Publicidade

Êxodo 11

Icago ku Mfura zose

1 Uhoraho abarira Mose ati: "Ngira ntere Farawo n’igihugu ca Egiputa ikindi cago. Hanyuma y’ivyo, azoca abareka mugende muve hano, kandi niyabikora azobirukana burundu. 2 Bwira abantu bose, abagabo n’abagore, basabe ababanyi babo utugenegene ducuzwe mw’ifeza no mu nzahabu." 3 Maze Uhoraho aha Abisirayeli kugira ikiganza ciza ku Banyegiputa, Farawo n’abatware n’abantu biwe bose babona Mose nk’uwuhambaye mu gihugu ca Egiputa.

4 Nuko Mose avuga ati: "Uhoraho avuze ngo: ‘Mu gicugu ndaza guca muri Egiputa hose. 5 Abana b’abahungu b’imfura bose bazopfa, uherereye ku mfura ya Farawo ari ku ngoma, ugashika ku mfura z’abaguranokazi bari inyuma y’abandi, ndetse n’ibitungwa vyavutse ubwa mbere na vyo nyene. 6 Hazoba amarira menshi atari bwigere aba muri Egiputa, kandi ntayazosubira kubaho ameze nka yo. 7 Ariko mu Bisirayeli, hazoba hatekanye, nta n’imbwa izokuga. Ni ho muzomenya ko Uhoraho yashizeho itandukaniro hagati ya Egiputa na Isirayeli. 8 Abatware bawe bose bazoza imbere yanje banyunamire, bavuga bati nimugende mwe n’abantu banyu! Aho ni ho nzobona kugenda.’ " Maze Mose ava imbere ya Farawo yuzuye uburake bwinshi.

9 Uhoraho abarira Mose ati: "Farawo ntazokwumvira, kugira ngo ibitangaza vyanje bigwire muri Egiputa." 10 Mose na Aroni bakoreye ivyo bitangaza vyose imbere ya Farawo, ariko Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyareka Abisirayeli ngo bave mu gihugu ciwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-