanka yatembagaranye n’ivyo yikoreye, ntuzoyirengane. Ahubwo uzoyivyure ubiyikureko.

6 Mu mburano ntimuze murenganye umukene. 7 Ntihazogire uwo mubeshera. Ntimuzocire urwo gupfa uwutaco azira canke imvugakuri, kuko ata na rimwe nemera ko uwutagira icaha atsindwa.

8 Ntimuzorye ibiturire, kuko bihuma amaso y’ababona, bikagoramika amajambo y’intungane.

9 Ntimuze mucinyize umunyamahanga; namwe ubwanyu murazi ico ari co kuba umunyamahanga, kuko mwahoze muri abanyamahanga muri Egiputa.

Ivyagezwe vyerekeye Isabato

10 Muzomare imyaka itandatu murima amatongo yanyu mwongera mwimbura, 11 ariko umwaka ugira indwi muzoreke kurima ayo matongo, kugira ngo isi igarure akanovera; kandi muhareke haboneke ivyimeza, kugira ngo abakene bari muri mwebwe bagire ico kurya baharonka, n’ibikoko bironke ku vyo bazoba basigaje. Muzobigenze mutyo no ku nzabibu n’imyelayo yanyu.

12 Muzokore mu misi itandatu, ariko ku musi ugira indwi ntimuzokore, kugira ngo inka zanyu n’indogoba ziruhuke, n’abagurano bavukiye muri mwebwe, ndetse n’abanyamahanga basubire kuronka inkomezi.

13 Mubere maso ivyo ndababwiye vyose. Ntihagire izindi mana muzokwambaza, ntimuze mucishe amazina yazo mu kanwa kanyu.

Imisi yo guhimbaza mu mwaka

14 Ku mwaka muze mugire imisi mikuru itatu ku bwanje.

15 Ubwa mbere muzongirira umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro. Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro, nk’uko nabibategetse. Uwo musi muze mwame muwugira ibihe vyose mu kwezi kwa Abibu, kuko ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa.

Ntihaze hagire umuntu aza imbere yanje ata shikanwa anzaniye.

16 Ubwa kabiri, muzohimbaze umusi mukuru w’ivyimburwa vya mbere mukuye mu mirima yanyu.

Hanyuma muzohimbaze n’umusi w’umwimbu wa vyose mu mpera y’umwaka, mwegeranije ivyimburwa vyo mu mirima yanyu.

17 Muri iyo misi mikuru itatu, izina muhungu wese w’Umwisirayeli aze yame arenguka imbere y’Uhoraho Nyeninganji.

18 Ntimuze munshikanire amaraso y’ibimazi ari kumwe n’ikindi kintu ico ari co cose kirimwo umwambiro.

Ibinure vyo mu vyo muzonshikanira muri iyo misi mikuru ntibize birare ngo bishike mu gitondo.

19 Muze mushikane mu nzu y’Uhoraho Imana yanyu ivyeze ku mwimbu wa mbere unoboye w’imirima yanyu.

Ntimuze muteke umwagazi w’impene mu mata ya nyina.

Umumarayika abaja imbere

20 Raba, ndungitse umumarayika imbere yanyu ngo abarongore gushika abashikane aho nabateguriye. 21 Muze mumutege amatwi, mwumvire ico azobabwira cose. Ntimuzomugararize, kuko ntazokwihanganira ubugarariji bwanyu, kuko izina ryanje riri muri we. 22 Nimwumvira rwose ivyo azobabwira, mugakora ivyo nababwiye vyose, nzoba umwansi w’abansi banyu, kandi nzogwanya ababagwanya. 23 Umumarayika wanje azobarongora abashitse mu gihugu c’Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abanyakanani, Abahiwi n’Abayebusi, nanje nzobarandura bose. 24 Ntimuzokwunamire imana zabo canke ngo muzisenge, canke ngo mwigane imigenzo yabo. Muzozisangangure mwongere mumenagure amabuye yazo muyace ubunywenywe. 25 Muze musenge Uhoraho Imana yanyu, imigisha yiwe izoba ku vyokurya no ku mazi yanyu, nanje nzobarinda ingwara. 26 Nta gukorora inda canke kuba ingumba bizoba mu gihugu canyu. Nzobaha kuramba.

27 Nzorungika igitinyiro canje kije imbere yanyu, ntere ubwoba abantu bo mu gihugu mugiye kwinjiramwo. Nzotuma abansi bari imbere yanyu bose babahunga. 28 Nzorungika amavubi abitangire imbere yirukane Abahiwi, Abanyakanani, n’Abaheti. 29 Ariko sinzobirukana mu mwaka umwe, kuko igihugu cohinduka ishamba, hakagwira ibikoko bikabatera. 30 Nzobirukana bukebuke nkurikije uko muzoba mungana, gushika aho muzoba mwagwiriye mukuzura igihugu cose.

31 Nzobashingira akarimbi uhereye ku Kiyaga Gitukura ukageza ku Kiyaga Mediterane, no kuva ku bugaragwa buri mu buseruko ukageza ku ruzi Efurate. Nzorekurira mu maboko yanyu ababa muri ico gihugu, namwe muze mubirukane. 32 Ntihaze hagire isezerano mugirirana na bo canke ngo murigirirane n’imana zabo. 33 Ntimuzobareke ngo babe mu gihugu canyu, kuko botuma muncumurako. Nimwasenga imana zabo muzoba muguye mu mutego wo gusenga ibigirwamana."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-