Publicidade

Êxodo 13

Ivyo gushikanira Uhoraho ibivutse ubwa mbere

1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Muzonyegurire icavutse ubwa mbere cose mu Bisirayeli. Icavutse ubwa mbere cose kizoba icanje, ari mu bantu canke mu bitungwa."

3 Maze Mose abarira abantu ati: "Muzokwame muhimbaza uwu musi, uwo Imana ibakuriyeko muri Egiputa, ikabakura mu gihugu c’ubuja, kuko Uhoraho abakujeyo ukuboko kwiwe kw’inkomezi. Ntihaze hagire ikintu na kimwe murya kirimwo umwambiro. 4 Uwu musi, mu kwezi kwa Abibu, mugira mugende. 5 Uhoraho niyabashikana mu gihugu c’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abahiwi n’Abayebusi, igihugu yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha, igihugu gitemba amata n’ubuki, muzokwame muhimbaza uwu musi mukuru muri uku kwezi nyene ku mwaka ku mwaka. 6 Muzomare imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro, hanyuma ku musi ugira indwi muhimbaze umusi mukuru w’Uhoraho. 7 Muzorye imikate itarimwo umwambiro muri iyo misi indwi, ntihaze hagire ikintu na kimwe kirimwo umwambiro kiba muri mwebwe, canke mu karere mubamwo. 8 Kuri uwo musi umuntu wese azobwire abana biwe ati: ‘Ibi ndabikora mu kwibuka ivyo Uhoraho yadukoreye igihe yadukura muri Egiputa.’ 9 Uwo musi mukuru uzobabera nk’ikimenyetso co ku maboko, n’icibutso co mu ruhanga, kugira ngo Ivyagezwe vy’Uhoraho vyame mu kanwa kanyu, kuko Uhoraho yabakuje muri Egiputa ukuboko kwiwe kw’inkomezi. 10 Muzokwame mwibuka iki cagezwe c’uwu musi ibihe vyose uko umwaka uheze.

11 Uhoraho niyamara kubashikana mu gihugu c’Abanyakanani akakibaha nk’uko yakibasezeraniye, akagisezeranira na ba sogokuruza, 12 muzomwegurire imfura yose ivutse y’umuhungu. Kandi igitungwa cose kizovuka ubwa mbere ari ic’igitsina gabo ni ic’Uhoraho. 13 Ibaye ari indogoba, mu gishingo cayo muze mushikane umwagazi w’intama. Bitabaye uko, muzoyivune izosi. Umwana w’umuhungu w’imfura na we nyene azocungurwe.

14 Mu bihe bizoza, abana banyu nibababaza bati: ‘Mbega ivyo none bisigura iki?’ Muzobishure muti: ‘Uhoraho yadukuye mu buja mu gihugu ca Egiputa adukujeyo ukuboko kwiwe kw’inkomezi. 15 Igihe Farawo yakomantaza umutima akatwankira kuvayo, Uhoraho yishe imfura z’abahungu zose z’Abanyegiputa, yica n’imfura zose z’ibitungwa. Ni co gituma dushikanira Uhoraho ikimazi c’ivy’imfura vyose vy’igitsina gabo, abahungu bacu b’imfura na bo tukabacunguza umwagazi w’intama.’ 16 Uwo musi mukuru uzobabere nk’ikimenyetso ku maboko yanyu canke ikimeyetso ku ruhanga rwanyu, kizobibutsa ko Uhoraho yadukuje muri Egiputa ukuboko kwiwe kw’inkomezi."

Abisirayeli bajabuka Ikiyaga Gitukura

17 Igihe Farawo yarekura abantu ngo bagende, Imana ntiyabacishije mu nzira itumbereye mu gihugu c’Abafilisitiya, n’aho ari yo yari inzira ya hafi. Kubera yuko Imana yavuga iti: "Hamwe bohura n’intambara bohava bahindura ivyiyumviro, bagasubira muri Egiputa." 18 Maze Imana ibazungurukisha mu nzira yo mu bugaragwa ahatumbereye ku Kiyaga Gitukura, kandi Abisirayeli bavuye muri Egiputa biteguye kurya kw’ingabo zigiye ku rugamba.

19 Mose yagiye ajanye amagufa ya Yosefu kuko Abisirayeli bari bararahiye Yosefu ko bazoyajana. Yari yababwiye ati: "Ndazi neza ko Imana itazobura kubibuka. Niyabibuka muzogende mujanye amagufa yanje muyakure muri iki gihugu."

20 Bavuye i Sukoti baciye bacumbika ahitwa Etamu ku mpera y’ubugaragwa. 21 Uhoraho yabaja imbere ku murango ari mu nkingi y’igicu, mw’ijoro na ho akabaja imbere ari mu nkingi y’umuriro kugira ngo abamurikire, bashobore kubandanya urugendo ku murango no mw’ijoro. 22 Iyo nkingi y’igicu ntiyigera iva imbere yabo ku murango, n’iyo nkingi y’umuriro ntiyabava imbere mw’ijoro.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-