1 Abisirayeli bose bava ahitwa Elimu bashika mu bugaragwa b’i Sini, buri hagati ya Elimu na Sinayi, hari ku musi ugira icumi na gatanu wo mu kwezi kugira kabiri kuva bavuye muri Egiputa. 2 Muri ubwo bugaragwa, bidodombera Mose na Aroni. 3 Abisirayeli babawira bati: "Iyo Uhoraho apfuma atwiyicira we nyene tukiri muri Egiputa! Hariya ho twaricara ku nkono z’inyama, tukarya n’imikate tugahimba. Ariko raba mwatuzanye muri ubu bugaragwa kutwicisha inzara."
4 Uhoraho aca abarira Mose ati: "Ngiye kubakororera imikate iva mw’ijuru. Abantu bose bazohore bazinduka mu gatondo, batore iyo bakeneye ku musi gusa. Iki ni co nzobageragerezako kugira ngo ndabe ko bazokurikiza ivyo ndabategetse. 5 Ku musi ugira gatandatu, baze begeranye incuro zibiri iyo bahora begeranya ku yindi misi."
6 Nuko Mose na Aroni baca babwira Abisirayeli bati: "Muri iri joro muraja kumenya ko Uhoraho ari we yabakuye muri Egiputa, 7 kandi ejo mu gatondo muzobona ubwiza bw’Uhoraho, kuko yumvise ingene mwamwidodombeye. Mbega twebwe twakoze iki aho mutwidodombera?" 8 Mose yongera arababwira ati: "Uhoraho agiye kubaha inyama muzorya mw’ijoro n’imikate izobahaza mu gatondo, kuko yumvise ingene mwamwidodombeye. Mbega twebwe turi iki? Si twebwe mwidodombeye, ahubwo mwidodombeye Uhoraho."
9 Maze Mose abarira Aroni ati: "Barira imiryango yose y’Abisirayeli uti: ‘Nimuze imbere y’Uhoraho, kuko yumvise ukwidodomba kwanyu.’ "
10 Aroni akiriko aravugana n’imiryango yose ya Isirayeli, batereza amaso mu bugaragwa, babona ubwiza bw’Uhoraho bugaragariye mu bicu.
11 Uhoraho abarira Mose ati: 12 "Numvise ukwidodomba kw’Abisirayeli. Babwire uti: ‘Ku mugoroba w’ijoro, muraja kurya inyama, ejo mu gitondo na ho muzorya imikate muhage. Ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho Imana yanyu.’ "
13 Kuri uwo mugoroba haza inkware, zuzura aho bacumbitse hose. Mu gatondo na ho haza urume rwinshi rukikuza aho bari bacumbitse. 14 Rwa rume ruheze, hasigara utuntu tumeze nk’utuvunguka tw’imikate twinshi kandi twuzuye hasi. 15 Abisirayeli babibonye barabazanya bati: "Mbega ibi ni ibiki?" Kuko batigeze bamenya ivyo ari vyo.
Mose arababwira ati: "Uwo ni umukate Uhoraho yabahaye ngo murye." 16 Uhoraho yategetse ati: "Umuntu wese yegeranye ibimuhagije, ajane ingero omeru zikwiye ababa mw’ihema ryiwe."
17 Abisirayeli babikora uko babibwiwe, bamwe begeranya vyinshi, abandi bike. 18 Bamaze kubigera ku ngero yitwa omeru, abegeranije vyinshi basanga ntibirenze na gato ivyo bakeneye, abegeranije bike na bo nyene basanga ntaco bakeheje ku vyo bari bakeneye. Umuntu wese yegeranije, yasanga afise ibihwanye n’ivyo yari akeneye.
19 Mose arababwira ati: "Ntihaze hagire uwubiraza gushika mu gatondo."
20 Yamara hari abatumviye Mose, barabiraza gushika mu gitondo, ariko basanga vyamaze kuzamwo inyo, binuka nabi. Maze Mose arabarakira.
21 Imisi yose mu gatondo, umuntu wese yategerezwa kwegeranya iyo akeneye yose, kuko izuba rimaze gukara yaca ishonga. 22 Ku musi ugira gatandatu begeranya nk’iyo bahora begeranya incuro zibiri, ni ukuvuga ingero omeru zibiri ku muntu, maze abakuru barongoye abandi baraza babibarira Mose. 23 Na we arababarira ati: "Uku ni ko Uhoraho yategetse: ‘Ejo uzobe umusi w’akaruhuko, Isabato yera y’Uhoraho. Genda mutegure ivyokurya mukeneye, ibisigara mubiraze bibe ivy’ejo.’ "
24 Maze barabiraza gushika mu gatondo nk’uko Mose yari yabibategetse, kandi ntivyigeze bibora canke ngo binuke. 25 Mose arababwira ati: "Ivyo mubirye uno musi, kuko ari Isabato y’Uhoraho. Uno musi nta bindi muza gusanga vyandagaye hasi. 26 Muzomara imisi itandatu muvyegeranya, ariko ku musi w’indwi ari wo w’Isabato ntibizoza."
27 Ariko, hariho abagiye kuvyegeranya ku musi w’indwi, mugabo ntibagira ico bahasanga. 28 Maze Uhoraho abarira Mose ati: "Mbega abo bantu bazogeza ryari kutumvira amabwirizwa yanje n’ivyo ndabihanikiriza? 29 Bategerezwa gutahura ko Uhoraho yabahaye Isabato nk’ingabire. Ni co gituma ku musi wa gatandatu yabahaye ivyokurya vy’imisi ibiri. Umwe wese azogume iwe ku musi ugira indwi, ntihazogire uwuja hanze kurondera ivyokurya." 30 Nuko abantu bose bararuhuka nta wongeye kuja kwegeranya ivyokurya ku musi ugira indwi.
31 Abisirayeli bita uwo mukate manu. Uwo mukate wera nk’utubuto tw’igiterwa citwa koriyanderi ugasosa nk’uwurimwo ubuki. 32 Mose aravuga ati: "Uku ni ko Uhoraho ategetse: ‘Mufate ingero omeru imwe ya manu, muyibike kugira ngo n’abuzukuruza banyu bazobone umukate nabahereye mu bugaragwa igihe nabakura muri Egiputa.’ "
33 Maze Mose abarira Aroni ati: "Fata agakono, ugashiremwo ingero omeru imwe ya manu. Ugatware ugashire imbere y’Uhoraho, ukabikire urunganwe ruzoza."
34 Nuko Aroni abikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose, abika ya manu mw’Isandugu y’Isezerano, i ruhande ya vya bisate vy’amabuye vyanditseko amabwirizwa. 35 Abisirayeli bamaze imyaka mirongo ine barya manu kugeza bashitse mu gihugu bari bagiye kubamwo. Bariye manu gushika bashitse ku rubibe rw’i Kanani.
36 Ingero bakoresha mu kugera manu yitwa omeru, yari ic’icumi c’ingero yitwa efa.