1 Inyuma y’ivyo, Mose na Aroni baja kwa Farawo baramubwira bati: "Uhoraho, Imana y’Abisirayeli avuze ngo: ‘Rekura abantu banje baje kungirira imisi mikuru mu bugaragwa.’ "
2 Farawo arabishura ati: "Uhoraho ni nde aho ndamwumvira nkareka Abisirayeli ngo bagende? Uhoraho nta we nzi, kandi sindabarekura ngo bagende."
3 Na bo baramwishura bati: "Imana y’Abaheburayo yaratwiyeretse. Tureke rero dufate urugendo rw’imisi itatu, tuje mu bugaragwa gushikanira ibimazi Uhoraho Imana yacu, kuko bitabaye gutyo yotumarisha ivyago canke inkota."
4 Ariko umwami wa Egiputa arabishura ati: "Mose na Aroni, ni igiki gitumye mutera abantu ubunebwe, mukabatesha ibikorwa vyabo? Nimusubire ku bikorwa vyanyu!" 5 Yongerako ati: "Raba abantu banyu baragwiriye muri iki gihugu, none muriko murababuza gukora!"
6 Uwo musi nyene Farawo aca aha itegeko abantu bakoresha abagurano b’Abisirayeli ati: 7 "Ntimuzosubire kubaha ivyatsi vyo gukoresha mu kubumba amatafari, kuva ubu ni bo bazohora bavyironderera, 8 kandi igitigiri c’amatafari bahora babumba ntikizogabanywa. Ni abanebwe, ni co gituma bariko barikomesha induru bavuga ngo: ‘Tureke tuje gushikanira Imana yacu ibimazi.’ 9 Nimubongerereze ibikorwa kugira ngo bagume bakora ntibaronke akanya ko kwumviriza amajambo y’ibinyoma."
10 Abo bakoresha abagurano baca baragenda babwira abantu bati: "Uku ni ko Farawo avuze: Sinzosubira kubaha ivyatsi vyo gukoresha mu kubumba amatafari. 11 Nabe ari mwebwe mwironderera iyo mubikura, ariko igitigiri c’amatafari mwahora mukora ku musi ntikizogabanuka." 12 Maze abantu bose bakwiragira Egiputa begeranya ivyatsi vyo gukoresha. 13 Ababakoresha babandanya babacunaguza, bababwira bati: "Mutegerezwa gukwiza igitigiri c’amatafari mwahora mubumba babahaye ivyatsi mukoresha." 14 Hanyuma abakozi ba Farawo bakoresha abagurano bagakubita Abisirayeli bashizeho ngo barongore benewabo, bababaza bati: "Ni kubera iki mutakwije igitigiri c’amatafari mwategerezwa kubumba, haba ejo canke uwu musi nk’uko mwahora?"
15 Maze abo barongozi b’Abisirayeli baca baja kwitwara kwa Farawo bavuga bati: "Ni iki catumye udukorera ibi, twebwe abasavyi bawe? 16 Nta vyatsi duhabwa, ariko tukabwirwa ngo ‘Bumba amatafari!’ Twebwe abasavyi bawe twirirwa turakubitwa; ivy’abantu bawe badukorera ni akarenganyo."
17 Farawo arabishura ati: "Mwa binebwe mwe! Muri ibinebwe, ni co gituma mwama muvuga ngo ‘Tureke tuje gushikanira ibimazi Uhoraho.’ 18 Subira ku bikorwa! Nta vyatsi muzoronswa, kandi mutegerezwa gukwiza igitigiri c’amatafari mwategetswe."
19 Abarongozi b’Abisirayeli baca barabona noneho ko bagowe cane babwiwe ko ata musi n’umwe bazobura gushitsa igitigiri c’amatafari bagenewe kubumba. 20 Bavuye kwa Farawo, basanga Mose na Aroni babarindiririye hanze. 21 Abo barongozi babwira Mose na Aroni bati: "Uhoraho abone ivyo mwatugiriye maze abahane. Mwatumye Farawo n’abantu biwe batuzinukwa, mwashize inkota mu biganza vyabo ngo batwice."
22 Maze Mose ahindukirira Uhoraho aravuga ati: "Ewe Mana, ni iki gitumye utera amagorwa aba bantu? Iki ni co catumye undungika? 23 Igihe cose nagiye kwa Farawo mw’izina ryawe, yababereye mubi gusumba uko yahora, kandi nawe ntaco wigeze ukora kugira ngo ubatabare."