Publicidade

Êxodo 22

Ivyagezwe vyerekeye gusonera ivy’abandi

1 Nihagira uwiba inka canke intama, akayibaga canke akayigurisha, azorihe inka zitanu zo gushumbusha nyene iyo nka, n’intama zitanu zo gushumbusha nyene iyo ntama.

2 Umusuma niyicwa ariko aramena inzu y’umuntu, uwumwishe ntazoharurweko amaraso yiwe. 3 Ariko bibaye izuba ryamaze guseruka, uwuzomwica azoharurweko amaraso yiwe.

Umusuma wese azofatwa azosubize ivyo yivye vyose, niyaba ata co afise co kubiriha, azogurishwe kugira ngo ivyo yivye birihwe. 4 Nihagira uwiba inka canke indogoba canke intama hanyuma akayifatanwa, uwo musuma azobirihe incuro zibiri.

5 Umuntu niyaragira ibitungwa vyiwe mu mirima yiwe canke mu ruzabibu rwiwe, hanyuma akonesha umurima w’abandi, azorihe ku mwimbu wiwe mwiza wa mbere w’imirima yiwe canke inzabibu ziwe.

6 Nihagira uwuturira ishamba hanyuma umuriro ukarandagata, ugashikira umurima w’uwundi, ugaturira ingano zitekeye canke izihagaze canke umurima wose; uwawudometse azorihe ivyo uzoba waturiye vyose.

7 Umuntu niyabitsa umubanyi wiwe ifeza canke inzahabu kugira ngo abishingure neza hanyuma bikibirwa mu nzu y’uwo mubanyi, uwavyivye niyafatwa azobirihe incuro zibiri. 8 Ariko uwavyivye natafatwa, nyene iyo nzu azorenguke imbere y’Imana kugira ngo basuzume ko atari we yavyivye. 9 Nihagira abantu bagira amatati bagapfa inka, indogoba, intama, impuzu canke ikindi kintu cose catakaye umwe wese yiyitirira, bompi bazoze imbere y’Imana. Uwuzotsindwa azobirihe mugenziwe incuro zibiri.

10 Umuntu niyabikisha mugenziwe indogoba, inka, intama canke ikindi gitungwa ico ari co cose, hanyuma kigapfa canke kigakomereka, canke kikibwa ata wundi yabibonye, 11 uwo yari abitunze azorahirire imbere y’Uhoraho. Uhoraho niyemeza ko uwo mubanyi ata co yivye, nyene co azovyemere, kandi ntaze yake indishi. 12 Ariko nibasanga yaraciyibishije, azohe indishi nyene co. 13 Nimba catabaguwe n’igikoko, azozane ibisigarira kugira ngo bibe ivyemeza: ntazoheza ngo abazwe ico gitungwa.

14 Umuntu niyatira igitungwa kwa mugenziwe hanyuma kigakomereka canke kigapfa nyene co atari ho ari, uwagitiye azokirihe. 15 Ariko hagize ico kiba nyene co ari ngaho, uwagitiye ntazokirihe. Nimba igitungwa cari cakoteshejwe, amahera cakoteshejwe azobe ari yo ndishi.

Ivyagezwe vyerekeye imibano

16 Nihagira uwuryosharyosha inkumi itarakobwa akayisambanya, azorihe inkwano nk’uko umugenzo ubitegekanya, ace aba umugore wiwe. 17 Ariko se w’umukobwa niyanka kumumuha, na ho nyene azotange inkwano itangirwa inkumi.

18 Ntimuzoreke abarozi ngo babeho.

19 Nihagira uwusambana n’igikoko azokwicwe.

20 Nihagira uwutangira ikimazi iyindi mana atari jewe Uhoraho azorandurwe.

21 Ntimugakorere ikibi umunyamahanga canke ngo mumurenganye, kuko namwe mwigeze kuba abanyamahanga muri Egiputa.

22 Ntimukarenganye abapfakazi n’impfuvyi. 23 Nimwabarenganya bakandirira, nzokwumva amarira yabo. 24 Uburake bwanje buzoziriringa ndabaranduze inkota, abagore banyu babe abapfakazi, abana banyu na bo babe impfuvyi.

25 Nimwagurana amahera umwe mu bantu banje ari muri mwebwe akenye, ntimuzobikore nk’abadandaza, ntihagire inyungu muzomusaba. 26 Niwaka mugenzawe umutamana nk’ingwati, izuba ntirizorenge utarawumusubiza, 27 kuko uwo mutamana ushobora kuba ari wo wonyene afise wo kwipfuka. Nutawumusubiza azoheza yipfuke iki mw’ijoro? Niyandirira nzokwumva amarira yiwe, kuko ndi umunyembabazi.

28 Ntimugatuke Imana, canke ngo muvume abaganza ubwoko bwanyu.

29 Ntimuze mwigungireko ngo mureke kunshikanira amashikanwa yo ku mwimbu wanyu no ku binyobwa vyanyu.

Muzonshikanire abana banyu b’abahungu b’imfura. 30 Muzobikore mutyo no ku bitungwa vyanyu. Umwagazi canke inyana izomarane na nyina wayo imisi indwi, ku musi ugira umunani muzozinshikanire.

31 Muri abantu banje bejejwe; none rero ntimuzorye inyama z’igitungwa cishwe n’igikoko. Muzogiterere imbwa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-