Espírito
O espírito humano é a parte mais profunda do nosso ser — onde Deus habita, onde a fé se ancora e de onde brota a verdadeira adoração. A Bíblia nos chama a viver pelo Espírito.
A natureza do espírito
O espírito está pronto, mas a carne é fraca. A batalha entre carne e espírito é constante e exige vigilância.
Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke."
"Hahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Kuko kamere k’icaha kipfuza ibinyuranye n’ivyo Mpwemu agomba, kandi ivyo Mpwemu yipfuza binyuranye n’ivyo kamere k’icaha kipfuza. Vyompi bigwanira muri mwebwe mugasanga ntimushobora gukora ivyo mushaka.
Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.
Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa, ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.
None rero, ko tubayeho ku bwa Mpwemu, reka turongorwe na we mu buzima bwacu bwose.
Kurongorwa na kamere k’icaha bijana mu rupfu. Ariko kurongorwa na Mpwemu bishikana ku bugingo n’amahoro.
O Espírito de Deus em nós
Vosso corpo é templo do Espírito Santo. Deus fortalece com poder no homem interior pelo seu Espírito.
Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.
Ariko uwifatanije n’Umwami Imana aba abaye umwe na we mu buryo bw’impwemu.
Nk’uko ata wushobora kumenya ivyiyumviro vy’umuntu atari impwemu yiwe, nta n’uwushobora kumenya ivyiyumviro vy’Imana atari Mpwemu wayo.
None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.
Nsaba Imana ko bivuye ku butunzi butagira urugero bw’ubwiza bwayo, yobakomeza mu mitima, mu kubaha ubushobozi biciye muri Mpwemu wayo, kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,
Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.
kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: "Aba, Data." Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana.
Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana.
kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: "Aba, Data."
Ariko nimba Kristo aba muri mwebwe, naho imibiri yanyu izopfa kubera icaha, Mpwemu ni we abaha ubugingo kuko mwemewe n’Imana nk’abagororotsi.
Abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana;
Muri uko kurindira, Mpwemu Yera ni we adufasha mu ntege nke zacu. Mu vy’ukuri ntituzi ico dukwiye gusengera, ariko Mpwemu Yera aradusengera aniha iminiho idashobora gusigurwa n’amajambo.
Ntimukabe abanebwe, ahubwo mwamane umwete mu mitima yanyu wo gukorera Umwami Imana.
Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.
Vida no Espírito
Deus é Espírito e importa que os que o adoram o adorem em espírito e em verdade. O Espírito vivifica e transforma.
Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri."
Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera. Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri."
Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari Mpwemu.
None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.
Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.
Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.
Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’imfashanyo iva kuri Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa.
Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.
Promessas do Espírito
Derramarei o meu Espírito sobre toda a carne. O Espírito revela, guia e capacita os filhos de Deus.
Nimuze mwumvirize ukwihaniza kwanje,
ndababwire ikiri ku mutima wanje,
maze ntume muba abanyabwenge.
Ingeso z’umuntu wese zimubera nk’izitunganye,
ariko Uhoraho ni we asuzuma umutima wiwe.
Ubwibone buherekezwa n’ukurandurwa,
ukwishira hejuru na kwo kuza imbere yo kugwa.
Guca bugufi ukabana n’abakene
biruta gusangira iminyago n’abishira hejuru.
Uwitonda aruta intwari ku rugamba,
kandi uwuganza ishavu ryiwe aruta uwigarurira igisagara.
Itara ry’Uhoraho rimurika mu mutima w’umuntu,
rigasesa ivyinyegeje muri wo.
Nuko aca ambwira ati: "Iri ni ijambo ry’Uhoraho utumwe kubwira Zerubabeli uti: ‘Si ku bw’inkomezi canke ku bw’ubushobozi, ariko ni ku bwa Mpwemu wanje,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
Mpwemu w’Uhoraho Nyeninganji, ari kuri jewe,
kuko Uhoraho yansize amavuta
ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza.
Yantumye kwunga imitima isanzaye,
kumenyesha inyagano ko zibohowe,
no guha imbohe umwidegemvyo.
Nzobaha umutima umwe, ndabashiremwo impwemu nsha. Nzobakuramwo umutima w’ibuye ndabahe umutima w’inyama. Bazokurikiza amabwirizwa yanje, bagendere mu vyagezwe vyanje. Bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo.
Uhoraho Nyeninganji abwiye mwebwe amagufa yumye ati: Ngiye kubahumekeramwo impwemu, maze nsubire ndabagire bazima.
Cuidar do espírito
Cria em mim um coração puro e renova dentro de mim um espírito reto. O espírito quebrantado Deus não rejeita.
Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,
umpe umutima ushikamye.
Ntunyirukane mu nyonga hawe
canke ngo unkureko Mpwemu Yera wawe.
Nsubiza umunezero w’agakiza kawe
umpe umutima ufise ishaka ryo kukwumvira.
Ikimazi ngushikaniye, Mana, ni umutima umenetse;
umutima umenetse kandi ujanjaguritse
wewe, Mana, ntuzowukengera.
Uhoraho ari hafi y’abafise imitima imenetse
kandi akiza abajanjaguritse imitima.
Ntimukishimire abahambaye,
canke abana b’abantu, badashobora gukiza.
Iyo impwemu yabo ibavuyemwo, basubira mw’ivu,
kuri uwo musi nyene imigambi yabo igahinduka ubusa.
Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho ritandukanya umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.
Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ni ko n’ukwizera kudaherekejwe n’ibikorwa kuba gupfuye.
Bakundwa, ntimukizere abantu bose bavuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.
Ikitwereka ko tuguma mu Mana na yo ikaguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye.
Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?"
Baca babona ibimeze nk’imbeya z’umuriro zitandukanije, zigenda zija kuri umwumwe wese mu bari ngaho bose. Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.
Mu ntango, Imana yaremye amajuru n’isi. Ico gihe isi ntiyagira imero kandi nta kintu cari kuri yo. Umwijima wari utwikiriye ikidengeri c’amazi menshi kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’ayo mazi.
Ariko nasanze ari impwemu y’Imana iba mu muntu,
itanga ugutahura.
Umwibuke, urunyuzi rw’ifeza ari bwo buzima rutaracika,
n’igikombe c’inzahabu kitarameneka;
n’umubindi utaramenekera kw’ivomo,
umugozi wo gukwega amazi utaracikira kw’iriba,
n’umukungugu ugasubira mw’ivu aho wavuye,
impwemu igasubira ku Mana yayitanze.
Binteye umunezero kubamenyesha ivyerekeye ibitangaza n’ibimenyetso, n’utwumiza Imana Musumbavyose yankoreye.
Mbega ukuntu ibimenyetso vyayo bikomeye;
n’ubushobozi buri mu bitangaza vyayo!
Ubwami bwayo ni ubw’ibihe bidashira;
kandi inganji yayo yamaho uko urunganwe rukurikirana n’urundi.