1 Hamagara Aroni mukurwawe, n’abahungu biwe: Nadabu, Abihu, Eliyazeri na Itamari, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bambere abaherezi. 2 Uzosoneshereze Aroni mukurwawe imyambaro yejejwe, imushariza ikamuhesha icubahiro. 3 Ubwire abahinga nashizemwo impwemu y’ubwenge bwo gukora akazi nk’ako, bashonere ivyambarwa Aroni bizomwerekana nk’umuherezi yatoranijwe ngo ankorere igikorwa c’ubuherezi. 4 Ibi ni vyo vyambarwa bazomukorera: umufuko wo ku gikiriza, efodi, ikanzu, umwambaro usharijwe n’amabara, igitambara co kuzingira mu mutwe n’umukanda. Nuko bazojishire Aroni mukurwawe n’abahungu biwe ivyambarwa vyejejwe, ivyo bazokwambara bariko barakora igikorwa c’ubuherezi. 5 Bazokoreshe inyuzi zera derere nziza, inzahabu, inyuzi z’ubururu, izitukura n’izitukura cane.
6 Bazoshone efodi mu nyuzi z’inzahabu, iz’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza bizokorwe n’abahinga karuhariwe. 7 Izogirwe n’ibitambara bibiri, kimwe c’imbere n’ikindi c’inyuma bihurira ku bitugu, bigafatanirizwa ku mfuruka zavyo kugira ngo bigume. 8 Umukanda wo kuyikenyeza uzobe ukozwe ku buhinga mu gitambara cayo, bifatanijwe. Uzosharizwe n’inzahabu, ushirweko inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane hamwe n’izera derere, zihinze neza.
9 Uzofate utubuye tubiri twitwa onigisi, utwandikeko amazina ya bene Isirayeli, 10 kamwekamwe kajeko amazina atandatu nk’uko bakurikirana. 11 Uzokwandike ayo mazina ku tubuye tubiri nk’uko umucuzi yandika ku kidodo. Maze uzoje uratwomeka ku dusharizo tw’inzahabu. 12 Uzodutere kuri vya bitambara vya efodi bifatanira ku bitugu, tuzobe utubuye tw’icibutso ku Bisirayeli. Aroni azokwame afise ayo mazina ku bitugu nk’icibutso imbere y’Uhoraho. 13 Bazokore utugenegene mu nzahabu, 14 hamwe n’imigufu itsivye ikozwe mu nzahabu ifashe kuri twa tubuye ikamanuka kuri efodi.
15 Uzoshone n’umufuko wo kwambara mu gikiriza, mu kurondera ico Imana ivuga imbere yo gufata ingingo. Uwo mufuko uzoshonwe n’abahinga karuhariwe. Na wo nyene uzokorwe nka efodi: ugirwe n’inzahabu, inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza. 16 Uwo mufuko uzobe ushonywe mu gitambara kizinzemwo kabiri, ufise impande zine zingana, uruhande rwose rungana n’ingero imwe y’intoke. 17 Bazowutereko imirongo ine y’amabuye y’agaciro. Umurongo wa mbere uzogirwe n’utwitwa saruduwane, topazi na emerode, 18 Uwa kabiri uzobe ugizwe n’utwitwa turikwaze, lapisi lazuli na diyama, 19 uwa gatatu uzobe ugizwe n’utwitwa yasente, agate na ametisite. 20 Mu wa kane hazobe harimwo utwitwa kirizolite, onigisi, na yasipi. Tuzogende twomekwa ku dusharizo tw’inzahabu. 21 Bazoshireko utubuye icumi na tubiri mu bwoko bumwebumwe bwose, kamwekamwe kw’izina ry’umuryango w’Abisirayeli nk’uko ari cumi n’ibiri, kandi izina ry’uwo muryango rize ryandikwe nk’uwandika ku kidodo.
