1 Umusi umwe, Mose yari aragiye intama za sebukwe Yetiro, umuherezi w’i Midiyani, hanyuma azijana kure hirya y’ubugaragwa, ashika i Horebu, ku musozi w’Imana. 2 Maze umumarayika w’Uhoraho aramwiyereka ari mu rubeya rw’umuriro wakira mu gisaka. Mose yegereye ngo arabe, abona ico gisaka caka ariko kidatemuka. 3 Aca yibwira ati: "Reka negere ndabe ibi bitangaza. Ni kuki iki gisaka caka kidatemuka?"
4 Uhoraho abonye Mose agiye kwegera ngo arabe, Imana ica iramuhamagara iri muri ca gisaka, iti: "Mose! Mose!" Mose na we ati: "Sabwe!"
5 Iramubwira iti: "Ntiwegere hano hantu! Ambura ibirato vyawe kuko aha uhagaze ari ahera." 6 Yongera imubwira iti: "Ndi Imana ya ba sogokuruza, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka n’Imana ya Yakobo." Mose yumvise ivyo aca yipfuka mu maso kuko atinye kuraba Imana.
7 Uhoraho abarira Mose ati: "Niboneye amagorwa ubwoko bwanje burimwo muri Egiputa. Niyumviye amarira yabo avuye ku mibabaro bariko barababazwa n’ababategeka, kandi banteye akagongwe ku bw’iyo mibabaro barimwo. 8 None rero manutse kubatabara, ndabakize amaboko y’Abanyegiputa, ndabatware mu gihugu ciza, gitemba amata n’ubuki, igihugu c’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abahiwi, n’Abayebusi. 9 Amarira y’Abisirayeli yanshikiriye, kandi nabonye ingene Abanyegiputa babatwaza umukazo. 10 None rero genda, ndakurungitse kuri Farawo kugira ngo ukure abantu banje b’Abisirayeli muri Egiputa."
11 Ariko Mose yishura ati: "Mbega jewe ndi iki aho undungika kuri Farawo ngo nkure Abisirayeli muri Egiputa?"
12 Imana iramwishura iti: "Nzoba ndi kumwe nawe. Kandi iki ni co kimenyetso kizokwemeza ko ari jewe ndakurungitse: Niwakura abantu banje muri Egiputa, muzonsengera kuri uwu musozi."
13 Mose abwira Imana ati: "Ninaja mu Bisirayeli nkababwira nti: ‘Imana ya ba sogokuruza yabantumyeko,’ hanyuma bakambaza bati: ‘Izina ryayo yitwa nde?’ Nzobishura gute?"
14 Imana ibarira Mose iti: "Ndi uwo Ndi we. Uku abe ari ko uzobwira Abisirayeli, uti ‘Ndiho yabantumyeko.’ "
15 Imana yongera kubwira Mose iti: Uze ubwire Abisirayeli uti: "Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo yabantumyeko.
Iryo ni ryo zina ryanje ibihe vyose,
izina nzokwibukirwako
uko urunganwe ruzogenda rukurikirana.
16 Genda wegeranye abakuru b’Abisirayeli, ubabwire uti: ‘Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, Imana ya Aburahamu, Isaka na Yakobo yaranyiyeretse imbwira iti: Narihweje mbona uko Abanyegiputa babacunaguza. 17 Kandi nasezeranye ko nzobakiza agacinyizo murimwo muri Egiputa nkabatwara mu gihugu c’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abahiwi, n’Abayebusi, iguhugu gitemba amata n’ubuki.’
18 Abakuru b’Abisirayeli bazokwumvira. Hanyuma mwe na bo, muzoce mugenda ku mwami wa Egiputa mumubarire muti: ‘Uhoraho, Imana y’Abaheburayo yatwiyeretse. Tureke dufate urugendo rw’imisi itatu mu bugaragwa, tuje gushikanira ibimazi Uhoraho Imana yacu.’ 19 Ariko ndazi ko umwami wa Egiputa atazobarekura, kiretse ukuboko kw’inkomezi kumugondoje. 20 Ico gihe nzoramvura ukuboko kwanje nkubitishe Abanyegiputa ibitangaza vyose nzobakoreramwo. Hanyuma y’ivyo, azoca abarekura mugende.
21 Nzotuma Abanyegiputa babaraba ijisho ryiza, kugira ngo nimwagenda ntimuzogende iminwe misa. 22 Umugore w’Umwisirayelikazi wese azosabe umubanyi wiwe w’Umunyegiputakazi canke uwundi wese aba mu nzu yiwe utugenegene ducuzwe mu nzahabu canke mw’ifeza, n’impuzu muzokwambika abahungu n’abakobwa banyu. Uko ni ko muzonyaga itunga Abanyegiputa."