Publicidade

Êxodo 12

Ivy’Isabato n’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro

1 Uhoraho abarira Mose na Aroni bari muri Egiputa ati: 2 "Uku kwezi kuzobabera ukwa mbere mu yandi mezi; kuzobabera ukwa mbere mu mezi y’umwaka wanyu. 3 Barira Abisirayeli ko ku musi ugira icumi w’uku kwezi umuntu wese azoronderera umuryango wiwe umwagazi w’intama canke w’impene, umuryango wose uzorondere umwagazi umwe. 4 Umuryango ubaye muto aho utomara umwagazi, bazowusangire n’ababanyi bawegereye, bitewe n’igitigiri c’abari muri uwo muryango. Mutegekanye imyagazi ikwiranye n’uko abantu bangana. 5 Umwagazi muzotegura uzobe ishuri imaze umwaka, kandi ube uwutagira agasembwa. 6 Muzowubungabunge gushika ku musi ugira cumi na kane, maze abagize umuryango bazowukerere izuba rirenze. 7 Hanyuma muzofate amaraso yawo, muyasige ku bishimaryango vyompi no hejuru y’umuryango vy’amazu muzowuriramwo. 8 Inyama zawo muzozirye iryo joro nyene zokeje, muzikoze imboga zirura, n’imikate itarimwo umwambiro. 9 Ntimuzozirye mbisi canke zitetse, ahubwo muzozotse. Muzozirye zose: umutwe, ibinono n’izo mu nda. 10 Ntihazogire izo muraza. Nihagira izirara, mu gatondo muzoziturire. 11 Nguku uko muzozirya mumeze: muzozirye mukenyeye, mwambaye ibirato, mufise n’inkoni yo kwitwaza mu minwe. Muzozirye mwihuta. Iyo ni yo Pasika y’Uhoraho.

12 Iryo joro nyene nzoca muri Egiputa, nice imfura zose, iz’abantu n’iz’ibikoko, nongere ncire urubanza imana zose za Egiputa. Ni jewe Uhoraho ndabivuze. 13 Amaraso azoba ikimenyetso ku nzu murimwo, kandi aho nzobona amaraso nzoharengana. Nta cago co gutikiza kizobakorako ninakubita Egiputa.

14 Uwo musi muzohore muwibuka. Uko urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana, muzohore muwuhimbaza nk’umusi mukuru w’Uhoraho. 15 Muzomare imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro. Ku musi wa mbere, muzokure umwambiro wose mu mazu yanyu, nayo uwuzorya ikintu na kimwe kirimwo umwambiro muri iyo misi indwi azocibwe mu Bisirayeli. 16 Ku musi wa mbere muzogire ikoraniro ryera, irindi muzorigire ku musi ugira indwi. Kandi ico kiringo cose muzokimare ata kindi gikorwa mukora, kiretse gutegura ivyo kurya. Ico ni co mwemerewe gukora conyene.

17 Muzohimbaze umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro kuko ari kuri uwo musi nzoba narabakuriyeko muri Egiputa. Muzowuhimbaze nk’icagezwe kizokwamaho ibihe vyose uko urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana. 18 Mu kwezi kwa mbere, muzorye imikate itarimwo umwambiro muhereye mw’ijoro ryo ku musi ugira icumi na kane gushika ku musi ugira mirongo ibiri na rimwe. 19 Muri iyo misi indwi, ntihazogire umwambiro urangwa mu mazu yanyu. Kandi uwuzorya ikintu na kimwe kirimwo umwambiro azocibwe mu muryango w’Abisirayeli, yaba kavantara canke uwavutse ari Umwisirayeli. 20 Ntihaze hagire ikintu na kimwe kirimwo umwambiro murya. Aho muzoba muba hose, muzorye imikate itarimwo umwambiro."

21 Maze Mose akoranya abakuru bose bo mu Bisirayeli arababwira ati: "Ihute mugende muronderere imiryango yanyu imyagazi y’intama, mubage umwagazi wa Pasika. 22 Mufate udushami twa ezobu, mudukoze mw’ibesani irimwo amaraso, muyasige ku bishimaryango hejuru no hirya no hino y’urwinjiriro. Ntihazogire uwusohoka hanze gushika bukeye. 23 Uhoraho niyaca mu gihugu ca Egiputa gutikiza Abanyegiputa hanyuma akabona amaraso ku bishimaryango azoca arengana, ntazokwemera ko umuranduzi yinjira mu nzu zanyu kubatikiza.

