Publicidade

1 Coríntios 13

1 Naho novuga indimi z’abantu n’iz’abamarayika ntagira urukundo, noba meze nk’inkengeri canke icuma gisamirana. 2 Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa. 3 Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.

4 Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. 5 Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi. 6 Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri. 7 Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.

8 Urukundo ntiruzigera rurangira. Kuvugishwa n’Imana, kuvuga mu ndimi zitamenyekana, n’ubwenge budasanzwe bizohera. 9 Ubwenge dufise ubu ni agace gatoya, kandi n’ukuvugishwa n’Imana kwacu ni agace gatoya. 10 Ariko igihe kizogera aho vyose bizokwuzuzwa, maze ivy’ibice bikurweho. 11 Nkiri umwana navuga nk’umwana nkiyumvira nk’umwana. Ariko maze gukura niyambuye ivy’ubwana vyose. 12 Ivyo tubona ubu ni nk’ishusho yo mu cirore, ariko hazogera igihe tuzobona vyose neza amaso mu yandi. Ubu tuzi agace, ariko hari igihe tuzomenya vyose, nk’uko Imana ituzi neza.

13 None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-