Publicidade

Êxodo 24

Uhoraho akomeza isezerano

1 Uhoraho abarira Mose ati: "Duga aho ndi, mwe na Aroni, na Nadabu, na Abihu, n’abakuru barongoye abandi mirongo indwi bo mu Bisirayeli. Munsenge muhagaze kure. 2 Mose wenyene abe ari we yegera Uhoraho. Ariko abandi ntibanyegere kandi ntihagire n’uwudugana na we ku musozi."

3 Maze Mose aramanuka, yiganira abantu ivyagezwe n’amabwirizwa Uhoraho abahaye. Abantu bose bishurira rimwe bati: "Ivyo Uhoraho adutegeka vyose tuzobikora." 4 Nuko Mose yandika ivyo Uhoraho yamubariye vyose.

Bukeye azinduka kare yubaka igicaniro ku ntango y’uwo musozi, ashinga n’inkingi z’amabuye icumi na zibiri zerekana imiryango icumi n’ibiri ya Isirayeli. 5 Maze arungika abasore b’Abisirayeli bashikanira Uhoraho ibimota neza n’ibimazi vy’amashuri biturirwa n’umuriro, hamwe n’ibimazi vy’ishimwe. 6 Mose afata igice c’amaraso yavyo ayashira mw’ibesani, ayandi ayamija ku gicaniro. 7 Hanyuma afata igitabu c’isezerano, agisomera abantu. Na bo basubira kwishurira rimwe bati: "Ivyo Uhoraho atubwiye vyose tuzobikora; tuzomwumvira."

8 Maze Mose aca afata ya maraso ari mw’ibesani ayamijagira ku bantu arababwira ati: "Aya ni amaraso y’isezerano Uhoraho agiranye namwe, nk’uko ayo majambo yose avuze."

9 Inyuma y’ivyo, Mose aca adugana na Aroni na Nadabu, na Abihu, na ba bakuru mirongo indwi bo mu Bisirayeli 10 maze babona Imana, musi y’ibirenge vyayo hari hameze nk’ahashashe utubuye tw’agaciro twitwa lapisi lazuli, hasa n’ijuru ritagirako igicu. 11 Kandi Uhoraho ntiyagize ico agira abo bakuru b’Abisirayeli; maze bibonera Imana, bararya, baranywa.

12 Uhoraho abarira Mose ati: "Duga aho ndi ngaha ku musozi ugumeho, nanje nzoguha ibisate vy’amabuye nanditseko Ivyagezwe n’amabwirizwa kugira ngo uzovyigishe abantu."

13 Maze Mose ava hasi, ajana na Yosuwa uwamufasha, aduga ku musozi w’Imana. 14 Abarira ba bakuru ati: "Muturindirire hano gushika tugarutse. Aroni na Huri bari kumwe namwe, nihagira uwugira ico apfa n’uwundi muri mwebwe, baze bitware kuri bo."

15 Mose amaze kuduga kuri wa musozi, igipfungu gica kirawutwikira, 16 ubwiza bw’Imana burururuka kuri uwo musozi Sinayi, ca gipfungu kimara imisi itandatu kiwupfutse. Ku musi ugira indwi Uhoraho ahamagara Mose ari muri ca gipfungu. 17 Ku Bisirayeli bari ku ntango y’uwo musozi, ubwo bwiza bw’Uhoraho bwari bumeze nk’umuriro utongora kuri uwo musozi hejuru. 18 Mose na we yinjira muri ico gipfungu aduga kuri uwo musozi, amarayo imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-