1 Uzokoreshe igicaniro co guturirirako ibimota neza, bagikore mu giti c’ikasiya. 2 Kizobe kingana impande zose; ingero y’igice c’ukuboko imwe y’uburebure n’ingero y’igice c’ukuboko imwe y’ubwaguke hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zibiri z’igihagararo, gifise n’amahembe mu mfuruka zose kandi vyose bikozwe mu giti kimwe n’ikigize igicaniro. 3 Bacomekeko inzahabu itavanze hejuru, imbere muri co, ku mpande no ku mahembe, bongere bagikikuze n’urubiga rw’inzahabu. 4 Bazocure ibigombo bibiri mu nzahabu babitere kuri ico gicaniro musi ya rwa rubiga, ku mpande zibiri zirabana, kugira ngo babicishemwo imyamba yo kukirerura. 5 Bazobaze iyo myamba mu giti c’ikasiya, bayomekeko inzahabu. 6 Ico gicaniro kizoterekwe imbere ya ca gitambara kiri imbere y’Isandugu y’Isezerano, imbere ya wa mupfundikizo upfutse isandugu irimwo vya bisate vy’ivyagezwe. Aho ni ho tuzobonanira.
7 Aroni azogituririreko ibimota neza imisi yose mu gatondo igihe azoba ariko arashira amavuta mu matara. 8 Aze yongere aturire ibimota neza igihe azoba adometse amatara ku mugoroba, kugira ngo ibimota neza bizokwame vyakira imbere y’Uhoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana. 9 Ntihaze hagire ibindi bimota neza bagituririrako canke ibindi bimazi vyo guturirwa, canke amashikanwa y’ifu canke ibinyobwa. 10 Rimwe mu mwaka, Aroni azohore atangira ikimazi c’impongano ku mahembe y’ico gicaniro. Amaraso y’ikimazi c’impongano y’ivyaha azoyasige ku mahembe y’ico gicaniro akibere impongano. Ivyo bizokwame biba gutyo ku mwaka ku mwaka, uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi. Ico gicaniro ni icejejwe c’Uhoraho."
11 Uhoraho yongera abarira Mose ati: 12 "Niwamara guharura Abisirayeli, umugabo wese azoba yaharuwe azonzanire incungu y’ubuzima bwiwe, ni ho ata cago kizobashikira igihe uzoba uriko urabaharura. 13 Umuntu wese azoja ku ruhande rw’abamaze guharurwa azotanga igice ca shekeli, hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, na yo ikaba ingana n’ingero gera mirongo ibiri. Ico gice ca shekeli abe ari co bazoshikanira Uhoraho. 14 Abazoguca imbere bose bashikana imyaka mirongo ibiri n’iyirenga, bazoshikanire ishikanwa Uhoraho. 15 Abifise bazotange ibirengeye igice ca shekeli. Abakene na bo ntibazotange ibiri musi y’igice ca shekeli nimwashikanira Uhoraho amashikanwa y’impongano ku bw’ubuzima bwanyu. 16 Uze wakirire Abisirayeli ayo mahera y’impongano uzoyakoreshe mu bikorwa vyo mw’Ihema ry’Ibonaniro. Kizoba ari icibutso c’Abisirayeli imbere yanje c’uko mwatanze impongano y’ubuzima bwanyu."
17 Uhoraho arasubira abarira Mose ati: 18 "Ucurishe ibesani mu butare bw’umwakaka, n’ivyo kuyihagarikako bicuzwe mu mwakaka nyene, ize ibe iyo gukarabiramwo. Uzoyitereke hagati y’ihema ry’ibonaniro n’igicaniro, uyisukemwo amazi. 19 Aroni n’abahungu biwe abe ari yo bazokoresha mu gukaraba iminwe no kwoza ibirenge. 20 Igihe cose bazoba bagomba kwinjira mw’Ihema ry’Ibonaniro, bazobanze kwisukura kugira ngo ntibapfe. Kandi igihe bazoba begereye igicaniro ngo bampereze ibimazi vyanshikaniwe bituriwe n’umuriro, 21 bazokarabe iminwe, boze n’ibirenge vyabo kugira ngo ntibapfe. Iki kizobe icagezwe c’intahava kuri Aroni n’uruvyaro rwiwe uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi."
22 Uhoraho abarira Mose ati: 23 "Fata ibimota neza kurusha ibindi ari vyo vy’ibi: shekeli amajana atanu z’ibimota neza, shekeli amajana abiri na mirongo itanu za mudarasini, shekeli amajana abiri na mirongo itanu za kanehe, 24 ushireko na shekeli amajana atanu za kesiya, vyose ubigere ukoresheje ingero shekeli y’Ahera, wongereko n’ingero hini imwe y’amavuta ya elayo. 25 Maze azovangwe kugira ngo abe amavuta yejejwe yo kurobanura, amota neza. Azovangwe n’abahinga babimenyereye. Azoba ari amavuta yejejwe yo kurobanura. 26 Uzokoresha ayo mavuta mu kurobanura ihema ry’ibonaniro, Isandugu y’Isezerano, 27 ameza n’ibikoresho vyo kuri yo vyose, igiterekwako amatara n’ibijana na co, igicaniro co guturirirako ibimota neza, 28 igicaniro co guturirirako ibimazi n’ibindi bikoresho bijana na co vyose, na ya besani n’ivyo iterekwako. 29 Ubirobanure kugira ngo bibe ivyejejwe, kandi ikizobikorako cose kizoca kiba icejejwe.
30 Urobanure Aroni n’abahungu biwe wongere ubeze kugira ngo bambere abaherezi. 31 Ubarire Abisirayeli uti: ‘Aya ni amavuta yera y’ukurobanura azokwama akoreshwa no ku runganwe ruzoza. 32 Ntimuzoyisige ku mubiri canke ngo muvange ayandi mavuta muri ubwo buryo. Ni ayera, kandi namwe muyafate nk’ayera nyene. 33 Nihagira uwukora amavuta nk’uko canke akayasiga uwundi muntu atari umuherezi, uwo muntu azocibwe mu bandi.’ "
34 Uhoraho yongera abarira Mose ati: "Fata ibimota neza vyitwa natalu, sheheleti, helebena ku ngero zingana, 35 maze ubivange bibe ibimota neza. Bizokorwe n’abahinga bazi kuvanga amavuta. Azobemwo umunyu, atarobetswe n’ikindi kintu na kimwe, yejejwe. 36 Ufate bikeya muri vyo, ubisye, ubishire imbere ya ya Sandugu y’Isezerano iri mw’ihema ry’ibonaniro, aho tuzobonanira. Ivyo bize bibabere ivyera cane. 37 Ntihaze hagire umuntu n’umwe azokwikorera imibavu itunganijwe muri ubwo buryo: mufate ko ari iyera y’Uhoraho. 38 Uwuzokwikorera imibavu itunganije muri ubwo buryo kugira ngo aryoherwe n’ugutamirana kwayo azocibwe mu bandi."