1 Uhoraho abarira Mose ati: "Subira uje kwa Farawo, kuko nakomantaje umutima wiwe n’uw’abatware biwe, kugira ngo mbashe kwerekana ibimenyetso n’ibitangaza vyanje 2 kandi kugira ngo muzobwire abana n’abuzukuru banyu ingene nahanye nivuye inyuma Abanyegiputa, eka n’ibitangaza nakoreye hagati muri bo kugira ngo mumenye ko ndi Uhoraho."
3 Nuko Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubwira bati: "Uku ni koUhoraho, Imana y’Abaheburayo, avuze: Uzogeza ryari gukomantaza umutima imbere yanje? Rekura abantu banje baje kunsenga. 4 Nutabarekura, ejo nzorekurira inzige ku gihugu cawe. 5 Zizopfuka isi gushika aho ata wuzoshobora no kubona hasi. Zizotikiza utwasigajwe n’urubura, harimwo n’igiti cose co mw’ishamba. 6 Zizokwuzura mu mazu yawe n’ay’abatware bawe, n’ay’Abanyegiputa bose. Kizoba icago ba sogokuru na ba sogokuruza batari bwigere babona." Mose aca asubira inyuma, atandukana na Farawo.
7 Abatware ba Farawo na bo bamubwira bati: "Mbega uzogeza ryari kureka uwo mugabo ngo agume aduta mu mutego? Rekura abo bantu bagende gusenga Uhoraho Imana yabo. Ntubona ko Egiputa hatikiye?"
8 Nuko Mose na Aroni bagarukanwa imbere ya Farawo, na we arababwira ati: "Nimugende musenge Uhoraho Imana yanyu. Ariko rero mbarira: Ni ba nde muzojana?"
9 Mose na we aramwishura ati: "Tuzojana n’abakiri bato n’abakuze, abahungu n’abakobwa bacu, n’ibitungwa vyacu, kuko tuzoba tugiye kwigina Uhoraho."
10 Farawo arababwira ati: "Uhoraho arabana namwe, ninabareka mukajana n’abagore n’abana banyu! Biraboneka ko mufise intumbero mbi. 11 Ntibikabe! Nimujane n’abagabo gusa, musenge Uhoraho, kuko ari co mwagumye munsaba." Nuko Mose na Aroni baca barirukanwa, bava imbere ya Farawo.
12 Maze Uhoraho abarira Mose ati: "Ramvurira ukuboko kwawe kuri Egiputa uhamagare inzige. Zize zipfuke isi, zitikize igiterwa cose casigajwe n’urubura."
13 Mose aramvurira ya nkoni yiwe kuri Egiputa, Uhoraho na we ahuhutisha umuyaga uvuye mu buseruko, uhuhuta mu gihugu cose, ijoro n’umurango. Bukeye mu gatondo, wa muyaga wo mu buseruko wari wazanye za nzige; 14 zitera igihugu cose ca Egiputa, zirundana ahantu hose mu gihugu ari nyinshi cane. Ntihari bwigere haba icago c’inzige kimeze nk’ico, nta n’ikizosubira kubaho. 15 Zarapfutse isi gushika aho yose yirabura. Zitikiza ivyari vyasigajwe n’urubura, uri imirima, ivyamwa, n’ibiti. Nta citwa icatsi, canke igiti, canke igiterwa cabaye kikirangwa mu gihugu ca Egiputa.
16 Farawo aca atumako ningoga Mose na Aroni, ababwira ati: "Nacumuye k’Uhoraho Imana yanyu no kuri mwebwe. 17 Nimusubire mumparire icaha canje, munsabire Uhoraho Imana yanyu ankureko iki cago c’urupfu."
18 Mose aca ava imbere ya Farawo, asenga Uhoraho. 19 Uhoraho na we aca ahindukiza wa muyaga, uhuhuta n’inkomezi nyinshi uvuye mu burengero, ugenda ukubuye inzige zose uzisuka mu Kiyaga Gitukura. 20 Ariko Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, na we ntiyarekura abantu ngo bagende.
21 Uhoraho abarira Mose ati: "Ramvura ukuboko kwawe ukurabishije mu kirere, umwijima w’umuzitanya uca utera Egiputa, umwijima ukomeye kugeza aho umuntu yowukabakaba akawumva." 22 Nuko Mose aramvura ukuboko akurabishije kw’ijuru, umwijima w’umuzitanya uca utwikira igihugu cose ca Egiputa, umara imisi itatu. 23 Nta washobora kubona uwundi, kandi nta wava aho ari ngo aje ahandi muri iyo misi itatu. Ariko aho Abisirayeli baba hoho hari umuco nk’uko bisanzwe.
24 Maze Farawo atumako Mose aramubwira ati: "Genda musenge Uhoraho. Nimujane n’abagore n’abana banyu, ariko ibitungwa vyanyu bisigare ngaha."
25 Ariko Mose aramwishura ati: "Twemerere dutware ibimazi vyo guturira mu gushikanira Uhoraho Imana yacu. 26 Tugenda tujanye n’ibitungwa vyacu vyose, nta na kimwe dusiga inyuma. Muri vyo ni ho tuzotoramwo ivyo gushikanira Uhoraho Imana yacu, kandi tudashitseyo ntituzomenya ivyo tuzokoresha mu gushikanira Uhoraho."
27 Ariko Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyemera kubarekura. 28 Farawo akankamira Mose ati: "Mva imbere, sinzosubire kukubona imbere yanje! Nkazosubira kukubona nzokwica."
29 Mose aramwishura ati: "Nibibe nk’uko ubivuze, sinzokwongera kugaruka imbere yawe."