Publicidade

Êxodo 31

Ivya Bezaleli na Oholiyabu

1 Uhoraho yongera abarira Mose ati: 2 "Ehe raba natoranije Bezaleli mwene Uri, umwuzukuru wa Huri wo mu muryango wa Yuda, 3 kandi namwujuje Mpwemu w’Imana, ubwenge, ugutahura, ubumenyi n’ubuhinga bw’ubwoko bwose, 4 kugira ngo ashobore gukora ibikorwa vy’ubuhinga mu nzahabu, mw’ifeza no mu mwakaka. 5 Afise ubuhinga bwo gukorogoshora amabuye n’ibiti, n’ubwo gukora ibintu bitandukanye. 6 Kandi natoranije Oholiyabu mwene Ahisamaki wo mu muryango wa Dani ngo abe uwo kumufasha.

Nahaye n’ubuhinga abakora ibikorwa vy’ubuhinga bose kugira ngo bazokore ivyo nakubariye vyose:

7 Ihema ry’Ibonaniro,

Isandugu y’Isezerano, umupfundikizo wayo wo gutangirako impongano,

hamwe n’ibindi bikoresho vyose bikenewe mw’ihema:

8 imeza n’ibikoresho vyayo, igiterekwako amatara n’ibikigize bicuzwe mu nzahabu iramuye,

igicaniro co guturirirako ibimota neza,

9 igicaniro co guturirirako ibimazi n’ibikoresho vyaco,

ibesani yo gukarabiramwo n’ivyo iterekwako;

10 hamwe n’ivyambarwa bijishe,

vyaba ivyambarwa vyejejwe vy’umuherezi Aroni

canke ivyambarwa vy’abahungu biwe, ivyo bazokwambara bariko barakora igikorwa c’ubuherezi,

11 amavuta yo kurobanura hamwe n’ibimota neza bitamirana vy’Ahera.

Bazobikore nk’uko nabigutegetse nyene."

Ivyo kwubahiriza Isabato

12 Uhoraho abarira Mose ati: 13 "Barira Abisirayeli baze bubahirize Isabato yanje, kuko ari ikimenyetso c’isezerano nagiranye na bo uko urunganwe ruzogenda rukurikirana, kugira ngo mumenye ko ndi Uhoraho abeza.

14 Muzokwubahirize Isabato kuko ari umusi wera kuri mwebwe. Uwuzoyihumanya aze yicwe. Nayo uwuzogira ico akora kw’Isabato azocibwe mu bantu biwe. 15 Muzokore ibikorwa vyanyu vya misi yose mu misi itandatu, ariko umusi w’indwi uzobe Isabato y’akaruhuko, yera y’Uhoraho. Uwuzogira igikorwa na kimwe akora kw’Isabato aze yicwe. 16 Abisirayeli bazokwubahirize Isabato, bayihimbaze uko urunganwe ruzogenda rukurikirana nk’icagezwe c’intahava. 17 Kizokwama ari ikimenyetso kizoba hagati yanje n’Abisirayeli ibihe vyose, kuko mu misi itandatu, Uhoraho yaremye isi n’ijuru, ku musi ugira indwi akaruhuka, ntiyakora ikindi kintu na kimwe."

18 Uhoraho ahejeje kuvuganira na Mose ku musozi Sinayi, amuhereza ibisate vy’amabuye biriko amabwirizwa, ibisate vy’amabuye Imana yiyandikiyeko n’urutoke rwayo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-