1 Mose abaza Imana ati: "Nibatanyizera canke ngo banyumvirize, bakavuga bati: ‘Uhoraho ntiyakwiyeretse’ na ho bizogenda gute?"
2 Uhoraho aca amubaza ati: "Ico ufise mu minwe ni igiki?" Na we arishura ati: "Ni inkoni."
3 Uhoraho aramubwira ati: "Yiterere hasi."
Nuko Mose ayiterera hasi ica ihinduka inzoka, na we arayihunga. 4 Uhoraho aramubwira ati: "Ramvura ukuboko kwawe uyifate ku murizo." Mose aramvura ukuboko afata ya nzoka ku murizo, ica isubira kuba inkoni mu ntoke ziwe. 5 Uhoraho aramubwira ati: "Iki ni co kizobabera ikimenyetso kugira ngo bizere ko Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo yakwiyeretse."
6 Uhoraho arongera avuga ati: "Shira ukuboko mu gikiriza cawe." Nuko Mose agushirayo, agukuyeyo asanga kwuzuyeko imibembe, kwera derere.
7 Uhoraho yongera kumubwira ati: "Gusubize mu gikiriza cawe." Mose agusubizayo, agukuyeyo asanga kwakize, kumeze neza co kimwe n’ahandi hose ku mubiri wiwe.
8 Uhoraho aramubwira ati: "Nibatakwemera canke ngo bemezwe n’ikimenyetso ca mbere, bazokwemezwa n’ica kabiri. 9 Ariko nibatemezwa n’ibi bimenyetso vyompi canke ngo bakwumvirize, uzodahe amazi y’uruzi Nili uyasese i musozi. Amazi uzoba wadashe muri urwo ruzi niwayasuka hasi, azoca ahinduka amaraso."
10 Mose aca abarira Uhoraho ati: "Ewe Mana, babarira umusavyi wawe. Jewe sinigeze mba umuntu ashize amanga mu kuvuga, kandi ni kuva kera kugeza n’ubu aho uriko uravugisha umusavyi wawe, ntakirahinduka. Birangora kuvuga."
11 Uhoraho aramubaza ati: "Mbega ni nde aha abantu akanwa? Ni nde atuma batumva canke akabagira ibiragi? Ni nde abaha kubona canke akabagira impumyi? Mbega si jewe Uhoraho? 12 Nuko rero genda, nzogufasha kuvuga, kandi nzokwigisha ivyo uzovuga."
13 Ariko Mose aravuga ati: "Mwami, ndakwinginze urungike uwundi."
14 Maze uburake bw’Uhoraho buca buziriringira Mose, ariko aramubaza ati: "Mbega Aroni, Umulewi mukurwawe si ho ari? Ndazi ko azi kuvuga neza. Ariko araza kugira ngo muhure, kandi umutima wiwe uzonezerwa niyakubona. 15 Uzomubwira, ushire amajambo avuga mu kanwa kiwe; nanje nzobafasha mwempi, kandi nzobigisha ivyo mukora. 16 We azoba umuvugizi wawe imbere y’abantu, kandi azoba nk’aho ari akanwa kawe, nawe uzoba uri mu kibanza c’Imana, umubwira ico avuga. 17 Kandi, witwaze n’iyo nkoni ufise mu minwe kugira ngo uzoyikoreshe vya bitangaza."
18 Mose aca asubira kwa sebukwe Yetiro, aramubarira ati: "Ndekura ngende kuraba ab’ubwoko bwacu muri Egiputa, ndabe ko boba bakiriho." Yetiro aramwishura ati: "Genda amahoro."
19 Imbere y’uko Mose ava i Midiyani, Uhoraho yari yamubwiye ati: "Subira muri Egiputa, kuko abagomba kukwica bose bapfuye." 20 Maze Mose afata umugore n’abana biwe, aburiza indogoba, afata urugendo ruja muri Egiputa, kandi agenda yitwaje na ya nkoni y’Imana mu minwe.
21 Uhoraho abarira Mose ati: "Niwashika muri Egiputa, uzokorere imbere ya Farawo vya bitangaza naguha ububasha bwo gukora. Ariko nzokomantaza umutima wiwe kugira ngo ntarekure abantu banje ngo bagende. 22 Farawo uzomubwire aya majambo uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Isirayeli ni umuhungu wanje w’imfura. 23 Narakubwiye rero, nti rekura umuhungu wanje agende kunsenga; ariko waranse kumurekura. None rero nzokwica umuhungu wawe w’imfura.’ "
24 Akiri ku rugendo aja muri Egiputa, Uhoraho asanga Mose aho yari yasavye indaro n’umuryango wiwe, agomba kumwica. 25 Maze umugore wiwe Zipora aca afata ibuye rikarishe, akeba umubiri upfutse kw’isonga ry’igitsina c’umuhungu wiwe, aca agikoza ku maguru ya Mose, avuga ati: "Ni ivy’ukuri uri umugabo wanje w’amaraso." 26 Uhoraho aca aramureka. (Aho yavuga ngo: "Uri umugabo wanje w’amaraso," yari afatiye ku gukebwa.)
27 Uhoraho abarira Aroni ati: "Fata inzira uje mu bugaragwa, uhure na Mose." Maze Aroni afata inzira, aragenda ahurira na Mose ku musozi w’Imana, baragumbirana. 28 Maze Mose abarira Aroni ivyo Uhoraho yamutumye kuzovuga vyose, amubwira n’ibitangaza yamubwiye kuzokora.
29 Mose na Aroni baca baragenda, bakoranya abakuru b’Abisirayeli bose; 30 Aroni ababwira ivyo Uhoraho yabwiye Mose vyose. Yongera akorera vya bitangaza imbere yabo, 31 na bo baramwizera. Bumvise ko Uhoraho yabagiriye impuhwe akabona imibabaro barimwo, baca barapfukama baramusenga.