Estudar a Bíblia
Estudar a Bíblia é mergulhar na mente de Deus. A Palavra é lâmpada para os pés, espada do Espírito e alimento para a alma. O cristão que estuda cresce em sabedoria e maturidade.
A importância do estudo
Os bereanos eram mais nobres porque examinavam as Escrituras diariamente. Estudar a Bíblia é mandamento e privilégio.
Abantu b’i Beroya bari bafise imitima yugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe Vyera umusi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.
Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara wemewe imbere y’Imana, umukozi anezererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.
Kandi kuva mu bwana bwawe, waramenye Ivyanditswe Vyera, na vyo biguha kugira ubwenge bwo kwakira agakiza kabonerwa mu kwizera Kristo Yesu. Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi, kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.
Mu kurindira ko ndagushikira, witange mu gusomera abantu Ivyanditswe, kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha.
Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,
Meditar e guardar
Não se aparte a lei do Senhor da tua boca. Medita nela de dia e de noite para que cumpras tudo o que nela está escrito.
Amajambo ari muri iki Gitabu c’Ivyagezwe ntaze yigere ava mu kanwa kawe. Uze wame uyiyumvirako ku murango no mw’ijoro, kugira ngo uzoshobore kwumvira ivyanditsemwo vyose. Ni ho uzoshobora kwama uja imbere, ugashika ku ntumbero mu vyo uzokora vyose.
Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje,
ni umuco umurikira mu nzira yanje.
Ese ukuntu nkunda Ivyagezwe vyawe!
Ndabirimbura bukarinda bwira.
Amabwirizwa yawe yamana nanje
antera kuba umunyabwenge kuruta abansi banje.
Mfise ugutahura kurusha abanyigishije,
kuko ndimbura ivyo washinze.
Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?
Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.
Nzokuronderana umutima wanje wose;
ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.
Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje
kugira ngo sindagucumureko.
Uhimbazwe, Uhoraho;
unyigishe ivyo wihanikirije.
Iminwa yanje isubiramwo
ivyagezwe vyose biva mu kanwa kawe.
Jewe nezererwa kwitondera ivyo washinze
nk’uko umuntu anezererwa ubutunzi bwinshi.
Jewe ndimbura ivyo wihanikirije
kandi nshira umutima ku nzira zawe.
Jewe mpimbarwa n’ivyo washinze;
sinzokengera ijambo ryawe.
Gimeli
Nzogutazira n’umutima utunganye
uko nzokwiga ivyagezwe vyawe bigororotse.
Estudo diligente
Esdras preparou o coração para buscar e ensinar a lei. O estudo exige disciplina, constância e coração aberto.
Yari yavuye i Babiloni ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, ashika i Yerusalemu ku musi wa mbere w’ukwezi kwa gatanu, kuko ukuboko kw’ubuntu bw’Imana kwari kuri we. Kandi Ezira yari yariyeguriye kwiga no kwitondera Ivyagezwe vy’Uhoraho no kwigisha ivyo yihanikirije n’amabwirizwa yatanze mu Bisirayeli.
Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, n’inkomezi zawe zose. Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu. Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse. Muzoyabohere ku maboko, muyambare no mu ruhanga nk’ivyibutso. Muzovyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu, no ku nzugi z’amarembo yanyu.
Niyamara gufata intebe y’ubwami, azokwiyandikishirize ikopi y’igitabu c’ibi Vyagezwe, agikuye muri kirya c’abaherezi, ari bo Balewi. Azocamane kandi azokwame agisoma imisi yose y’ukubaho kwiwe, kugira ngo amenye ingene yubaha Uhoraho Imana yiwe, n’ingene yokurikiza amajambo y’Ivyagezwe n’amategeko ari muri co. Bizomufasha kwirinda kwifata nk’aho asumba benewabo, canke guhengamira i buryo canke i bubamfu ngo ave muri ya mategeko. Ni ho we n’uruvyaro rwiwe bazorambira ku ngoma muri Isirayeli.
Iyi ni imigani ya Salomo, mwene Dawidi, umwami wa Isirayeli.
Intumbero y’iyi migani ni ukwigisha abantu ubwenge no kubatoza indero,
no kubafasha gutahura amajambo y’ubwenge.
Yigisha abantu kugira ubwenge bwo kuroranya ibintu mu buzima,
bagakora ibigororotse, ibitunganye n’ibibereye.
Iyo migani yigisha ubwenge abazi bike,
abakiri bato ikabaha ubumenyi bwo guserangura.
Umunyabwenge niyumve iyi migani, yongereze ubumenyi,
uwufise ubuseranguzi aronke ukurongorwa,
kugira ngo atahure iyi myibutsa n’iyi migani,
amajambo y’abanyabwenge n’amabanga yayo.
Ubwenge ni bwo butanga ukubaho neza
Mwana wanje, ntuze wibagire ivyo nakwigishije,
ahubwo uzigame amabwirizwa yanje mu mutima wawe.
Ivyo niwabikora, bizokwongera imyaka yo kubaho,
kandi ubuzima bwawe buzororanirwa.
Ucakire inyigisho zanje, ntuziveko.
Uzizigame neza kuko ni zo buzima bwawe.
Kuko ibwirizwa ni itara,
inyigisho ni urumuri,
ukugabisha no gutoza indero na vyo
ni inzira ijana mu buzima.
Proteção e crescimento
Quem ignora a Palavra perece. Toda Escritura é útil — crescei na graça e no conhecimento do nosso Senhor.
Abantu banje bishwe no kutamenya.
Kuko mwebwe abaherezi mwanse kumenya,
nanje nanse ko muba abaherezi banje;
kandi kuko mwirengagije kumenya ivyagezwe vy’Imana yanyu,
nanje nzokwirengagiza guhezagira abana banyu.
Nimusuzumire ivyo bavuga ku vyagezwe vyanje no ku ntahe! Nimba bavuga ibitandukanye n’ijambo ryanje, bazokwama mu mwijima.
Yesu arabishura ati: "Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.
Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.
Nuko rero, bakundwa, ko musanzwe mubizi, mwame mugavye kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho mbi z’abantu b’abagarariji ngo munyiganyige muve mu kibanza canyu. Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.
Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.
Ivy’ako gakiza, abavugishwa n’Imana ba kera, ari bo bavugishijwe ivyerekeye ubwo buntu mwagira muhabwe, baragerageje kubirondera no kubimenya. Mpwemu wa Kristo yari muri bo yaguma avuga ivyerekeye imibabaro ya Kristo n’ubwiza buzoyiherukira bitaraba; na bo bagashaka kumenya igihe ivyo bizoshikira n’uko bizogenda.