1 Maze Uhoraho abarira Mose iti: "Rindira gato wirabire ivyo nkorera Farawo. Ku bw’ukuboko kwanje kw’inkomezi, azobarekura bagende; ku bw’ukuboko kwanje kw’inkomezi, azobirukana bave mu gihugu ciwe."
2 Imana yongera iramubwira iti: "Ndi Uhoraho. 3 Niyeretse Aburahamu, Isaka na Yakobo, ndabiyereka nk’Imana Mushoboravyose, ariko sinigeze ndabibwira muri iryo zina ryanje ari ryo Uhoraho. 4 Kandi nabasezeraniye ko nzobaha igihugu c’i Kanani, ico babayemwo nk’abanyamahanga. 5 Icongeyeko narumvise amarira y’abantu banje bari mu buja muri Egiputa, nca nibuka isezerano nabasezeraniye.
6 None rero barira Abisirayeli uti: ‘Ndi Uhoraho, nzobakura musi y’agacinyizo k’Abanyegiputa. Nzobabohora mureke kubabera abagurano, nzogorora ukuboko kwanje ndabacungure nkoreshe n’ibikorwa bikomeye bigaragaza urubanza mbaciriye. 7 Nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu. Ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho Imana yanyu nabakuye mu gacinyizo k’Abanyegiputa. 8 Nzobajana mu gihugu narahiye manitse ukuboko ko nzogiha Aburahamu, Isaka na Yakobo. Nzokibaha kibe inyegu yanyu. Ni jewe Uhoraho ndabivuze.’ "
9 Maze Mose yiganira Abisirayeli ivyo Imana yamubwiye, ariko ntibamwumviriza kuko bari baciwe intege n’agacinyizo gahambaye barimwo.
10 Uhoraho abarira Mose ati: 11 "Genda ubarire Farawo umwami wa Egiputa arekure Abisirayeli bave muri iki gihugu."
12 Ariko Mose abarira Uhoraho ati: "Nimba Abisirayeli batanyumviriza, mbega Farawo yonyumviriza gute ntazi no kuvuga?"
13 Maze Uhoraho avugana na Mose na Aroni, ababwira ivyo babwira Abisirayeli na Farawo umwami wa Egiputa, ngo bakure Abisirayeli muri Egiputa.
14 Aba ni bo baserukira imiryango yabo:
Bene Reyubeni ari we mfura mu bahungu ba Isirayeli bari aba:
Enoki, Palu, Hezironi na Karumi.
Abo ni bo bari bagize imiryango ya Reyubeni.
15 Bene Simeyoni bari:
Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Sawuli yavyaye ku Munyakananikazi.
Abo na bo bari bagize imiryango ya Simiyoni.
16 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi nk’uko vyanditswe:
Gerishoni, Kohati, na Merari.
(Lewi yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi.)
17 Abahungu ba Gerishoni uko imiryango yabo yari imeze ni:
Libuni na Shimeyi.
18 Abahungu ba Kohati bari aba:
Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli.
(Kohati yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’itatu.)
19 Abahungu ba Merari bari aba:
Mahuli na Mushi.
Iyo ni yo miryango ya Lewi uko yanditswe:
20 Amuramu yarongoye mushiki wa se yitwa Yokebedi, bavyarana Aroni na Mose.
(Amuramu yabayeho imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi.)
21 Abahungu ba Izihari bari aba:
Kora, Nefegi na Zikuri.
22 Abahungu ba Uziyeli bari aba:
Mishayeli, Elizafani, na Situri.
23 Aroni yarongoye Elisheba umukobwa wa Aminadabu akaba na mushiki wa Nahashoni, bavyarana Nadabu, Abihu, Eliyazeri na Itamari.
24 Abahungu ba Kora bari aba:
Asiri, Elukana, na Abiyasafu.
Ni bo bari bagize imiryango ya Kora.
25 Eliyazeri mwene Aroni yarongoye umwe mu bakobwa ba Putiyeli, bavyarana Finehasi.
Abo ni bo bari abakuru b’imiryango ikomoka kuri Lewi, ukurikije abakuru b’amazu.
26 Uwo Aroni nyene na Mose ni bo Uhoraho yabwiye ati: "Kura Abisirayeli muri Egiputa uko imiryango yabo iri." 27 Ni bo babwiye Farawo umwami wa Egiputa ngo arekure Abisirayeli.
28 Igihe Uhoraho yavugana na Mose ari muri Egiputa yamubwiye ati: 29 "Ndi Uhoraho. Genda ubwire Farawo umwami wa Egiputa ivyo ndakubariye vyose."
30 Ariko Mose abwira Uhoraho ati: "Mbega ko ntazi no kuvuga, ni igiki cotuma Farawo anyumvira?"