Pular para o conteúdo
Publicidade

Kuvayo 38

Bakora igicaniro co guturirirako ibimazi

1 Bubaka igicaniro co guturirirako ibimazi mu giti c’ikasiya gifise uburebure n’ubwaguke bingana ku ngero z’igice c’ukuboko zitanu38:1 Ni nk’imetero 2,3., n’ingero z’igice c’ukuboko zitatu38:1 Ni nk’imetero 1,5. z’igihagararo. 2 Bagiha amahembe ane mu mfuruka zine, kandi akorwa kumwe n’igicaniro, hanyuma bacomekako umwakaka. 3 Bakora n’ibikoresho vyose bijana n’igicaniro mu butare bw’umwakaka ari vyo vy’ibi: udukono, ivyo kuyoza umunyota, ivyo kwokoza inyama, n’ico kurahurirako umuriro. 4 Ico gicaniro bagikorera akayungiro, 5 bacura n’ibigombo vyo gufata imyamba, babitera mu mfuruka zine za ka kayungiro. 6 Iyo myamba bayibaje mu giti c’ikasiya, bayomekako umwakaka, 7 bayicisha muri vya bigombo bine biri ku mpande zibiri z’igicaniro kugira ngo ibe ari yo bazoja barakireruza. Bacubatse kimeze nk’isandugu ipfunduruye.

Bacura ibesani yo gukarabiramwo

8 Bacura ibesani mu butare bw’umwakaka n’ivyo bayiterekako bikozwe mu mwakaka wavuye ku vyirore vyatanzwe n’abagore bakora mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro.

Bubaka urugo

9 Bahejeje ivyo, bubaka urugo: uruhande rwo mu bumanuko rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana38:9 Ni nk’imetero 45. z’uburebure kandi rwari rugizwe n’ibitambara bijishwe mu nyuzi zera derere, zihinze neza. 10 Rukagira n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo zihagazeko mirongo ibiri bikozwe mu butare bw’umwakaka, n’imirinda icuzwe mw’ifeza hamwe n’ibifatanije izo nkingi. 11 Uruhande rwo mu buraruko na rwo nyene rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana38:11 Ni nk’imetero 45. z’uburebure, rukagira n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo ziteretseko mirongo ibiri bicuzwe mu mwakaka, rukagira imirinda icuzwe mw’ifeza, co kimwe n’ibirambitse bifatanije izo nkingi.

12 Uruhande rwo mu burengero rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu38:12 Ni nk’imetero 23., rugizwe n’ibitambara, rukagira inkingi icumi n’ivyo ziteretseko icumi bicuzwe mw’ifeza, hamwe n’imirinda icuzwe mw’ifeza, co kimwe n’ibirambitse bifatanije za nkingi. 13 Uruhande rwo mu buseruko, na rwo nyene rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu38:13 Ni nk’imetero 23.. 14 Ku ruhande rumwe rw’urwinjiriro haja igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu38:14 Ni nk’imetero 6,8., n’inkingi zaco zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene; 15 ku rundi ruhande hari ibitambara vy’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu38:15 Ni nk’imetero 6,8. nyene, n’inkingi zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene. 16 Ibitambara vyose vyari bigize urugo vyari bijishwe mu nyuzi zera zihinze neza. 17 Ibiterekwako inkingi vyari bicuzwe mu butare bw’umwakaka, imirinda yose na yo yari ikozwe mw’ifeza. Ku mitwe y’inkingi hari hometseko ifeza, kandi imiringa yo gufata ibitambara yose yari ikozwe mw’ifeza.

18 Ibitambara bikinga mu rwinjiriro rw’urugo vyari bijishwe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, vyakozwe n’abahinga karuhariwe. Vyari bifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri38:18 Ni nk’imetero 9. z’uburebure, hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu38:18 Ni nk’imetero 2,3. z’ubwaguke, co kimwe n’ibitambara bigize urugo. 19 Vyari biseguwe n’inkingi zine n’ivyo zihagazeko bine bikozwe mu butare bw’umwakaka, imirinda yavyo n’ibitambikwa bifatanya inkingi vyari bikozwe mw’ifeza, kandi imitwe y’inkingi yari yometseko ifeza. 20 Imambo zose z’Ihema hamwe n’izurugo rwari ruyikikuje zari zacuzwe mu butare bw’umwakaka.

Ivyakoreshejwe mu kwubaka ihema ry’ibonaniro

21 Ibi ni vyo bikoresho vyakoreshejwe mu kwubaka Ihema ry’Ibonaniro, nk’uko Mose yageze ko biharurwa, Abalewi bakaba ari bo babiharuye, barongowe na Itamari mwene Aroni umuherezi. 22 Bezaleli mwene Uri, umwuzukuru wa Huri wo mu muryango wa Yuda, ni we yakoze ivyo Uhoraho yari yategetse Mose vyose; 23 Yari afatanije na Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani, umuhinga mu kwishushaniririza ivyo yakora, akaba n’umuhinga mu gutegura inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere. 24 Inzahabu zatanzwe nk’ishikanwa ridasanzwe zakoreshejwe mu bikorwa vyo kwubaka ihema zangana n’italanto mirongo ibiri n’icenda na shekeli amajana indwi na mirongo itatu,38:24 Izo nzahabu zose hamwe zapima nk’ibilo 1.000. hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera.

25 Ifeza zegeranijwe mw’ikoraniro zangana n’italanto ijana38:25 Ni nk’ibilo 3.750. na shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo indwi na zitanu,38:25 Ni nk’ibilo 20. hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera. 26 Izo feza zatanzwe nk’ikori n’abagabo bose baharuwe, umwe wese agatanga ingero beka imwe, ni ukuvuga igice ca shekeli,38:26 Ni nk’amagarama 5,7. hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera. Abagabo batanze ifeza bari ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu bafise imyaka mirongo ibiri n’iyirenga. 27 Izo talanto ijana z’ifeza zakoreshejwe mu gucura ibitereko vyo gushingamwo inkingi ijana z’Ihema n’iza ca gitambara gikingiriye Ahera. Ibitereko ijana vyavuye mw’italanto ijana, italanto imwe ivamwo igitereko kimwe. 28 Bakoresheje shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo indwi na zitanu mu gucura imirinda n’ibitambikwa vyo gufatanya inkingi, izindi bazomeka ku mitwe y’inkingi.

29 Ivyo mu butare bw’umwakaka vyatanzwe nk’ishikanwa ridasanzwe vyangana n’italanto mirongo indwi na shekeli ibihumbi bibiri n’amajana ane38:29 Vyose hamwe ni nk’ibilo 2.500.. 30 Ivyo vyakoreshejwe mu gucura ivyo guterekako inkingi zo ku rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro, ku gicaniro c’umwakaka hamwe n’ibikoresho bijana na co, 31 ivyateretsweko inkingi zigize urugo rukikuje ihema hamwe n’urwinjiriro rwaryo, n’imambo z’Ihema n’izurugo ruyikikuje.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também