Publicidade

Êxodo 25

Amashikanwa y’Isandugu y’Isezerano

1 Uhoraho abarira Mose ati: 2 "Barira Abisirayeli banshikanire ibimazi. Uze wakire ibimazi vyose umuntu azotanga bivuye ku mutima.

3 Uze wakire ibimazi bikurikira:

inzahabu, ifeza, umwakaka;

4 inyuzi zisa n’ubururu, izitukura, n’izitukura cane hamwe n’izera derere;

n’ubwoya bw’impene;

5 insato z’intama n’iz’impene zisize irangi ritukura;

n’imbaho z’ibiti vy’ikasiya;

6 amavuta ya elayo;

ibirungo bivangwa n’amavuta n’ibindi bimota neza iyo bituriwe;

7 utubuye tw’agaciro twitwa onigisi hamwe n’utundi two gushariza efodi n’impuzu yo mu gikiriza y’umuherezi mukuru.

8 Wongere ubabwire banyubakire aho kuba, nanje nzoheza ngerere hagati muri bo. 9 Muzonkorere isandugu muyishireko ibikenewe vyose nk’uko ngiye kubikwereka.

Uko isandugu izoba imeze

10 Ubabwire bankorere isandugu mu giti c’ikasiya, ifise ingero z’igice c’ukuboko zibiri n’igice z’uburebure, ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke, hamwe n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’igihagararo. 11 Bazoyisige inzahabu itavanze imbere n’inyuma, kandi bazoyikorere urubiga rw’inzahabu ruyikikuje. 12 Bazoyicurire ibigombo bine mu nzahabu babimadike ku mfuruka zine zayo; bibiri ku ruhande rumwe, ibindi bibiri ku rundi. 13 Bategure n’imyamba ibiri miremire igororotse mu giti c’ikasiya, bayomekeko inzahabu. 14 Bazokwinjize iyo myamba muri ivyo bigombo bine biri ku mpande zibiri za ya sandugu kugira ngo ibe iyo kurerura iyo sandugu. 15 Iyo myamba ibiri ize yame muri ivyo bigombo ntize yigere ivamwo. 16 Muri iyo sandugu uzoshiremwo vya bisate vy’amabuye biriko amabwirizwa nzoguha.

17 Bazoyicurire umupfundikizo wo guhongerako mu nzahabu itavanze, ufise ingero z’igice c’ukuboko zibiri n’igice z’uburebure n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke. 18 Baze bacure abakerubi babiri mu nzahabu ihondaguye n’inyundo, bazobatere ku mpera zibiri z’uwo mupfundikizo. 19 Umukerubi umwe azoje ku mutwe umwe w’umupfundikizo, uwundi aje ku wundi mutwe, hanyuma vyose bizofatanywe bigirwe nk’ikintu kimwe. 20 Abakerubi bazobe bashanje amababa yabo araba hejuru, bayapfutse wa mupfundikizo wose. Bazobe barabana, bunamye baraba ku mupfundikizo w’isandugu. 21 Uwo mupfundikizo uzoshirwe kuri ya sandugu, muri iyo sandugu na ho muzoshireyo vya bisate vy’amabuye biriko amabwirizwa nzoguha. 22 Aho ni ho tuzobonanira, nkabavugisha ndi hejuru y’uwo mupfundikizo, hagati y’abakerubi babiri bacuzwe mu nzahabu, bapfutse Isandugu y’Isezerano. Aho ni ho tuzobonanira hanyuma ndabahe ivyagezwe Abisirayeli bazokurikiza.

Uko imeza izoba imeze

23 Muze mukore imeza mu giti c’ikasiya, ifise uburebure bw’ingero z’igice c’ukuboko zibiri, ubwaguke bw’ingero y’igice c’ukuboko imwe, n’igihagararo c’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice. 24 Muzoyisige inzahabu itavanze, bazoyikikuze n’urubiga rw’inzahabu. 25 Impande zine zayo zizokikuzwe imbiga z’inzahabu z’ubwaguke bungana n’ikiganza c’umuntu. 26 Muze mucure ibigombo bine mu nzahabu mubitere ku mfuruka zine, ahaherereye amaguru y’iyo meza. 27 Ivyo bigombo bizoterwe hafi y’imbiga kugira ngo vyinjizwemwo imyamba yo kurerura iyo meza. 28 Imyamba ize ibazwe mu giti c’ikasiya, bazoyomekeko inzahabu, izobe ari yo ikoreshwa mu kurerura iyo meza. 29 Muzoyicurire amasahani, udukombe, utubesani n’udukarabo mu nzahabu itavanze, vyo gusukisha amashikanwa y’umuvinyu n’amavuta ku gicaniro. 30 Muzokwame mushira ku meza imikate izokwama imbere yanje ibihe vyose.

Uko ibiterekwako amatara bizoba bimeze

31 Muze mucure igiterekwako amatara mu nzahabu itavanze kandi bahondaguje inyundo. Ibikigize vyose bizobe bifatanijwe, bigizwe ikintu kimwe hamwe n’ibigisharije: intebe yaco, umutumba waco, n’ibikombe vy’amatara bimeze nk’amashurwe apfunditse n’ayasambuye. 32 Bazogishireko amashami atandatu afashe ku mutumba waco, atatu ku ruhande rumwe n’ayandi atatu ku rundi. 33 Ishami ryose rize rigire ibikombe bitatu bimeze nk’amashurwe y’igiti citwa shakedi, apfunditse n’ayasambuye. Kw’ishami rikurikira bizobe uko, kandi ni ko bizomera no kuri ayo mashami atandatu yose ari ku giterekwako amatara. 34 Kuri co hazobeko ibikombe bine bimeze nk’amashurwe y’igiti citwa shakedi, apfunditse n’ayasambuye. 35 Musi y’amashami abiri ya mbere hazobe ishurwe ripfunditse riva ku mutumba waco, irya kabiri ribe musi y’ayandi abiri akurikira, irya gatatu musi y’amashami ya gatatu, gutyo gutyo gushika kuri atandantu yose hamwe. 36 Amapfundo y’amashurwe hamwe n’amashami bizobe bifatanijwe, bigizwe ikintu kimwe n’umutumba w’igiterekwako amatara, vyose bicuzwe mu nzahabu itavanze.

37 Maze muheze mugikorere amatara indwi, muyagishireko kugira ngo aboneshe imbere yaco. 38 Utundi dukoresho twose nk’imikasi n’udusahani bijanye bizobe bicuzwe mu nzahabu itavanze. 39 Mu gucura ico giterekwako amatara hamwe n’ibijanye na co vyose hazokoreshwe italanto y’inzahabu itavanze. 40 Uze urabe neza ko bikorwa nk’uko wavyerekewe kuri uwu musozi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-