24 Ibi mubikurikize nk’icagezwe kizokwamaho kuri mwebwe no ku bana banyu. 25 Nimwashika mu gihugu Uhoraho azobaha nk’uko yakibasezeraniye, muzokwame mwibuka kugira uwo musi mukuru. 26 Abana banyu nibababaza bati: ‘Mbega uwu musi mu vy’ukuri usigura iki?’ 27 Muzobabwire muti: ‘Ni ikimazi ca Pasika dushikanira Uhoraho, kuko yarenganye amazu y’Abisirayeli muri Egiputa, arengana ingo zacu, atikiza Abanyegiputa.’ " Mose ahejeje kubabwira ivyo, baca barunama barasenga. 28 Nuko Abisirayeli babikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose na Aroni.

29 Ijoro rigeze hagati, Uhoraho atikiza imfura zose zo muri Egiputa, uhereye ku mfura ya Farawo yatwara Egiputa ugashitsa no ku mfura z’abagurano biwe bari mu mabohero. N’ibitungwa vyavutse ubwa mbere birapfa. 30 Farawo n’abatware biwe hamwe n’Abanyegiputa bikanguye mw’ijoro, haba induru n’amaborogo menshi muri Egiputa, kuko ata nzu n’imwe yasigaye itabuze umuntu.

Abisirayeli bava muri Egiputa

31 Mw’ijoro, Farawo ahamagaza Mose na Aroni arababwira ati: "Nimugende! Nimumvire mu bantu mwe n’Abisirayeli! Nimugende musenge Uhoraho nk’uko mwabisavye. 32 Nimujane ibitungwa vyanyu nk’uko mwabisavye, mugende, kandi mugende munsabiye umugisha."

33 Abanyegiputa binginga Abisirayeli ngo bihute bave muri ico gihugu, kuko biyumvira bati: "Batagiye vuba, twese turapfa!" 34 Nuko Abisirayeli bafata ibikandu bitarimwo umwambiro, babishira mu twato bacumbamwo, babitwara ku bitugu bitekeye mu mitamana. 35 Abisirayeli bagenza uko Mose yababwiye, basaba Abanyegiputa ibikoresho bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza hamwe n’ivyambarwa. 36 Uhoraho atuma Abanyegiputa baraba ryiza Abisirayeli, babaha ivyo babasavye, gutyo baba baranyaze Abanyegiputa.

37 Abisirayeli bafata urugendo bava i Ramusesi baja i Sukoti. Bari abagabo bashika nk’ibihumbi amajana atandatu, abagore n’abana batarimwo. 38 Hari n’isinzi ry’abandi batari Abisirayeli bajanye na bo, kandi bari kumwe n’ibitungwa vyinshi cane. 39 Mu mitsima y’ibikandu bakuye muri Egiputa, baciye bakora imikate itarimwo umwambiro. Icatumye ivyo bikandu bitabamwo umwambiro n’uko bavuye muri Egiputa bihuta; nta mwanya baronse wo gutegura iyindi mpamba.

40 Igihe Abisirayeli bamaze muri Egiputa ni imyaka amajana ane na mirongo itatu. 41 Ku musi wa nyuma w’iyo myaka amajana ane na mirongo itatu ni ho ingabo z’Uhoraho zava muri Egiputa. 42 Kubera yuko Uhoraho yabereye maso Abisirayeli iryo joro ryose kugira ngo abakure muri Egiputa, Abisirayeli na bo bategerezwa kwama barirarako bari maso, kugira ngo baheshe Imana icubahiro uko urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana.

Ibijanye n’umusi wa Pasika

43 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: "Ibi ni vyo muzokurikiza mu kurya ivya Pasika:

Ntihaze hagire umunyamahanga azobiryako. 44 Ariko nihaba hari umugurano mwaguze, azobiryeko nimba yarakebwe. 45 Ariko uwuzoba abana namwe igihe gito canke umucangero ntaze abiryeko.

46 Umwagazi w’intama wa Pasika muzowurire mu nzu, ntihaze hagire inyama muzosohokana hanze, kandi ntihaze hagire igufa na rimwe muzovuna. 47 Imiryango ya Isirayeli yose izohimbaze umusi mukuru wa Pasika.

48 Abanyamahanga baba muri mwebwe bagomba guhimbaza Pasika y’Uhoraho, abagabo bo muri bo bose bazobanze bakebwe, babone gusangira n’abavutse ari Abisirayeli. Ariko ntihaze hagire uwutakebwe arya ku vya Pasika. 49 Iri tegeko rigenga bose, baba abavutse ari Abisirayeli canke abanyamahanga bazoba baba muri mwebwe."

50 Abisirayeli bose babigenza uko Uhoraho yabitegetse Mose na Aroni. 51 Uwo musi nyene, Uhoraho akura Abisirayeli muri Egiputa nk’uko imice y’ingabo zabo yari iri.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-