1 Uhoraho abarira Mose ati: "Ibazire ibindi bisate vy’amabuye bibiri nka bimwe vya mbere, nzoheza ndabikwandikireko amajambo nk’ayari kuri bimwe vya mbere wamena. 2 Hanyuma witegure, ejo mu gatondo uzoduge hano ku musozi Sinayi. 3 Ntihaze hagire n’umwe mudugana canke ngo hagire n’umwe mbona ahantu na hamwe kuri uwu musozi, ntihazogire n’ibitungwa biwegera bije kurisha."
4 Nuko Mose abaza ibisate vy’amabuye bibiri nka bimwe vya mbere, avyuka kare mu gatondo, aduga ku musozi Sinayi, nk’uko Uhoraho yari yabimubwiye, adugana na vya bisate vy’amabuye mu minwe. 5 Maze Uhoraho amanuka muri ca gicu, ahagararana na we, amubwira rya zina ryiwe: Uhoraho. 6 Araheza aca imbere ya Mose, avuga ati: "Ndi Uhoraho, ndi Uhoraho, Imana y’impuhwe n’ubuntu, iteba kuraka, yuzuye urukundo n’ubwizigirwa, 7 mporana urukundo ku bantu ibihumbi, kandi mparira ibibi, ubugarariji n’ivyaha. Ariko sinirengagiza guhana uwacumuye; mpanira abana n’abuzukuru ivyaha vy’abavyeyi babo gushika ku runganwe rugira gatatu n’urugira kane."
8 Ubwo nyene Mose aca akubita ibipfukamiro hasi, arunama arasenga. 9 Avuga ati: "Ewe Mana, nimba ngiriwe ubuntu mu nyonga zawe, emera ujane natwe. Naho ubu bwoko ari abantu b’intagondwa kandi b’abagarariji, baharire ukugabitanya kwabo n’ivyaha vyabo maze utwakire nk’inyegu yawe."
10 Maze Uhoraho yishura ati: "Ehe raba ngiranye isezerano nawe imbere y’ubwoko bwawe. Nzokora ibitangaza bitari bwigere biboneka mu mahanga yose no kw’isi yose. Amahanga yose azoba abakikuje azobona ibikorwa bihambaye jewe Uhoraho nzobakorera. 11 Ukurikize ivyo ndakubwira uwu musi, nanje nzobaja imbere nirukane Abamori, Abanyakanani, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi. 12 Mwiyubare ntimuze mugirane isezerano na rimwe n’abo mu gihugu mugiyemwo, kuko mwohava mugwa mu mutego wabo. 13 Muzosangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye yabo y’ibimazi, mutemagure n’inkingi za Ashera. 14 Ntihaze hagire iyindi mana musenga, kuko jewe Uhoraho, nitwa Imana itabangikanywa, ndi Imana ipfuha.
15 Ntimuze mugirane isezerano na rimwe n’abo mu gihugu mugiyemwo, kuko igihe bazoba bariko barihumanisha ivyo bigirwamana vyabo babishikanira n’ibimazi, bazobatumira ngo mwifatanye na bo, musangire ku vyo bashikaniye imana zabo. 16 Hanyuma muzoca mwemera gusabira abahungu banyu abakobwa babo, ubwabo na bo basanzwe bashikanira ivyo ibigirwamana, maze bakwegere abahungu banyu kwifatanya na bo.
17 Ntimuzohirahire ngo mwicurire ibigirwamana mu vyuma bishongeshwa umuriro.
18 Muzohimbaze umusi w’imikate itarimwo umwambiro. Muzomare imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro, nk’uko nabibategetse. Ibi muzokwame mubikora igihe cose mu kwezi kwa Abibu, kuko muri ukwo kwezi ari ho mwaviriye muri Egiputa.
19 Abana bazovuka b’imfura bose ni abanje, co kimwe n’ibizovuka ubwa mbere mu bitungwa: inka, intama n’impene. 20 Icana c’indogoba kizocunguzwe umwagazi w’intama. Nikitacungurwa na ho, kizovunwe izosi. Abana b’abahungu b’imfura bose bazocungurwe.
Ntihaze hagire uwuza imbere yanje ari iminwe misa ata shikanwa anzaniye.
21 Muzokore ibikorwa vya misi yose mu misi itandatu, ariko ku musi ugira indwi muzoruhuke; naho muzoba muri mw’irima canke mw’iyimbura.
22 Kandi umusi ukurikira amasabato indwi muzowugire mukuru, ari wo w’intangamarara wo kugenya ingano; muhimbaze n’umusi mukuru w’iyimbura wo ku mpera y’umwaka. 23 Abagabo bose bo muri mwebwe bazoze gatatu ku mwaka imbere y’Uhoraho Nyeninganji, Imana ya Isirayeli. 24 Nzokwirukana amahanga imbere yanyu, ndabagurire imbibe, kandi nta muntu n’umwe azokwipfuza kubanyaga igihugu canyu nimwaja murarenguka imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu ku mwaka.
25 Ntimuze munshikanire amaraso y’ibimazi ari kumwe n’ikindi kintu ico ari co cose kirimwo umwambiro, kandi ntimuzoreke ikintu na kimwe cashikanywe kuri Pasika ngo kirare gishike mu gitondo.
26 Muze mushikane mu nzu y’Uhoraho Imana yanyu ivyeze ku mwimbu wa mbere unoboye w’imirima yanyu.
Ntimuze muteke umwagazi w’impene mu mata ya nyina."
27 Uhoraho yongera abwira Mose ati: "Andika aya majambo, kuko ahagarariye isezerano ngiranye na wewe hamwe n’Abisirayeli." 28 Mose yamaranye ngaho n’Uhoraho imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, atarya, atanywa, yandika kuri vya bisate vy’amabuye amajambo y’isezerano, ari yo mabwirizwa icumi.
29 Mose amanutse avuye ku musozi Sinayi afise vya bisate vy’amabuye biriko ya mabwirizwa, ntiyari azi ko mu maso hiwe haca ibibatsi kuko yari avuye kubonana n’Uhoraho. 30 Maze Aroni n’Abisirayeli baravye Mose babona arakayangana mu maso, batinya kumwegera. 31 Ariko Mose arabahamagara; maze Aroni n’abakuru barongoye abandi baramwegera, aganira na bo. 32 Haheze umwanya n’Abisirayeli bose baramwegera, na we abashikiriza ivyagezwe vyose Uhoraho yamuhereye ku musozi Sinayi.
33 Mose ahejeje kuvugana na bo, aca yipfuka umwitwikiro mu maso. 34 Igihe cose yinjira mw’Ihema ry’Ibonaniro kuvugana n’Imana, yaca akura wa mwitwikiro. Ariko asohotse kubwira Abisirayeli ivyo Uhoraho yamubwiye, 35 bama basanga aca ibibatsi. Yaca asubizako wa mwitwikiro ku maso gushika asubiye mw’Ihema kuvugana n’Uhoraho.