Ganância
A ganância é raiz de todos os males. A Bíblia alerta contra a cobiça, o acúmulo egoísta e o amor ao dinheiro, chamando-nos ao contentamento e à confiança em Deus.
O amor ao dinheiro
O amor ao dinheiro é raiz de todos os males. Quem quer enriquecer cai em tentação, armadilha e desejos insensatos.
Kuko ugukunda amahera ni wo muzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuyaronka, maze bazimirira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.
Abafise inyota nyinshi yo gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu kandi bibabaza, bibatwara mu kwononekara no guhona.
Nta muntu n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe yosanga yahemukiye uwundi. Ntimushobora gukoreshwa n’Imana ngo mwongere mukoreshwe n’amahera.
Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.
Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.
Contentamento
Tende cuidado e guardai-vos de toda espécie de ganância. A vida de um homem não consiste na abundância dos bens que possui.
Aca ababwira ati: "Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise."
Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe?
Ntimukirundanirize ubutunzi mw’isi, aho imiswa, inyenzi n’ingese bishobora kubwonona, kandi n’ibisuma bigashobora kumena bikabwiba. Ariko, mwirundanirize ubutunzi mw’ijuru, aho imiswa, inyenzi n’ingese bidashika ngo bibwonone canke abasuma badashika ngo bamene babwibe;
Ntukarushwe no kwiruka inyuma y’ubutunzi,
ariko ugire ubwenge bwo kwihangana.
Ubutunzi buvuye mu vyibwe buhera ningoga,
ariko ubuvuye mu gukora cane buguma bugwira.
Riqueza ilusória
As riquezas são passageiras. Quem ama o dinheiro nunca terá o suficiente. O contentamento com o que se tem é verdadeira riqueza.
Inkunzi y’amahera ntiyigera iyahaga;
n’uwukunda ubutunzi ntiyigera ahazwa n’ivyo aronka.
N’iki na co ni ubusa.
Umuntu ava mu nda ya nyina yambaye ubusa,
kandi uko yaje ni ko agenda.
Nta co ajana mu vyo yaruhiye
nta co atwara mu ntoke.
Hariho abamana ukwipfuza kuronka vyinshi,
ariko umugororotsi we atanga atisigariza.
Ni co gituma ukwiye gutanga ikori neza, kuko abategetsi baba bariko barakorera Imana iyo barangura igikorwa cabo co gutegeka.
Hindukiriza umutima wanje ku vyo wihanikirije
ndawukure ku vy’inyungu mbi.