Publicidade

Êxodo 33

1 Maze Uhoraho abarira Mose ati: "Nimuve ngaha mugende mwe n’abantu wakuye muri Egiputa, muje mu gihugu nasezeraniye Aburahamu, Isaka na Yakobo, ico nabasezeraniye ndababwira nti: ‘Iki gihugu nzogiha uruvyaro rwanyu.’ 2 Ndabaha umumarayika abaje imbere, kandi nzokwirukana Abanyakanani, Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi. 3 Haguruka mugende muri ico gihugu gitemba amata n’ubuki. Ariko jewe sinzojana namwe, kuko muri ubwoko bw’intagondwa kandi bw’abagarariji, nohava ndabamarira mu nzira."

4 Abantu bumvise ayo majambo ateye ubwoba baca batangura kuboroga, bambura ivyo bari bambaye vyose vyo kwishariza. 5 Uhoraho yari yabwiye Mose ati: "Bwira Abisirayeli uti: ‘Muri ubwoko bw’intagondwa kandi bw’abagarariji. Hamwe nojana namwe n’akanya na gatoya nobahonya. Nimwiyambure ivyo bisharizo vyanyu vyose vy’amahereni n’impuzu, mu gihe nciyumvira ico ndi bubagire.’ " 6 Nuko Abisirayeli biyambura ibisharizo vyabo vyose kuva bakiva ku musozi Horebu, ntibasubira kuvyambara.

Ihema ry’Ibonaniro

7 Mose yama afata rya hema akarishinga hirya gatoya y’aho bacumbitse, akaryita Ihema ry’Ibonaniro. Uwufise ico asaba Uhoraho wese yaca aja kw’Ihema ry’Ibonaniro inyuma y’aho bacumbitse. 8 Igihe cose Mose yava aho bacumbitse agiye mw’Ihema ry’Ibonaniro, abantu bose baca bahaguruka bakaja guhagarara ku rwinjiriro rw’amahema yabo, bakihweza Mose gushika yinjiye muri rya Hema. 9 Mose yinjiye muri iryo Hema, inkingi y’igicu yaca yururuka igahagarara mu rwinjiriro rwaryo mu gihe Uhoraho yaba ariko aravugana na Mose. 10 Igihe cose abantu babona ico gicu cururutse kigahagarara ku rwinjiriro rw’Ihema, baca bahaguruka bagasenga, umwe wese agahagarara mu muryango w’ihema ryiwe. 11 Uhoraho yavugana na Mose amaso mu yandi, nk’uko umuntu avugana na mugenziwe. Mose yaraheza akagaruka aho baba bacumbitse, ariko umusore Yosuwa mwene Nuni yari asanzwe amufasha, we yaguma mw’Ihema.

Mose abona ubwiza bw’Uhoraho

12 Umusi umwe Mose abarira Uhoraho ati: "Uhoraho we, wambwiye uti: ‘Twara abo bantu bawe,’ ariko ntiwigeze umbarira uwo uturungikanye. Wambwiye uti: ‘Ndakuzi mw’izina kandi wagiriwe ubuntu mu nyonga zanje.’ 13 None nimba nagiriwe ubuntu mu nyonga zawe, nyigisha inzira zawe kugira ngo ndakumenye, nze name ngirirwa ubuntu mu nyonga zawe. Kandi wibuke ko ubu bwoko ari abantu bawe."

14 Uhoraho aramwishura ati: "Nzojana namwe kandi nzoguha akaruhuko."

15 Maze Mose aramubwira ati: "Nutajana natwe, ntuturungike ngo tuve ngaha. 16 Mbega abantu bazomenya gute ko tuguhimbaye, jewe n’abantu bawe utajanye natwe? Canke ni igiki kizotandukanya twebwe abantu bawe n’ayandi mahanga yo kw’isi?"

17 Uhoraho yishura Mose ati: "Nzokora ivyo unsavye vyose kuko wagiriwe ubuntu nkakumenya mw’izina."

18 Mose na we avuga ati: "None rero nyereka ubwiza bwawe."

19 Uhoraho aramwishura ati: "Nzocisha ubwiza bwanje bwose imbere yawe, nongere mvugire izina ryanje, Uhoraho, imbere yawe. Kuko nzogirira imbabazi uwo nzohitamwo kuzigirira, kandi nzogirira impuhwe uwo nzohitamwo kuzigirira. 20 Ariko ntuzombona mu maso kuko ata muntu yabonye mu maso hanje ngo abandanye abaho."

21 Uhoraho aramubwira ati: "Hagarara ku gitandara aha hafi yanje. 22 Ubwiza bwanje nibwarengana, nzokunyegeza mu kanogo ko kuri ico gitandara, nongere ndagupfukishe ikiganza canje gushika ndenganye. 23 Nzoheza nkureho ikiganza maze umbone ubw’inyuma, kuko mu maso hanje ata wushobora kuhabona."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-