1 Iyo umwe muri mwebwe agize ico apfa na mwene Data wundi, ni kuki amwitwarira mu batubaha Imana ngo babe ari bo babacira urubanza, aho kwitura abizera ngo babatature? 2 Mbega ntimuzi ko abizera ari bo bazocira imanza isi? None nimba muzocira imanza isi, mwonanirwa no gutatura amatati asanzwe? 3 Mbega ntimuzi ko muzocira imanza n’abamarayika? Ni co gituma mwari mukwiye gutatura amatati asanzwe yo muri buno buzima. 4 None iyo hadutse amatati yo muri ubu buzima, ni kuki muja kuronderera abacamanza mu bantu batanemewe mw’ishengero? 5 Ibi ndabivuze kugira ngo ndabamaramaze. Birashoboka ko muri mwebwe habura n’umwe afise ubwenge, ashoboye gutatura amatati ari hagati mu bizera? 6 Ariko aho gutatura ayo matati mwebwe nyene, mwene Data umwe yitwarira mugenziwe, kandi akamwitwarira ku batizera!
7 No kuba mufitaniye imanza hagati yanyu, ivyo vyonyene vyerekana ko mwamaze kunanirwa. Ni kuki mudashobora kwihanganira akarenganyo? Ni kuki mudashobora kwihanganira ababiba? 8 Ariko ntibitangaje na mwebwe ubwanyu murarenganya mukongera mukiba, kandi ivyo mukabikorera bene Data bandi. 9 Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ibitsina, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina n’abafise ibisa n’ivyabo, 10 abasuma, ingunge, imborerwa, abavuga nabi abandi, n’abambuzi ntibazoragwa Ubwami bw’Imana. 11 Kandi bamwe muri mwebwe bari bameze nk’abo. Ariko mwarogejwe, murezwa, mwongera mwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo, mubihawe na Mpwemu w’Imana yacu.
12 Hari uwuvuga ati: "Vyose ndavyemerewe." Ni vyo, ariko si vyose bingirira akamaro. Naho vyose ndavyemerewe, sinemera kuganzwa n’ikintu na kimwe. 13 Uwundi avuga ati: "Ivyokurya ni ivy’inda, n’inda ni iy’ivyokurya kandi Imana izobirandura vyompi." Yamara umubiri ntiwaremewe kuganzwa n’ubusambanyi, ariko waremewe kuba uw’Umwami Imana, kandi ni we awitaho. 14 Imana, mu bushobozi bwayo, yazuye Umwami Yesu mu bapfuye, kandi natwe izotuzura. 15 Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ibihimba vy’umubiri wa Kristo? None nubahuke mfate ibihimba vy’umubiri wa Kristo, ndabifatanye n’umumaraya? Ntibikabe! 16 Mbega ntimuzi ko uwifatanije n’umumaraya aba abaye umubiri umwe na we? Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: "Uko ari babiri bazoba babaye umubiri umwe." 17 Ariko uwifatanije n’Umwami Imana aba abaye umwe na we mu buryo bw’impwemu.
18 Mwirinde ubusambanyi. Nta kindi caha gifise ingaruka ku mubiri kunganya ico. Uwusambana aba acumuye no ku mubiri wiwe na wo. 19 Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza 20 kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.