Publicidade

Êxodo 19

Abisirayeli bashika ku musozi Sinayi

1 Mu kwezi kugira gatatu Abisirayeli bavuye muri Egiputa, ku musi wakwo wa mbere, ni ho bashika mu bugaragwa bw’i Sinayi. 2 Bavuye i Refidimu, binjiye mu bugaragwa bw’i Sinayi, bacumbika imbere y’umusozi Sinayi.

3 Maze Mose aduga ku musozi w’Imana kubonana na yo, Uhoraho aramuhamagara ari ku musozi, amubwira ati: "Ng’ibi ivyo uzobwira umuryango wa Yakobo, ivyo uzomenyesha ubwoko bwa Isirayeli, uti: 4 ‘Mwarabonye ivyo nakoreye Egiputa, n’ingene nabagurukanye ku mababa y’inkukuma ndabazana aho ndi. 5 None rero nimwanyumvira mukaguma mw’isezerano ryanje, muzombera itunga rihambaye mu yandi mahanga yose, kuko isi yose ari iyanje. 6 Muzombera ihanga ry’abaherezi, ihanga ryejejwe.’ Uko abe ari ko uzobwira Abisirayeli."

7 Maze Mose asubira inyuma, akoranya abakuru barongoye Abisirayeli ababwira ivyo Uhoraho yamutegetse kubabwira vyose. 8 Abantu bose bishurira rimwe bati: "Ivyo Uhoraho yategetse tuzobikurikiza vyose." Nuko Mose na we aca asubira kubarira Uhoraho uko abantu bamubwiye.

9 Maze Uhoraho abwira Mose ati: "Nzobagendera ndi mu gicu kinini, kugira ngo abantu baze biyumvire uko mvugana nawe, maze bitume bakwizigira." Nuko Mose abwira Uhoraho uko abantu bavuze.

10 Uhoraho abarira Mose ati: "Genda ubwire abantu bitegurire kunsaganira, biyeze uwu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo. 11 Ku musi ugira gatatu bazobe biteguye kuko kuri uwo musi Uhoraho azomanuka ku musozi Sinayi abantu bamubona. 12 Nawe uzobashingire akarimbi ku musozi, uwukikuze, maze ugabishe abantu uti: Mwirinde ntihaze hagire uwuduga ku musozi, mbere ntihaze hagire n’uwegera akarimbi. Umuntu wese azokwegera uwo musozi nta nkeka azokwicwa. 13 Azokwicishwa amabuye canke araswe imyampi, nta kuboko kuzomukorako. Yaba umuntu canke igikoko ntikizobure kwicwa. Ariko inzamba y’ihembe ry’impfizi y’intama niyavuzwa ijwi rirerire, abantu bose ni ho bazoshobora kwegera uwo musozi."

14 Mose amaze kumanuka akava kuri uwo musozi, abwira abantu bariyeza, bamesura impuzu zabo. 15 Arababwira ati: "Mwitegurire umusi ugira gatatu, kandi kugera uwo musi ntihaze hagire uwurangura amabanga mpuzabitsina."

16 Mu gatondo k’umusi ugira gatatu, humvikana imituragaro, imiravyo irarabagiza, haza igicu kinini gipfuka wa musozi, havuga n’inzamba y’ijwi rirenga. Umuntu wese mu bari aho bacumbitse aterwa n’ubwoba. 17 Maze Mose aja imbere Abisirayeli, bava aho bari bacumbitse, baja kubonana n’Imana. 18 Umusozi Sinayi wuzura umwotsi, kuko Uhoraho yari yamanutse mu muriro. Uwo mwotsi upfunduka nk’uwuva mw’itanure, umusozi wose uratigita cane. 19 Rya jwi ry’inzamba rikomeza kwumvikana cane. Mose akavuga, Imana ikamwishura mw’ijwi ry’umuturagaro.

20 Uhoraho aramanuka ku musozi Sinayi, ahamagara Mose ngo aduge kw’itaba ry’uwo musozi, Mose na we araduga. 21 Uhoraho abarira Mose ati: "Genda wihanize abantu ntibahirahire ngo barengane ka karimbi ngo baduge kuraba Uhoraho, kuko benshi muri bo bopfa. 22 Mbere n’abaherezi bahora baza aho ndi babanze biyeze, kugira ngo jewe Uhoraho sindabarandure."

23 Mose abarira Uhoraho ati: "Abantu ntibashobora kuduga ku musozi Sinayi, kuko wewe nyene watwihanije uti: ‘Kikuza umusozi n’akarimbi kugira ngo uhatoranye nk’ahera.’ "

24 Uhoraho aramwishura ati: "Manuka udugane Aroni. Ariko abaherezi n’abandi bantu bose ntibarengane akarimbi ngo baze aho Uhoraho ari, kuko nohava ndabarandura."

25 Nuko Mose abarira abantu ivyo Uhoraho yamubwiye vyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-