Publicidade

Êxodo 39

Bakora ivyambarwa vy’ubuherezi

1 Abahinga karuhariwe bakorera Aroni imyambaro myiza yejejwe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’ivyo azokwambara ariko arakora igikorwa c’ubuherezi, babikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.

Bakora Efodi

2 Bakora efodi mu nyuzi z’inzahabu, iz’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza. 3 Bafashe inzahabu barazihonda n’inyundo gushika aho baronka ibati rihwahutse, baricagaguramwo udutsinga, batwongera mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere, bikorwa n’abahinga karuhariwe. 4 Efodi yari igizwe n’ibitambara bibiri, kimwe c’inyuma n’ikindi c’imbere, bigafatanirizwa ku mfuruka zavyo ku bitugu kugira ngo bigume. 5 Umukanda wo kuyikenyeza wari ukozwe ku buhinga mu gitambara cayo, bifatanijwe. Wari usharijwe n’inzahabu, uriko inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, kandi bayikora nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.

6 Batunganya utubuye tw’agaciro twitwa onigisi badutera ku dusharizo tw’inzahabu batwandikako amazina y’abana ba Isirayeli nka kurya bandika ku kidodo. 7 Utwo dusharizo baca badutera kuri vya bitambara vya efodi bifatanira ku bitugu, ngo tuzobe utubuye tw’icibutso ku Bisirayeli nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.

Bashona umufuko wo mu gikiriza

8 Bashona n’umufuko wo mu gikiriza, ushonwa n’abahinga karuhariwe. Na wo nyene bawujisha nk’uko bajisha efodi, mu nyuzi z’inzahabu zongewe mu z’ubururu, izitukura, izitukura cane, n’izera derere zihinze neza. 9 Wari umufuko ushonywe mu gitambara kizinzemwo kabiri, ufise impande zine zingana, uruhande rwose rungana n’ingero imwe y’intoke. 10 Bawuterako imirongo ine y’utubuye tw’agaciro. Umurongo wa mbere wari ugizwe n’utwitwa saruduwane, topazi na emerode; 11 uwa kabiri wari ugizwe n’utwitwa turikwaze, lapisi lazuli na diyama; 12 uwa gatatu wari ugizwe n’utwitwa yasente, agate, na ametisite; 13 mu wa kane harimwo utwitwa kirizolite, onigisi, na yasipi. Twagenda twomekwa ku dusharizo tw’inzahabu. 14 Twari utubuye icumi na tubiri mu bwoko bumwebumwe bwose, kamwekamwe kw’izina ry’umuryango w’Abisirayeli, kandi izina ry’uwo muryango ryari ryanditswe nk’uwandika ku kidodo.

15 Uwo mufuko wo mu gikiriza bawukorera imigufu mu nzahabu itavanze, imeze nk’imigozi ihinze. 16 Bacura udusharizo tubiri n’imiringa ibiri y’inzahabu, iyo miringa ibiri bayitera ku mfuruka zibiri zo hejuru ya wa mufuko wo mu gikiriza. 17 Ya migufu na yo bayifatisha kuri iyo miringa iri ku mfuruka z’uwo mufuko, 18 maze iyindi mitwe y’iyo migufu bayifatanya na twa dusharizo duteye kuri ca gitambara ca efodi co mu bitugu, duteye amaja imbere. 19 Bongera bacura n’iyindi miringa ibiri, bayishira ku zindi mfuruka zibiri za wa mufuko wo mu gikiriza, ku ruhande rw’imbere ahahereranye na efodi. 20 Bacura iyindi miringa ibiri y’inzahabu, bayifatisha musi ya vya bitambara bibiri vya efodi bihurira ku bitugu, ku ruhande rw’imbere, hafi y’aho bihurira hejuru gato y’umukanda wa efodi. 21 Bafatanya ya miringa ya ya mpuzu yo mu gikiriza, bayifatanya n’imiringa ya efodi n’umugozi usa n’ubururu ufatanye n’uwo mufuko n’umukanda, gutyo ntuze urazungazunga ariko ngo ufate kuri efodi. Nuko babikora nk’uko Mose yabibategetse.

