1 Abantu babonye Mose atevye kuri uwo musozi, bakoranira aho Aroni ari, baramubwira bati: "N’uturonderere imana zo kutuja imbere, kuko umwe Mose yadukura muri Egiputa tutazi ivyamushikiye."
2 Aroni arababwira ati: "Ambura ayo mahereni y’inzahabu, ayo abagore, abakobwa n’abahungu banyu bambaye ku matwi muyanzanire." 3 Nuko abantu bose bambura amahereni yabo bayazanira Aroni. 4 Maze Aroni arayakira yose ayacuramwo ikigirwamana gifise ishusho y’ishuri akoresheje imikasi. Baca babwira abantu bati: "Yemwe Bisirayeli, izi ni zo mana zabakuye muri Egiputa."
5 Aroni abibonye, aca yubakira igicaniro iyo shuri, aca atangariza abantu ati: "Ejo tuzogira umusi mukuru w’Uhoraho." 6 Maze bukeye abantu bose bavyuka kare, bashikana ibimazi biturirwa n’umuriro hamwe n’ibimazi vy’amashimwe. Inyuma y’ivyo baca baricara bararya, baranywa, hanyuma barahaguruka batangura kuvyina.
7 Maze Uhoraho abarira Mose ati: "Manuka ugende kuko ba bantu bawe wakura muri Egiputa bononekaye. 8 Bamaze kuva mu vyo nabageze, bicuriye ikigirwamana gifise ishusho y’ishuri. Bacikubise imbere kandi banagishikaniye ibimazi, bongera bavuga bati ‘Yemwe Bisirayeli, izi ni zo mana zabakuye muri Egiputa.’ "
9 Hanyuma Uhoraho abarira Mose ati: "Aba bantu nabihweje, ndabona ko ari ubwoko bw’intagondwa. 10 None rero ndeka ico nikorera, uburake bwanje bubaziriringire, ndabarandure. Hanyuma wewe nzoheza ndakugire ihanga rikomeye cane."
11 Ariko Mose atakambira Uhoraho Imana yiwe avuga ati: "Uhoraho we, ni iki gitumye uburake bwawe buziriringira abantu bawe, abo wakuje muri Egiputa ukuboko kwawe kw’inkomezi? 12 Ugomba Abanyegiputa bazovuge ngo: ‘Imana yabo yabakijije ifise intumbero mbi yo kubahonereza mu misozi no kubazimanganya kw’isi?’ Hwamika uburake bwawe, wigarure ntuteze ivyago abantu bawe. 13 Ibuka abasavyi bawe Aburahamu, Isaka na Isirayeli abo wabwiye wewe nyene wirahiye uti: ‘Nzogwiza uruvyaro rwanyu rungane n’inyenyeri zo kw’ijuru, kandi nzoruha iki gihugu nabasezeraniye, ngo kibe inyegu yabo ibihe vyose.’ " 14 Maze Uhoraho arigarura, ntiyateza ivyago abantu biwe nk’uko yari yabivuze.
15 Maze Mose ava kuri wa musozi aramanuka afise mu minwe vya bisate vy’amabuye bibiri biriko amabwirizwa. Vyari vyanditseko ku mpande zompi, imbere n’inyuma. 16 Ivyo bisate ni Imana yari yabitunganije, kandi amajambo yariko yari inyandiko y’Imana, ikorogoshowe kuri vya bisate.
17 Yosuwa yumvise urwamo rwinshi rw’abantu, abarira Mose ati: "Hari urwamo rw’intambara mu makambi yacu."
18 Mose aramwishura ati:
"Ahubwo si urwamo rw’intsinzi,
si n’urw’abaneshejwe,
jewe numva amajwi y’indirimbo."
19 Mose ageze hafi y’ikambi babamwo aca abona ya shuri, abona n’ingene batamba, uburake bwiwe buraziriringa, aca ata vya bisate vy’amabuye hasi musi y’umusozi, biramenagurika bicika ubunywenywe. 20 Aca afata ya shuri bari bacuze, arayiturira, arayisya icika ifu, aca ayimijagira mu mazi, ayanywesha Abisirayeli.
21 Maze abwira Aroni ati: "Mbega aba bantu bakugize iki catumye ubakwegera mu caha kingana gutya?"
22 Aroni yishura ati: "Uburake bwawe ntibunziriringire mwami wanje. Urazi ingene aba bantu babaye nabi. 23 Bambariye bati: ‘Dukorere imana zizotugendera imbere, kuko umwe Mose yadukura muri Egiputa tutazi ivyamushikiye.’ 24 Ni ko kubabwira nti: ‘Abafise amahereni y’inzahabu nibayambure.’ Nuko bampa izo nzahabu nanje ndazivugutira mu muriro, ndabakorera iyo shuri!"
25 Maze Mose abona ko abantu ata co birinda na kimwe, kandi ko Aroni yabaretse ngo bakore ivyo bishakiye; gutyo baba bahindutse agatwengo mu maso y’abansi babo. 26 Ni ko guhagarara mu rwinjiriro rw’aho bari bacumbitse, avuga ati: "Uwuri ku ruhande rw’Uhoraho aze aho ndi." Maze Abalewi bose bakoranira aho ari.
27 Aca avuga ati: "Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: ‘Umugabo wese muri mwebwe afate inkota. Musubire mu nsago kuva ku ruhande rumwe gushika ku rundi. Mwice uwo musangayo wese, yaba mwenewanyu, umugenzi canke umubanyi wanyu.’ " 28 Abalewi babigenza nk’uko Mose yabibabwiye, uwo musi hapfa abantu nk’ibihumbi bitatu. 29 Maze Mose avuga ati: "Uwu musi muritoranije mwebwe nyene kugira ngo mukorere Uhoraho, kuko mwumviye, mukica n’abana banyu na benewanyu. Uwu musi Uhoraho abahaye umugisha."
30 Bukeye Mose abarira abantu ati: "Mwakoze icaha gihambaye. Ariko ngira nduge aho Uhoraho ari, hari aho yonyemerera nkabatangira impongano."
31 Maze Mose asubira aho Uhoraho ari, aramubwira ati: "Uhoraho we, aba bantu bakoze icaha gikomeye. Bicuriye imana mu nzahabu. 32 Ariko noneho ndakwinginze ubaharire icaha cabo, atari uko na ho uhanagure izina ryanje mu gitabu wanditse."
33 Uhoraho yishura Mose ati: "Oya, uwancumuyeko ni we nzohanagura izina ryiwe mu gitabu canje. 34 None rero manuka, ujane abantu hamwe nababwira, umumarayika wanje azobaja imbere. Ariko igihe co kubahana nicagera, nzobahanira icaha cabo."
35 Uhoraho ateza icago abo bantu, kuko basenze iyo shuri Aroni yabacuriye.