1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Barira Abisirayeli basubire inyuma, bacumbike ahitwa Pi Hahiroti, hagati ya Migidoli n’ikiyaga. Bacumbike i ruhande y’ikiyaga, aharabana na Bayali-Zefoni. 3 Farawo azokwibaza ati: ‘Abisirayeli bazimiye bariko barayerera, bazazaniwe, ubugaragwa bwabahindukiye nk’ibohero.’ 4 Nanje nzokomantaza umutima wa Farawo kugira ngo abakurikire. Hanyuma nzohesha izina ryanje icubahiro nciye kuri Farawo n’ingabo ziwe, kandi Abanyegiputa bazomenya ko ndi Uhoraho." Maze Abisirayeli bacumbikaho nk’uko Uhoraho yabibabwiye.
5 Umwami wa Egiputa yumvise ko Abisirayeli bagiye, Farawo n’abatware biwe baca barisubirako bati: "Mbega ibi twakoze ni ibiki? Twararetse Abisirayeli baragenda none ibikorwa vyose bahora badukorera birabuze ababikora!" 6 Nuko Farawo ategura umukogote wiwe, akoranya n’ingabo ziwe. 7 Afata imikogote amajana atandatu ya mbere ikomeye, ajana n’imikogote yose yo muri Egiputa, umwumwe wose waba urimwo abasoda bakuru. 8 Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, umwami wa Egiputa, akurikira Abisirayeli, kandi abo Bisirayeli bari bavuye muri ico gihugu bagenda bashize amanga rwose. 9 Abanyegiputa bagizwe n’abagendera ku mafarasi no ku mikogote bose, bakurikira Abisirayeli, babasanga aho bacumbitse i ruhande y’ikiyaga, hafi ya Pi Hahiroti, aharabana na Bayali-Zefoni.
10 Farawo abegereje, Abisirayeli bunamura amaso babona Abanyegiputa babakurikiye, bagira ubwoba bwinshi, baririra Uhoraho. 11 Babarira Mose bati: "Mbega muri Egiputa nta mva zariyo aho warinda utuzana gupfira mu bugaragwa? Kubera iki wadukuye muri Egiputa? 12 Ntitwari twakubwiye tuti: ‘Tureke dukorere Abanyegiputa’? Twopfuma dukorera Abanyegiputa hako tuza gupfira mu bugaragwa."
13 Mose arabishura ati: "Ntaco mutinya. Nimwihagararire gusa murabe agakiza Uhoraho agira abazanire uno musi. Aba Banyegiputa mubona uno musi, ntimuzosubira kubabona. 14 Uhoraho agira abagwanire mwebwe nimutekereze gusa."
15 Maze Uhoraho abarira Mose ati: "Ni iki gitumye untakambira? Barira Abisirayeli babandanye urugendo. 16 Nawe manika inkoni yawe uramvurire ukuboko kwawe hejuru y’ikiyaga, ugicemwo kabiri kugira ngo Abisirayeli babone kugicamwo nk’abagendera kw’isi yumutse. 17 Ngira nkomantaze imitima y’Abanyegiputa kugira ngo babakurikire. Ndihesha icubahiro kuri Farawo n’ingabo ziwe, ku mikogote yiwe no ku bagendera ku mafarasi biwe. 18 Abanyegiputa bazomenya ko ndi Uhoraho ninihesha icubahiro kuri Farawo n’ingabo ziwe, ku mikogote yiwe no ku bagendera ku mafarasi biwe."
19 Maze umumarayika w’Imana yahora agendera imbere y’ingabo z’Abisirayeli, arahindukira aja inyuma yabo. Ya nkingi y’igicu na yo nyene iva imbere yabo, ibaja inyuma, 20 ija hagati y’ingabo z’Abanyegiputa n’Abisirayeli. Mw’ijoro, ku ruhande rumwe rw’ico gicu haba umwijima, ku rundi ruhande hakaba umuco; bituma Abanyegiputa bategerana n’Abisirayeli burinda buca.
21 Maze Mose aramvurira ukuboko hejuru ya ca kiyaga, Uhoraho aca ahuhutisha umuyaga uvuye mu buseruko usubiza ikiyaga inyuma, uca inzira. Uwo muyaga uhuhuta ijoro ryose gushika aho hasi mu kiyaga hasigara ari isi yumutse. 22 Abisirayeli baraheza baca mu kiyaga cari cigabuyemwo kabiri, bagendera kw’isi yumutse, amazi ameze nk’ibihome i buryo n’i bubamfu.
23 Abanyegiputa barabakurikira. Abagendera ku mafarasi n’abagendera mu mikogote ba Farawo bose barabakurikira no gushika mu kiyaga. 24 Ariko nko mu mutwenzi bugira buce, Uhoraho yihweza ingabo z’Abanyegiputa ari muri ya nkingi y’umuriro, maze azisukamwo umuvurungano, 25 atuma amapine y’imikogote afata hasi, vyanka ko bayikwega. Abanyegiputa baravugana bati: "Ehe nimuze tuve inyuma y’aba Bisirayeli. Uhoraho ari ku ruhande rwabo agwanya Abanyegiputa."
26 Maze Uhoraho abarira Mose ati: "Ramvurira ukuboko kwawe hejuru y’ikiyaga kugira ngo amazi ateranire ku Banyegiputa n’imikogote yabo n’abagendera ku mafarasi." 27 Nuko Mose aramvurira ukuboko kwiwe hejuru ya ca kiyaga, maze mu mutwenzi ikiyaga kiraterana, gisubira uko cahora. Abanyegiputa bagerageza guhunga, ariko Uhoraho abahonereza mu kiyaga. 28 Amazi araterana, arengera imikogote n’abagendera ku mafarasi, hamwe n’ingabo za Farawo zose zari zakurikiye Abisirayeli mu kiyaga. Nta n’umwe muri bo yarokotse.
29 Ariko Abisirayeli baciye mu kiyaga bagendera kw’isi yumutse, bahagatiwe n’impome z’amazi i buryo n’i bubamfu. 30 Uwo musi Uhoraho akiza Abisirayeli ukuboko kw’Abanyegiputa, Abisirayeli babona imivyimba y’Abanyegiputa yandagaye ku nkengera z’ikiyaga. 31 Abisirayeli babonye ukuboko kw’inkomezi Imana yerekanye mu kugwanya Abanyegiputa, bahindira agashitsi imbere y’Uhoraho, baramwizera, bizera na Mose umusavyi wiwe.