1 Ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, ndazi ko twese dufise ico tubiziko. Ariko ubumenyi butuma umuntu yishira hejuru; urukundo ni rwo rwubaka. 2 Iyo umuntu yibwira ko azi ikintu, ntaba arakimenya gushika ku rugero yategerezwa gushitsako mu kukimenya. 3 Ariko uwukunda Imana we na yo iramuzi.
4 None rero ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa ngaha kw’isi, kandi ko hari Imana imwe gusa. 5 Hari ivyitwa "imana" vyinshi kw’isi no kw’ijuru, kandi hari abantu basenga imana nyinshi n’abami benshi. 6 Ariko tuzi ko hari Imana imwe, ari yo Data, yaremye vyose kandi tubayeho ku bwayo. Hari Umwami umwe, ari we Yesu Kristo. Vyose vyaremewe muri we, kandi muri we ni ho twaherewe ubugingo.
7 Ariko abizera bose ntibafise ubwo bumenyi. Bamwe baramenyereye gusenga ibigirwamana gushika aho n’ubu, iyo bariye ivyashikaniwe ivyo bigirwamana, kandi bakabirya bafise ico ciyumviro, baca bagirizwa mu mitima yabo itarakomera, bakumva ko bihumanije. 8 Ariko, imfungurwa si zo zitwegereza Imana; tubiriye ntiduca tuba babi imbere y’Imana kandi tutabiriye ntiduca tuba beza.
9 Ariko mube maso kugira ngo umwidegemvyo wanyu ntutume abanyantegenke bakora icaha. 10 Mbega umuntu w’umunyantegenke niyakubona wewe umusumvya ugutahura uriko urira mu ngoro y’ibigirwamana, ntibizotuma kubera intege nke ziwe, aca arya ivyashikaniwe ibigirwamana? 11 Nuko rero, uwo mwene Data w’umunyantegenke Kristo yapfiriye, ntimumuranduze ugutahura kwanyu. 12 Mucumuye kuri bene Data muri ubwo buryo, muba mucumuye kuri Kristo. 13 Ni co gituma, nimba ivyokurya vyotuma mwene Data akora icaha, sinzokwigera ndya inyama kugira ngo sintume atsitara akagwa.