Publicidade

Êxodo 9

Icago ku bitungwa

1 Uhoraho abwira Mose ati: "Genda ubarire Farawo uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Imana y’Abaheburayo avuze: "Rekura abantu banje baje kunsenga." 2 Nutabarekura ngo bagende ukabagumiza ngaho, 3 ikiganza c’Uhoraho kizozana ivyago ku bitungwa vyanyu aho biri hose ku misozi: ku mafarasi, ku ndogoba, ku ngamiya, ku nka zanyu, ku mpene no ku ntama. 4 Ariko Uhoraho azoshiraho itandukaniro hagati y’amasho y’Abisirayeli n’ay’Abanyegiputa, kugira ngo ntihagire igitungwa na kimwe c’Abisirayeli gipfa.

5 Uhoraho yamaze gushinga igihe ivyo bizobera. Ico cago kizoshika muri iki gihugu ejo.’ " 6 Bukeye Uhoraho arabishitsa, ibitungwa vyose vyo muri Egiputa birapfa, ariko nta na kimwe c’Abisirayeli capfuye. 7 Maze Farawo arungika abantu biwe kuraba ingene vyagenze, basanga nta gitungwa na kimwe c’Abisirayeli capfuye. Ariko umutima wiwe uguma ukomantaye, yanka kurekura abantu ngo bagende.

Icago c’ibisebe

8 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: "Nimufate umunyota wo mw’itanure wuzuye igipfunsi, maze Mose awutumurire mu kirere imbere ya Farawo. 9 Uzoheza ucike umukungugu kuri Egiputa, ukwire igihugu cose, ku bantu bose no ku bikoko vyose, ubatere ibisebe."

10 Nuko baca bafata umunyota wo mw’itanure, bahagarara imbere ya Farawo, bawutumurira mu kirere, ubwo nyene abantu n’ibikoko bigwara ibisebe. 11 Abanyamareba ntibaba bagishobora guhagarara imbere ya Farawo kuko ibisebe vyari vyateye Abanyegiputa bose. 12 Ariko Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, yanka kwumvira Mose na Aroni, nk’uko Uhoraho yari yabibwiye Mose.

Icago c’urubura

13 Maze Uhoraho abarira Mose ati: "Uzozinduke mu gatondo ka kare, ugende uhangane na Farawo umubwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho, Imana y’Abaheburayo avuze: Rekura abantu banje bagende, baje kunsenga, 14 kuko nutabarekura nzorungika ibindi vyago bikomeye kuri wewe, ku batware bawe no ku bantu bawe, kugira ngo umenye ko ata wuhwanye nanje kw’isi yose. 15 Kugeza ubu nari kuba naragororeye ukuboko kwanje kuri wewe no ku bantu bawe nkabaranduza icago maze nkabaherengeteza kw’isi. 16 Ariko, icatumye nkureka, kwari ukugira ngo nkwereke ububasha bwanje, kandi kugira ngo izina ryanje rimenyekane kw’isi yose. 17 Mugabo, uracakomantaje umutima, ntugomba kubarekura ngo bagende. 18 None rero, ejo nzorungika icago c’urubura rutari bwakaboneke, rutari bwigere rugwa muri Egiputa kuva iki gihugu kibayeho. 19 Tumako ibitungwa vyawe biri mu gahinga bije mu mpongore, kuko urubura ruzogwa ku bantu bose no ku bikoko vyose bitazoba vyugamye, kandi bizopfa.’ "

20 Bamwe mu batware ba Farawo bubashe ijambo ry’Uhoraho baca bihutira gucura abagurano babo n’ibitungwa vyabo baravyugamika. 21 Ariko abatashize umutima kw’ijambo ry’Uhoraho bagumiza abagurano babo n’ibitungwa vyabo mu gahinga.

22 Maze Uhoraho abarira Mose ati: "Gorora ukuboko ukurabisha kw’ijuru, maze urubura ruraheza rugwe mu gihugu cose ca Egiputa, rugwe ku bantu, ku bikoko no ku bimera vyose vyo mu mirima ya Egiputa." 23 Mose aramvuye ya nkoni ayirabishije mu kirere, Uhoraho aca arungika imituragaro n’urubura, imiravyo irabagiriza kw’isi. Uhoraho agwisha urubura mu gihugu cose ca Egiputa. 24 Muri kahise ka Egiputa, ntihari bwigere hagwa imvura y’igihuhusi nk’iyo, irimwo urubura rutikiza n’imiravyo irabagiza nk’uko. 25 Urubura rurarundana muri Egiputa hose, rutikiza ivyari mu mirima vyose, uhereye ku bantu ugashitsa no ku bitungwa, rutikiza imirima n’ibiti vyose. 26 Akarere rutaguyemwo ni Gosheni honyene, aho Abisirayeli baba.

27 Maze Farawo ahamagaza Mose na Aroni arababwira ati: "Ubu ho nacumuye. Uhoraho ni we agororotse, twe n’abantu banje twakoze ibibi. 28 None rero dusabire k’Uhoraho, kuko urubura n’imituragaro bitewe n’Imana biturembeje. Nca ndabarekura mugende, sinsubira kubafatira."

29 Mose aramwishura ati: "Ninamara kuva muri iki gisagara ndaza kuramvura ibiganza nsenge Uhoraho. Imituragaro iraza guhera, kandi nta rubura rusubira kugwa, ni ho uza kumenya ko isi ari iy’Uhoraho. 30 Ariko ndazi ko mwe n’abatware bawe mutubaha Uhoraho Imana."

31 Ibiterwa vyose vyari vyatikijwe n’urubura, ivyari biyangitse na sayiri zari zipfunditse. 32 Ariko ingano z’ubwoko butandukanye nta co zabaye kuko ziteba kumera.

33 Maze Mose ava imbere ya Farawo, aja inyuma y’igisagara. Aramvura amaboko ayerekeje k’Uhoraho, imituragaro n’urubura birahagarara, imvura ntiyasubira kugwa. 34 Farawo abonye ko imvura, imituragaro n’urubura vyahagaze, yongera akora icaha. We n’abatware biwe bongera gukomantaza imitima. 35 Kubera ko umutima wiwe wari wakomantaye, ntiyemerera Abisirayeli ko bagenda, nk’uko Uhoraho yari yarabivugishije Mose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-