Bakora n’ibindi vyambarwa vy’ubuherezi

22 Bashona ikanzu yo kwambarirako Efodi mu gitambara kimwe gisa n’ubururu, 23 bayiha intoboro hagati na hagati, bayibaririrako akandi kajishano kayikikuje, kugira ngo iyo kanzu ntizohereho itabuka. 24 Umusozo w’iyo kanzu bawuterako udusharizo dusa n’ivyamwa vy’amakomamanga mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera zihinze neza. 25 Bacura n’udukengeri mu nzahabu itavanze, badufatisha ku ntango, hagati ya twa dusharizo tw’amakomamanga. 26 Utwo dukengeri twaza turakurikirana na twa dusharizo, bikikuje umusozo w’iyo kanzu yo kwambarwa n’umuherezi nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.

27 Bashonera Aroni n’abahungu biwe imyambaro isharijwe n’amabara mu nyuzi zera derere. 28 Bashona n’igitambara co kwizingira mu mutwe, bagishona mu nyuzi zera, hamwe n’impuzu zo musi, zijishwa mu nyuzi zera zihinze neza. 29 Igitambara co mu bitugu kimanuka imbere cari kijishwe mu nyuzi zera zihinzwe neza, iz’ubururu n’izitukura nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.

30 Maze bacura agasharizo kabase mu nzahabu itavanze kameze nk’ishurwe, bakandikako nk’uwandika ku kidodo bati:

Yerejwe Uhoraho.

31 Baca bakambika umugozi usa n’ubururu bagafatisha kuri ca gitambara co kwambara mu mutwe, nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.

Mose asuzuma ibikoresho vy’Ihema ry’Ibonaniro

32 Uko ni ko ibikorwa bijanye n’Ihema ry’Ibonaniro vyarangiye. Abisirayeli bakoze vyose nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose. 33 Maze bazanira Mose iryo hema:

ivyo kuripfuka n’ibijanye na vyo, ibikwashu, imbaho, ibiti vy’imitambikwa, inkingi n’ivyo zishingwako;

34 ivyo kurenzako bikozwe mu nsato z’intama zizize mu gahama n’izindi nsato z’agaciro hamwe n’ibitambara vyo gukinga Ahera Cane;

35 bazana Isandugu y’Isezerano n’imyamba yo kuyirerura n’umupfundikizo wo guhongerako;

36 imeza n’ibikoresho vyose vyo kuri iyo meza, hamwe n’imikate y’ishikanwa;

37 bazana n’igiterekwako amatara gicuzwe mu nzahabu itavanze, n’amatara yaco hamwe n’ibijana na co vyose, n’amavuta ya elayo yo gucana mu matara;

38 igicaniro gikozwe mu nzahabu, amavuta yo kurobanura, ibitamirana, igitambara co gukinga urwinjiriro rw’Ihema;

39 igicaniro gikozwe mu mwakaka, ico kwokerezako gikozwe mu mwakaka nyene, imyamba yo kukirerura, ibikoresho bijana na co;

ibesani yo gukarabiramwo n’ivyo iterekwako;

40 igitambara co kumanika ngo gipfuke urugo, inkingi zaco n’ivyo zishingwako, igitambara co mu rwinjiriro rw’urugo,

imigozi, imambo z’urugo

n’ibikoresho vyose bikenewe mw’Ihema ry’Ibonaniro;

41 imyambaro y’abaherezi harimwo iyejejwe ya Aroni hamwe n’iy’abahungu biwe bazokwambara bariko barakora igikorwa c’ubuherezi.

42 Abisirayeli bakoze vyose nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose. 43 Mose asuzuma ibikorwa vyose asanga babikoze nk’uko Uhoraho yabitegetse, aca arabahezagira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-