1 Uhoraho abarira Mose ati: "Genda ubarire Farawo uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Rekura abantu banje bagende, baje kunsenga. 2 Nutabarekura, nzotera icago c’ibikere mu gihugu cose. 3 Uruzi Nili ruzokwuzura ibikere. Bizova mu ruzi bishike no ku kirimba cawe, ndetse bishike no mu cumba cawe uryamamwo, mbere no ku buriri bwawe, mu mazu y’abatware bawe n’ay’abantu bawe, bishike mu maziko no mu bwato mucumbiramwo imikate. 4 Bizokwurirako, vyurire ku bantu bawe, no ku batware bawe.’ "
5 Uhoraho aca abarira Mose ati: "Barira Aroni uti: ‘Ramvurira iyo nkoni ufise mu kuboko kwawe hejuru y’inzuzi, imigende n’ibinogo vy’amazi, kugira ngo igihugu ca Egiputa cuzure ibikere.’ "
6 Nuko Aroni aramvurira ukuboko hejuru y’amazi ya Egiputa, aca avamwo ibikere vyuzura igihugu cose. 7 Ariko abanyamareba baca bakora ibisa nk’ivyo, batuma ibikere biza mu gihugu ca Egiputa.
8 Farawo aca ahamagaza Mose na Aroni, arababarira ati: "Nimunsabire Uhoraho akure ibi bikere mu rugo rwanje no mu bantu banje, ndaheza ndekure abantu banyu baje kumushikanira ibimazi."
9 Mose abarira Farawo ati: "Nyakwubahwa, ndagusavye wewe umbarire igihe nogusabira kugira ngo ibikere vyose bikurwe mu kirimba cawe, mu batware bawe no mu bantu bawe, hasigare ivyo mu ruzi Nili gusa."
10 Farawo aramwishura ati: "Uzobikore ejo."
Mose aramwishura ati: "Bizoba uko nyene ubivuze kugira ngo umenye ko ata wuhwanye n’Uhoraho Imana yacu. 11 Ibikere bizova mu kirimba cawe no mu mazu y’abatware bawe n’ay’abantu bawe, hazosigara ibiri mu ruzi Nili gusa."
12 Nuko Mose na Aroni baca bava ku kirimba kwa Farawo, Mose atakambira Uhoraho ku bw’ibikere yari yateje Farawo. 13 Maze Uhoraho akora ivyo Mose amusavye. Ibikere vyose vyari mu mazu, mu gahinga no mu mirima birapfa. 14 Bavyegeraniriza mu birundo, umunuko ukwira igihugu cose. 15 Ariko Farawo abonye agahengwe kabonetse, aca akomantaza umutima, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’uko Uhoraho yari yabivuze.
16 Uhoraho abarira Mose ati: "Barira Aroni uti: ‘Ramvura inkoni yawe, ukubite umukungugu wo hasi, umukungugu wose wo muri Egiputa uca ucika imibu.’ " 17 Baca babikora uko nyene, Aroni amaze kuramvura ukuboko kwiwe agakubita umukungugu, haciye haduka imibu irya abantu n’ibitungwa. Umukungugu wose wo muri Egiputa wacitse imibu. 18 Abanyamareba na bo nyene bagerageza kuzana imibu bakoresheje amareba yabo, ariko ntibabishobora.
Maze imibu ikwira mu bantu no mu bitungwa. 19 Abanyamareba ba Farawo baca bamubwira bati: "Uru ni urutoke rw’Imana rukoze ibi." Ariko Farawo akomantaza umutima yanka kwumvira, nk’uko Uhoraho yari yabivuze.
20 Uhoraho abarira Mose ati: "Uzozinduke ejo mu gatondo, uhangane na Farawo agiye ku ruzi, umubwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Rekura abantu banje, kugira ngo baje kunsenga. 21 Nutabarekura, nzoguteza ibibugu, ndabiteze n’abatware bawe, ndabiteze abantu bawe, eka mbere n’abo mu mazu yawe. Amazu y’Abanyegiputa azokwuzura ibibugu, bipfuke n’isi yose ya Egiputa.’
22 Ariko ico gihe nzosigaza intara ya Gosheni, iyo abantu banje babamwo, nta bibugu bizobayo, kugira ngo umenye ko jewe Uhoraho ndi muri iki gihugu.
23 Nzoshira itandukaniro hagati y’abantu bawe n’abantu banje. Ibi bitangaza bizoshika ejo."
24 Maze Uhoraho abikora nk’uko yari yabivuze. Ibibugu bitagira igitigiri vyuzura mu kirimba kwa Farawo no mu mazu y’abatware biwe, ndetse n’igihugu cose ca Egiputa giterwa n’ico cago c’ibibugu.
25 Farawo araheza ahamagaza Mose na Aroni ababarira ati: "Nimugende mushikanire Imana yanyu ibimazi, ariko muyibishikanire muri iki gihugu nyene."
26 Ariko Mose amwishura ati: "Twoba dukoze ikizira. Ibimazi dushikanira Uhoraho Imana yacu ni ikizira mu maso y’Abanyegiputa. Kandi nimba ibimazi vyacu ari ikizira mu maso yabo, mbega ntibodutera amabuye? 27 Dutegerezwa gufata urugendo rw’imisi itatu mu bugaragwa tugiye gushikanira ibimazi Uhoraho Imana yacu nk’uko yabidutegetse."
28 Farawo aramubwira ati: "Ndabareka muje gushikanira ibimazi Uhoraho Imana yanyu mu bugaragwa, ariko ntimushike kure! Nanje munsengere."
29 Mose aramwishura ati: "Nitwamara gutandukana, nca nsenga Uhoraho, ejo ibibugu bizova iwawe, ku batware bawe no mu bantu bawe. Ariko wiyubare ntusubire kuduhenda ngo ubuze abantu kuja gushikanira ibimazi Uhoraho."
30 Mose atandukana na Farawo, hanyuma aca asenga Uhoraho, 31 na we akora ivyo Mose amusavye. Akura ibibugu mu kirimba ca Farawo no mu mazu y’abatware biwe n’ay’abantu biwe, ntihagira ikibugu na kimwe gisigara. 32 Ariko na ho nyene Farawo asubira gukomantaza umutima, yankira abantu ko bagenda.