22 Uwo mufuko wo mu gikiriza bazowushireko imigufu ikozwe mu nzahabu itavanze, imere nk’imigozi ihinze. 23 Bazoyikorere imiringa ibiri y’inzahabu yo gufatanya iyo migufu n’uwo mufuko, bayifatishe mu mfuruka zo hejuru. 24 Iyo migufu izofatanywe n’iyo miringa iri ku mfuruka z’uwo mufuko. 25 Iyindi mitwe y’iyo migufu izofatanywe na twa dusharizo tw’inzahabu hanyuma ifatanywe na ca gitambara co mu bitugu ca efodi, amaja imbere. 26 Bazocure n’iyindi miringa ibiri, bayishire ku zindi mfuruka zibiri za wa mufuko wo mu gikiriza, ku ruhande rw’imbere ahahereranye na efodi. 27 Bazocure iyindi miringa ibiri y’inzahabu, bayifatishe musi ya vya bitambara bibiri vya efodi bihurira ku bitugu, ku ruhande rw’imbere, hafi y’aho bihurira, amaja haruguru y’umukanda wa efodi. 28 Imiringa ya ya mpuzu yo mu gikiriza izofatanywe n’imiringa ya efodi n’umugozi usa n’ubururu, uzofatanya uwo mufuko n’umukanda, gutyo ntuze urazungazunga ariko ufate kuri efodi.
29 Gutyo, igihe cose Aroni azoba yinjiye Ahera, azoba yambaye amazina y’imiryango ya Isirayeli ku mutima wiwe nk’icibutso kizohoraho imbere y’Uhoraho. 30 Kandi bazoshire Urimu na Tumimu imbere muri uwo mufuko, kugira ngo bize bibe ku mutima wa Aroni igihe cose azoba yinjiye imbere y’Uhoraho. Gutyo Aroni azokwama yambaye ibimenyetso vyo kwuzuriza Abisirayeli igihe cose azoba arengutse imbere y’Uhoraho.
31 Uzoshoneshe ikanzu yo kwambarirako efodi mu gitambara kimwe gisa n’ubururu, 32 bayitoborere hagati na hagati aho Aroni azocisha umutwe. Iyo ntoboro bazoyibaririreko akandi kajishano, kayikikuze kugira ngo ntizohereho itabuka. 33 Umusozo wayo wo hepfo bazowutereko udusharizo dusa n’ivyamwa vy’amakomamanga mu nyuzi z’ubururu, izitukura n’izitukura cane; baze bararobekamwo udukengeri tw’inzahabu. 34 Bazoje barakurakuranya udukengeri n’amakomamanga bikikuje umusozo w’iyo kanzu. 35 Aroni azobe ari yo yambara ariko arakora igikorwa c’ubuherezi. Maze udukengeri tuzogenda turavuga uko yinjiye Ahera imbere y’Uhoraho, n’uko asohotse kugira ngo ntapfe.
36 Uzocure agasharizo kabase mu nzahabu itavanze kameze nk’ishurwe, bakandikeko nk’uwandika ku kidodo bati:
Yerejwe Uhoraho.
37 Bazogashireko umugozi usa n’ubururu, bawubohere ku gitambara co kwambara mu mutwe, ahaherereye imbere. 38 Aroni azokwame awambara mu ruhanga, gutyo yishireko ivyaha vy’Abisirayeli igihe bazoba bazanye amashikanwa yabo yejejwe. Azokwame awambaye mu ruhanga kugira ngo Uhoraho yemere abantu.
39 Uzoshonere Aroni umwambaro usharijwe n’amabara mu gitambara c’inyuzi zera derere, igitambara yambara mu mutwe gikozwe mu nyuzi zera derere, n’igitambara co mw’izosi gikozwe n’abahinga babimenyereye. 40 Uzoshoneshereze abahungu ba Aroni imyambaro isharijwe n’amabara n’ibitambara bizunguruka mw’izosi bikagaruka imbere, n’ibitambara vyo kuzingira ku mutwe kugira ngo bibasharize vyongere bibaheshe icubahiro. 41 Niwamara kwambika ivyo vyambarwa mukurwawe Aroni n’abahungu biwe, uzoce ubasiga amavuta, ubarobanure. Uzobeze kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.
42 Uzosoneshe n’agahuzu ko musi mu gitambara cera, kava mu rukenyerero kagashika ku matako kugira ngo bahishe ubwambure bwabo. 43 Aroni n’abahungu biwe azobe ari vyo bazokwambara igihe cose bazoba binjiye mw’Ihema ry’Ibonaniro, canke begereye igicaniro ngo bakorere ibikorwa Ahera, kugira ngo baze baboneke ata gasembwa ntibapfe.
Iki kizobe icagezwe kizokwamaho kuri Aroni no ku ruvyaro rwiwe.