Publicidade

Êxodo 21

1 Ibi ni vyo vyagezwe uzobaha.

Ivyagezwe vyerekeye abagurano b’Abaheburayo

2 Niwagura umugurano w’Umuheburayo, azogukorere imyaka itandatu. Ku mwaka ugira indwi uze umureke yidegemvye, ata kiguzi atanze. 3 Niyaba yaje wenyene, azosubire inyuma wenyene. Ariko niyaba yazananye n’umugore, bazosubirane inyuma. 4 Shebuja niyamuha umugore, hanyuma akamuvyarako abahungu n’abakobwa, uwo mugore n’abana bazogume ari aba shebuja, umugabo wenyene ni we azokwidegemvya.

5 Ariko niyavuga ati: ‘Jewe ndakunda databuja n’umugore wanje n’abana banje, singomba kwidegemvya,’ 6 shebuja akwiye kumuzana imbere y’Imana. Hanyuma, yongere amujane amuhagarike imbere y’igishimaryango, afate icuma amutobore ugutwi. Aho rero azoba abaye umugurano wiwe ubuzima bwiwe bwose.

7 Umuntu niyagurisha umukobwa wiwe nk’umuguranokazi, imyaka itandatu iheze, ntazokwidegemvya nk’uko bigenda ku bahungu. 8 Natahimbara shebuja yari yaramuguze, azomureke acungurwe. Ariko shebuja nta bubasha afise bwo kumugurisha ku banyamahanga, kuko ni we yahisemwo ko bavana. 9 Ariko, nimba shebuja ashimye ko yomushingira umuhungu wiwe, ico gihe azomushingirane iteka nk’umukobwa wiwe bwite. 10 Hamwe uwo mugabo yogomba kurongora uwundi mugore, ntihaze hagire ikintu na kimwe agabanya ku vyo yahora aha uwo wa mbere, haba ku mfungurwa, ku vyambarwa, canke ku mabanga y’abubatse. 11 Natamuha ivyo vyose uko ari bitatu, azoce yidegemvya ata kiguzi co kwicungura atanze.

Ivyagezwe vyerekeye kwicana

12 Nihagira uwukubita uwundi akamwica, na we azokwicwe. 13 Ariko niyamwica atabishaka, ari kubera Imana yabiretse bikaba, azohungire mu gisagara nzomwereka. 14 Ariko uwuzokwica umuntu yabiteguye, muzomukure ku gicaniro canje mumwice.

15 Nihagira uwukubita se canke nyina azokwicwe.

16 Nihagira uwiba umuntu, akamugurisha canke akamufatanwa, azokwicwe.

17 Uwuzotuka se canke nyina azokwicwe.

18 Abantu babiri nibatongana, umwe agatera ibuye uwundi canke akamukubita ingumu ariko ntapfe, yamara bigatuma ategerezwa kwama aryamye ku buriri, 19 uwabikoze ntihaze hagire ico bamugira uwo muntu niyatora mitende agashobora kugendagenda yishimikije inkoni. Ariko ategerezwa kuzomushumbusha ivyo yatakaje igihe cose yamaze aryamye, kandi azogume amufasha gushika akire neza.

20 Umuntu niyakubita inkoni umugurano wiwe yaba umuhungu canke umukobwa, bikandurukamwo gupfa, azobihanirwe. 21 Ariko uwo mugurano niyakira inyuma y’umusi umwe canke ibiri, shebuja ntazobihanirwe kuko uwo mugurano yamuguze amahera yiwe.

22 Abantu babiri nibaba bariko baragwana, hanyuma bagaca ku mugore afise inda batabibonye, ya nda ikavuka hataragera, ariko ntihagire ikindi aba, uwamuciyeko azotange ico umugabo w’uwo mugore azosaba cose mu gihe kizoba cemejwe n’abacamanza. 23 Ariko uwo mugore niyagira ikindi aba, ubugingo buzohorwe ubundi, 24 ijisho rihorwe irindi, iryinyo rihorwe irindi, ukuboko guhorwe ukundi, ukuguru guhorwe ukundi, 25 ubushe buhorwe ubundi, igikomere gihorwe ikindi, umumyore uhorwe uwundi.

26 Umuntu niyakubita umugurano wiwe, yaba umuhungu canke umukobwa akamumena ijisho, azoce amureka yidegemvye, maze ico kizomubere inshumbusho ku jisho ryiwe. 27 Naho niyamukubita akamukuramwo iryinyo, na ho nyene azomureke yidegemvye, kimubere inshumbusho ku ryinyo ryiwe.

28 Impfizi niyaseka umuntu agapfa, na yo izokwicishwe amabuye, kandi inyama zayo ntizizoribwe. Ariko nyeneyo ntazobihanirwe. 29 Ariko nimba iyo mpfizi yari isanzwe yica, nyeneyo akaba yari yaramaze kuburirwa ariko ntayizirike hanyuma ikica umuntu, iyo mpfizi izokwicishwe amabuye kandi na nyeneyo azokwicwe. 30 Ariko bene uwo yishwe n’iyo mpfizi bemeye kwakira indishi y’akababaro, nyeneyo azocungure ubugingo bwiwe mu gutanga ivyo azosabwa vyose. 31 Iki cagezwe kizokurikizwe n’igihe impfizi izoba isetse umwana. 32 Impfizi niyaseka umugurano, nyeneyo azorihe shekeli mirongo itatu z’ifeza, azihe shebuja w’uwo mugurano, iyo mpfizi na yo izoterwe amabuye.

33 Umuntu niyimba ikinogo canke agapfukura ikinogo cari gipfutswe hanyuma ntagipfuke, maze inka canke indogoba ikakigwamwo, 34 nyene kucimba azorihe ico gitungwa, atware n’ico gitungwa capfuye.

35 Nihagira impfizi ikomeretsa iyindi ikayica, iyo yishe iyindi izogurishwe, ba nyenezo bagabure ayo mahera hamwe n’inyama z’iyapfuye. 36 Ariko nimba vyari bizwi ko iyo mpfizi ikunda kugwana, hanyuma nyeneyo ntaheze ngo yame ayiziritse, nyeneyo azorihe iyo yapfuye, hanyuma atware uwo muvyimba.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-