Publicidade

Êxodo 17

Igitandara kivamwo amazi

1 Ishengero ryose ry’Abisirayeli riva mu bugaragwa bw’i Sini, bagenda barayerera, bava hamwe baja ahandi nk’uko Uhoraho yaba abibategetse. Maze bacumbika i Refidimu, ariko aho hantu nta mazi yariho yo kunywa. 2 Nuko batatira Mose bavuga bati: "Duhe amazi yo kunywa!" Mose arabishura ati: "Ni kuki muntatira? Ni iki gitumye mugerageza Uhoraho?"

3 Ariko kubera inyota nyinshi, bakomeza kwidodombera Mose bati: "Ni kuki mwatuduganye mudukuye muri Egiputa mukatuzana kutwicisha inyota twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?"

4 Maze Mose abarira Uhoraho ati: "Mbega aba bantu ndabagire gute? Hasigaye gatoya bakantera amabuye."

5 Uhoraho yishura Mose ati: "Ca imbere y’abantu ugende. Uhitane bamwe mu bakuru barongoye abandi mu Bisirayeli, ujane na ya nkoni wakubitisha uruzi Nili, muheze mugende. 6 Ndahagarara imbere yanyu ku gitandara c’i Horebu. Nawe uheze ukubite ico gitandara, gica kivamwo amazi, abantu banywe." Maze Mose abikora gutyo mu maso y’abakuru barongoye abandi mu Bisirayeli. 7 Aho hantu aca ahita Masa na Meriba, kuko Abisirayeli bahatonganiye bakongera bakahageragereza Uhoraho bavuga bati: "Mbega Uhoraho ari kumwe natwe canke ntari kumwe natwe?"

Abisirayeli banesha Abamaleki

8 Abisirayeli bakiri i Refidimu, ingabo z’Abamaleki ziraza zirabatera. 9 Mose abarira Yosuwa ati: "Toranya abagabo bashobora kuja kugwanya Abamaleki. Ejo nzohagarara hejuru ku gatwe k’umusozi nitwaje ya nkoni y’Imana mu minwe."

10 Nuko Yosuwa agwanya Abamaleki nk’uko Mose yabimubwiye, ariko Mose, Aroni na Huri bobo baduga ku gatwe k’uwo musozi. 11 Umwanya wose Mose yamara adugije ya nkoni yari afise mu minwe, Abisirayeli baranesha. Ariko arushe akayimanura, Abamaleki baca babanesha. 12 Amaboko ya Mose amaze kuruha atagishobora kuguma ayagoroye, Aroni na Huri baca bazana ibuye Mose aryicarako, maze bamugumiriza amaboko hejuru, umwe ku ruhande rumwe uwundi ku rundi, kugira ngo amaboko yiwe agume yemye gushika izuba rirenze. 13 Maze Yosuwa anesha ingabo z’Abamaleki, abamarisha inkota.

14 Uhoraho abarira Mose ati: "Niwandike ibi mu gitabu, kugira ngo bize vyame vyibukwa, kandi ubimenyeshe na Yosuwa, kuko nzorandura Abamaleki ntibazosubire kwibukwa musi y’ijuru."

15 Mose aca yubaka igicaniro acita Yehova Nisi, bisigura ngo "Uhoraho ni we bendera ryanje". 16 Aca avuga ati: "Badugirije amaboko yabo kugwanya Uhoraho, none rero Uhoraho azokwama agwanya Abamaleki uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-