1 Uzokore ihema rifise ibitambara icumi bijishwe mu nyuzi zera, iz’ubururu, izitukura n’izitukura cane, zihinze neza; bijishweko n’ibishushanyo vy’abakerubi bikozwe n’abahinga karuhariwe. 2 Ibitambara vyose bizobe bireha, bifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri n’umunani z’uburebure, n’ingero z’igice c’ukuboko zine z’ubwaguke. 3 Ibitambara bitanu muzobifatanye ukwavyo, n’ibindi bitanu mubifatanye ukwavyo, gutyo bibe bibiri binini. 4 Bazokore utugombo dusa n’ubururu badutere ku ruhande rumwe rw’igitambara kinini, utundi badutere ku ruhande rw’ikindi. 5 Bazoshire utugombo mirongo itanu ku ruhande rw’igitambara kinini kimwe, n’utundi mirongo itanu ku ruhande rw’ikindi, utugombo tubiritubiri dutumberane. 6 Bazocure ibikwashu mirongo itanu mu nzahabu babikoreshe mu gufatanya ibitambara kugira ngo Ihema ry’ibonaniro ribe inyubakwa imwe.
7 Bazokore n’ibitambara icumi na kimwe mu mpuzu z’ubwoya bw’impene, vyo gupfuka Ihema ry’Ibonaniro. 8 Ivyo bitambara icumi na kimwe vyose bizobe bireha, bifise ingero z’igice c’ukuboko zine z’uburebure, n’ingero z’igice c’ukuboko zine z’ubwaguke. 9 Bazofatanye ibitambara bitanu ukwavyo bibe kimwe, bafatanye ibindi bitandatu ukwavyo bibe ikindi kimwe. Igitambara ca gatandatu kizozingwemwo kabiri imbere y’Ihema ry’Ibonaniro. 10 Bazokore utugombo mirongo itanu badutere ku mpera imwe y’igitambara kimwe kinini, utundi mirongo itanu ku mpera imwe y’ikindi. 11 Hanyuma bazocure ibikwashu mirongo itanu mu butare bw’umwakaka, bavyinjize muri utwo tugombo, bafatanye iryo Hema ricike rimwe. 12 Igice c’igitambara kizorengako kize kigororokere ku ruhande rw’inyuma rw’Ihema. 13 Ku mpande zose, hazorengeko ingero y’igice c’ukuboko imwe kugira ngo gitwikire Ihema. 14 Hejuru y’ico gitambara baze barenzeko insato z’intama zisize irangi ritukura, bakirenzeko izindi nsato z’agaciro.
15 Bazobaze imbaho mu giti c’ikasiya zo guhagarika ihema. 16 Urubaho rumwerumwe ruzogire ingero z’igice c’ukuboko icumi z’uburebure, n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke, 17 urubaho rwose ruzogire inkago zibiri zibangabanganywe. Uko abe ari ko muzokwubaka iryo hema. 18 Bazobaze imbaho mirongo ibiri zo gushigikira uruhande rwo mu bumanuko, 19 baze bicurire n’ivyo kuzihagarikako mirongo ine mw’ifeza, bibiribibiri ku rubaho rumwerumwe, kimwe cose mu nkago imwe. 20 Ku ruhande rwo mu buraruko na ho nyene hazobe imbaho mirongo ibiri, 21 n’ivyo kuziterekako mirongo ine bicuzwe mw’ifeza, bibiribibiri musi y’urubaho rumwe. 22 Bazobaze n’imbaho zitandatu zo ku ruhande rw’inyuma y’ihema, ari ho mu burengero bwaryo, 23 baze bongere babaze imbaho zibiri z’imfuruka zo hirya. 24 Muri izi mfuruka zibiri, hazoshirweyo imbaho zibiri zifatanye kuva hasi gushika hejuru, zishinze mu muringa umwe; hose bizokorwe uko. 25 Rero hazoba imbaho umunani n’ivyo zishingwako icumi na bitandatu, bibiribibiri musi y’urubaho rumwerumwe.
26 Bazobaze ibiti bitanu mu giti c’ikasiya vyo gushira ku mbaho zo ku ruhande rumwe rw’iryo hema, 27 n’ibindi bitanu vyo ku rundi ruhande, hamwe n’ibindi bitanu vyo ku ruhande rwo mu burengero, ari rwo ruhande rwo hirya rw’ihema. 28 Igiti gica hagati y’ibindi kizova ku ntango gishike ku mpera, gice hagati na hagati ku mbaho. 29 Izo mbaho uzozomekeko inzahabu, kandi bazocure ibigombo mu nzahabu vyo gufata vya biti, kandi n’ivyo biti nyene bazovyomekeko inzahabu.
30 Uzoshinge iryo hema nk’uko nabikugereranirije kuri uwu musozi.
31 Baze bajishe igitambara mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, kiriko n’ibishushanyo vy’abakerubi, bishizweko n’abahinga karuhariwe. 32 Bazokimanikishe imisumari ikozwe mu nzahabu ku nkingi zine z’imbaho z’igiti c’ikasiya zometseko inzahabu, zihagaze ku bitereko bine vy’ifeza. 33 Ico gitambara bazokimanike bagitumberanije hanyuma bazoshire Isandugu y’Isezerano inyuma y’ico gitambara. Ico gitambara kizotandukanya Ahera n’Ahera Cane. 34 Wa mupfundikizo wo kwiyezerezako uzowurumishe ya sandugu y’Isezerano iri Ahera Cane 35 Imeza bazoyishire hino y’igitambara ku ruhande ruherereye mu buraruko bw’isandugu bayishireko igiterekwako amatara aharabana n’iyo meza ku ruhande rw’ihema ruraba mu bumanuko.
36 Bongere bajishe igitambara co gukingira urwinjiriro rw’Ihema, bakijishe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, kizoshirweko utugenegene n’abahinga karuhariwe. 37 Bazobaze imbaho zitanu mu giti c’ikasiya, bazomekeko inzahabu, zizobe ari zo bamanikako ca gitambara, bakimanikishije imisumari icuzwe mu nzahabu. Bazokore n’ivyo kuziterekako bitanu bicuzwe mu butare bw’umwakaka.