1 Muzonyubakire igicaniro mukoresheje imbaho z’igiti c’ikasiya gifise uburebure n’ubwaguke bingana ku rugero rw’ingero z’igice c’ukuboko zitatu, n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’igihagararo. 2 Muzogihe amahembe ane mu mfuruka zine, kandi azobe akozwe kimwe n’igicaniro, hanyuma mucomekeko umwakaka. 3 Bazogikorere ibikoresho vyose bijana n’igicaniro, ari vyo vy’ibi: udukono two kuyoreramwo umunyota, ivyo kuyoza umunyota, ibipawa, ivyo kwokoza inyama, n’ico kurahurirako umuriro. Ivyo bizokorwe mu mwakaka. 4 Muzogicurire akayungiro ko kwokerezako mu mwakaka, bagashireko ibigombo bine mu mfuruka zine zako. 5 Bazogashire musi y’imbiga z’igicaniro, amaja hagati na hagati mu gicaniro. 6 Ico gicaniro muzogikorere imyamba miremire ibiri y’ikasiya, muyomekeko umwakaka. 7 Iyo myamba muzoyicishe muri vya bigombo, ishike ku mpande zompi izokoreshwe mu kurerura igicaniro. 8 Ico gicaniro kizoba gikozwe mu mbaho, kimeze nk’isandugu ipfunduruye, nk’uko mwavyerekewe ku musozi.
9 Iryo hema ry’ibonaniro rize ryubakirwe urugo: uruhande rwo mu bumanuko ruzogire ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure, rugizwe n’igitambara c’inyuzi zera zihinze neza. 10 Ico gitambara kizoba gifashwe n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo zihagazeko mirongo ibiri bikozwe mu mwakaka, n’imirinda icuzwe mw’ifeza hamwe n’ibifatanije izo nkingi. 11 No ku ruhande rwo mu buraruko urwo ruzitiro ruzogire ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure, rugizwe na ca gitambara nyene n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo zihagazeko mirongo ibiri bicuzwe mu mwakaka, n’imirinda yo kukimanika n’igitambikwa co kukimanikako bikozwe mw’ifeza.
12 Mu burengero urwo rugo ruzogire ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu, rugire n’igitambara, hamwe n’inkingi icumi n’ivyo zihagararako icumi nyene. 13 Ku ruhande rwo mu buseruko, urwo rugo ruzogire ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu nyene. 14 Ku ruhande rumwe ruriko urwinjiriro hazobe igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu, n’inkingi zaco zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene, 15 no ku rundi ruhande hazobe igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu, n’inkingi zaco zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene.
16 Urwinjiriro rw’urugo ruzogire igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure, kijishwe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera zihinze neza, kijishwe n’abahinga karuhariwe, n’inkingi zine n’ibitereko vyazo. 17 Inkingi zose zigize urugo zizofatanywe n’imitambikwa hamwe n’imirinda bikozwe mw’ifeza, n’ivyo ziterekwako bicuzwe mu mwakaka. 18 Urugo ruzogire ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure, ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’uburebure bw’amaduga. Ibiterekwako inkingi vyose bizobe bicuzwe mu butare bw’umwakaka. 19 Ibindi bikoresho bitandukanye vyose bikenewe muri iryo Hema, harimwo n’imambo zo gufata ibitambara vyaryo, bizocurwe mu mwakaka.
20 Ubarire Abisirayeli bazane amavuta ya elayo ateguwe neza, yo gucana amatara, kugira ngo azogume yaka ibihe vyose. 21 Igiterekwako amatara kizoba gihagaze mw’Ihema ry’Ibonaniro, hino y’igitambara gikingira Isandugu y’Isezerano. Aroni n’abahungu biwe bazokwame bitwararika ayo matara kugira ngo azokwame yakira imbere y’Uhoraho kuva ku mugoroba gushika mu gitondo. Iryo rize ribe ibwirizwa ku Bisirayeli rihoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi.