Publicidade

1 Coríntios 2

1 Bene Data, igihe naza iwanyu, sinaje mfise amajambo aryohoye arimwo ugushira amazinda, canke ubwenge bw’abantu mu kubamenyesha ibanga ry’Imana. 2 Kuko nahisemwo kutagira ikindi mvuga igihe nari kumwe namwe, atari Yesu Kristo wenyene, umwe yabambwa ku musaraba. 3 Naje iwanyu ndi umunyantegenke, mfise ubwoba kandi mpinda agashitsi. 4 Ubutumwa bwanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimwo ubwenge bwinshi n’amajambo yo kwemeza abantu, ariko yagaragaramwo ubushobozi bwa Mpwemu Yera, 5 kugira ngo ukwizera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ahubwo guhagarare ku bushobozi bw’Imana.

Ubwenge buva kuri Mpwemu

6 Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho. 7 Ahubwo tubabwira ubwenge bw’Imana bwari bwaragizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ariko Imana ikaba yari yabuduteguriye isi itararemwa kugira ngo buzoduhe ubwiza. 8 Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza. 9 Ivyanditswe bivuga biti:

"Ibintu ata jisho na rimwe ryigeze kubibona,

ibintu ata gutwi na kumwe kwigeze kuvyumva,

kandi ibintu ata bwenge bw’umuntu n’umwe bwigeze kuvyiyumvira,

ni vyo Imana yateguriye abayikunda."

10 Ariko ivyo nyene ni vyo Imana yaduhishuriye biciye muri Mpwemu wayo.

Mpwemu asesangura vyose, mbere n’ibihishijwe vy’amabanga y’Imana. 11 Nk’uko ata wushobora kumenya ivyiyumviro vy’umuntu atari impwemu yiwe, nta n’uwushobora kumenya ivyiyumviro vy’Imana atari Mpwemu wayo. 12 Kandi ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo dutahure ivy’akaburarugero Imana yaduhereye ubuntu. 13 Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu. 14 Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu. 15 Abantu bafise Mpwemu Yera basesangura vyose ariko bo nta wusesangura ivyabo, 16 kuko handitswe ngo:

"Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhoraho

kugira ngo amugire inama?"

Ariko tweho turabitahura kuko dufise ivyiyumviro vya Kristo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-