Publicidade

1 Coríntios 7

Ibijanye n’amabanga y’abubatse

1 Ku bijanye n’ivyo mwambajije mw’ikete mwanyandikiye, ni vyiza ko umuntu atorongora. 2 Ariko kubera ubusambanyi ari bwinshi, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi n’umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe. 3 Umugabo ategerezwa kurangura amabanga y’abubatse n’umugore wiwe, n’umugore wiwe ni uko nyene. 4 Umugore aba yemeye guha umubiri wiwe umugabo ngo abe ari we awuganza, kandi n’umugabo n’uko aba yemeye guha umubiri wiwe umugore ngo abe ari we awuganza. 5 Ntihakagire uwanka kurangura amabanga y’abubatse n’uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mugaca musubira kubana bisanzwe kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukunanirwa kuganza imibiri yanyu. 6 Ibi ndabibabwiye nk’impanuro si itegeko ndabahaye. 7 Ico nipfuza ni uko abantu bose boba nkanje. Ariko umuntu wese afise ingabire yisangije yahawe n’Imana; umwe agira ingabire kanaka, uwundi akagira iyindi.

8 Abatubatse n’abapfakaye bakwiye kuguma uko bari, nk’uko nanje ndi. 9 Ariko nimba badashobora kuganza imibiri yabo, bakwiye kwubaka, kuko umuntu yopfuma agira uwo bubakanye hako arengerwa n’ivyipfuzo vy’umubiri.

10 Ku bubatse, ntanze iri tegeko, ritavuye kuri jewe ariko rivuye ku Mwami Imana: umugore ntakahukane n’umugabo wiwe. 11 Ariko bishitse akahukana, ntaze asubire kurongorwa, canke na ho aze asubirane n’umugabo wiwe. N’umugabo na we ntakirukane umugore wiwe.

12 Abandi na bo, ibi ni vyo ndababwira, ariko ni jewe ubwanje, si Umwami Imana: mwene Data niyaba afise umugore atizera hanyuma uwo mugore agashaka kugumana na we, ntaze amwirukane. 13 Kandi mwene Data niyaba afise umugabo atizera, maze uwo mugabo akaba ashaka kugumana na we, ntaze avane na we. 14 Kuko umubano n’umugabo atizera wezwa biciye ku mugore wiwe yizera, kandi n’umubano hamwe n’umugore atizera wezwa biciye ku mugabo wiwe yizera. Ahandi ho abana banyu bobaye abahumanye, ariko noneho barejejwe.

15 Ariko umugabo atizera canke umugore atizera agomvye kuvana n’uwo bubakanye yizera, amureke yigire. Muri ico gihe uwo mugabo canke uwo umugore yizera ntaba akibohewe kuri uwo bubakanye atizera, kuko Imana yaduhamagariye kuba mu mahoro. 16 Mbega wa mugore we, ni igiki kikwemeza ko umugabo wawe azokizwa kubera wewe? Canke wa mugabo we, ni igiki kikwemeza ko umugore wawe azokizwa kubera wewe?

Ubuzima bw’inyuma yo guhamagarwa

17 Ariko rero umuntu wese akwiye kubaho ubuzima rukristo mu bihe vyose n’ahantu hose Umwami yamugeneye, kandi yisunze uko Imana yamuhamagaye. Iri ni ryo tegeko ntanga mu mashengero yose. 18 Nk’akarorero, nimba umugabo yari yarakebwe imbere yuko ahamagarwa, ntarondere kubihindura. Niyaba na ho atari yarakebwe igihe yahamagarwa, ntarondere gukebwa. 19 Ugukebwa canke ukudakebwa vyompi nta co bimaze. Igihambaye ni ugukurikiza amabwirizwa y’Imana. 20 Umuntu wese akwiye kuguma uko yari ameze igihe Imana yamuhamagara.

21 Nimba wari umugurano igihe Imana yaguhamara, ntibiguhagarike umutima. Ariko niwaronka ibakwe ryo kwidegemvya, widegemvye. 22 Kuko uwahamagawe n’Umwami ari umugurano aba abaye uwidegemvya mu Mwami, kandi uwahamagawe n’Umwami yidegemvya aba abaye umugurano wa Kristo. 23 Mwaguzwe igiciro kinini; nuko rero ntimukabe abaja b’abantu. 24 Bene Data, umuntu wese agume nk’uko yari ameze igihe Imana yamuhamagara.

Ivy’abashaje batubatse

25 Ku vyerekeye abatararongorwa, nta bwirizwa nahawe n’Umwami, ariko ndababwira ico niyumvira nk’umuntu w’umwizigirwa yagiriwe ubuntu n’Umwami. 26 Kubera ibihe bigoye turimwo, niyumvira ko umuntu yoguma uko asanzwe ari ubu. 27 Nimba wararongoye, nturondere kwahukana. Nimba utarongora, nturondere kurongora. 28 Urongoye nta caha uba ukoze, kandi inkumi irongowe, nta caha iba ikoze. Ariko abarongora bazobona amakuba menshi muri buno buzima, nkaba numva nshaka kuyabarinda.

29 Bene Data, ico ngomba kuvuga ni uko igihe gisigaye ari gito. Uhereye ubu, abafise abagore ntibiteho cane ivy’ingo gusa, 30 abarira babeho nk’abatarira, abari mu munezero babeho nk’abatanezerewe, abagura ibintu bamere nk’abatabifise. 31 Abari mu rudandazwa ntibatwarwe na rwo, kuko iyi si turimwo ubu igiye gukurwaho vuba.

32 Nipfuza ko mubaho mwidegemvya, ata mwitwarariko w’ivy’ubu buzima. Umugabo atarongoye yitwararika ibikorwa vy’Umwami, akama arondera ingene amunezereza. 33 Ariko uwarongoye yitwararika ivy’ino si, akarondera ingene yonezereza umugore wiwe. 34 Mu mutima wiwe aba akwegwa irya n’ino. Umugore canke inkumi itarongowe yitwararika ibikorwa vy’Umwami. Yihebera Umwami mu mubiri no mu mpwemu. Ariko uwarongowe yitwararika ivy’ino si, arondera ingene yonezereza umugabo wiwe. 35 Ibi ndiko ndabivuga ku neza yanyu, sindiko ndabaremereza amategeko. Nshaka ko mukora ikiborohereza gukorera neza Umwami ata bibasamaza.

36 None rero, umusore niyaba yipfuza cane umukobwa bazokwubakana, agatinya ko azohava amukorera ibidakwiye kuko vyanse ko yihangana, namurongore nk’uko avyipfuza, nta caha azoba akoze. 37 Ariko nimba umusore yafashe ingingo mu mutima wiwe yo kutarongora, avyihitiyemwo kandi akaba ashoboye kwigumya, na we nyene aba agize neza. 38 Nuko rero uwurongoye inkumi yahisemwo aba agize neza, ariko uwutarongoye aba agize neza gusumba.

39 Umugore aba abohewe ku mugabo iyo akiriho. Ariko umugabo amaze gupfa, umugore aba afise uburenganzira bwo kurongorwa n’uwo ashaka wundi, mu gihe uwo mugabo aba yubaha Umwami Imana. 40 Ariko jewe niyumvira ko yonezerwa gusumba agumye uko yari ari, kandi nanje ndabahaye iyi mpanuro ndongowe na Mpwemu w’Imana.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-