1 Yesu akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ububasha bwo kwirukana abadayimoni no gukiza ingwara, 2 aca abarungika kwigisha ivy’Ubwami bw’Imana no gukiza abagwaye. 3 Arababarira ati: "Ntihagire ikintu na kimwe mujana ku rugendo, yaba inkoni, umufuko, ivyokurya, amahera, canke impuzu zo gukuranya. 4 Aho bazobakira, muzogume muri iyo nzu nyene gushika muvuye muri ico gisagara. 5 Aho batazobakira, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kugira ngo bizobabere icagiriji." 6 Nuko baca bafata inzira, baca mu mihana itandukanye, bavuga Ubutumwa Bwiza, bakiza n’abagwaye aho baca hose.
7 Herode Antipa yumvise ivyo Yesu akora, arazazanirwa, kuko hariho abavuga ko yoba ari Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye, 8 abandi bakavuga ko yoba ari Eliya yabiyeretse, abandi na bo bakibaza ngo ni umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera yoba yazutse mu bapfuye. 9 Ariko Herode aravuga ati: "Ko Yohana ari jewe namuciye umutwe, uwo we numva ni nde?" Ni ko guca arondera ingene yomubona.
10 Intumwa zigarutse ziganira Yesu ivyo zakoze vyose. Yesu aca ajana na bo baja ahiherereye, aharabana n’igisagara citwa Betesayida, 11 ariko abantu barabimenya, baca baramukurikira. Yesu arabakira, aca atangura kubabwira ivy’Ubwami bw’Imana, akiza n’abari bagwaye.
12 Buriko burira, bamwe cumi na babiri baza aho Yesu ari bamubwira bati: "Erega rungika aba bantu baje mu bisagara no mu mihana kurondera ivyokurya n’indaro, kuko turi mu gahinga."
13 Arabishura ati: "Nimubagaburire mwebwe nyene."
Na bo bamubwira bati: "Dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa. None ushaka ko tuja gusuma ibikwiye isinzi ry’abantu nk’iri?" 14 (Ico gihe hari abagabo nk’ibihumbi bitanu.)
Ariko Yesu abarira abigishwa biwe ati: "Nimubicarike mu migwi ya mirongo itanu itanu." 15 Nuko abantu bose baricara. 16 Aca afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma arabimanyagura, abihereza abigishwa ngo bagaburire abantu. 17 Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye.
18 Umusi umwe Yesu yariko arasenga yiherereye, ari kumwe n’abigishwa biwe. Arababaza ati: "Mbega abantu bavuga ko ndi nde?"
19 Baramwishura bati: "Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi, abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera yazutse."
20 Aca arababaza ati: "None mweho muvuga ko ndi nde?"
Petero aramwishura ati: "Uri Kristo yaje ava ku Mana."
21 Yesu aca arabihaniza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira. 22 Ivyo biheze, ababwira ati: "Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi, akankwa n’abatware, n’abaherezi bakurubakuru, n’abigisha b’ivyagezwe. Kandi azokwicwa hanyuma azuke ku musi ugira gatatu."
23 Yongera kubabwirira bose hamwe ati: "Uwugomba kunkurikira, ni yihebe, yikorere umusaraba wiwe ku musi ku musi, ankurikire. 24 Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwubuheba ku bwanje azobukiza. 25 Umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko akabura ubugingo bwiwe canke akabutikiza? 26 Umuntu wese azogira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje, Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera niyagaruka ari mu bwiza bwiwe, mu bwa Data no mu bw’abamarayika biwe bera.
27 Ndababwire ukuri, bamwe mu bo turi kumwe hano ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana."
28 Haheze nk’imisi umunani Yesu ababwiye ivyo, aca ajana Petero, Yohana na Yakobo, baduga ku musozi gusenga. 29 Akiriko arasenga, mu maso hiwe hahinduka ukundi, impuzu ziwe zirakayangana, zica ibibatsi. 30 Ubwo nyene haboneka abantu babiri: Mose na Eliya, 31 bari mu bwiza bw’Imana, batangura kuganira na Yesu, bavugana ingene yari agiye kurangiza igikorwa ciwe mu gupfira i Yerusalemu. 32 Petero na bagenziwe bari basinziriye cane; bikanguye babona ubwiza bwa Yesu, na ba bagabo bari bahagararanye na we. 33 Mose na Eliya bakiriko baratandukana na Yesu, Petero aramubarira ati: "Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya." (Ariko Petero ntiyari azi ivyo ariko aravuga.)
34 Akiriko aravuga, igicu kiraza kirabapfuka. Abo bigishwa bagira ubwoba bwinshi igicu kibatwikiriye. 35 Maze humvikana ijwi muri ico gicu, rivuga riti: "Uwu ni Umwana wanje natoranije. Nimumwumvirize!" 36 Iryo jwi rihejeje kwumvikana, basanga Yesu asigaye ari wenyene. Ba bigishwa baca barahora, muri iyo misi ntibabwira umuntu n’umwe ivyo babonye.
37 Bukeye, bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, abantu benshi baza gusanganira Yesu. 38 Umwe muri abo bantu arasemerera ati: "Ndakwinginze untabarire umuhungu wanje, kuko ndamufise ari umwe. 39 Impwemu mbi imufashe, aca atangura gukoma induru, hanyuma ikamujegeza, agaca abimba ifuro mu kanwa. Iramubabaza cane kandi imurekura asa nk’uwapfuye. 40 Ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane ariko vyabananiye."
41 Yesu arabishura ati: "Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano."
42 Bariko baramuzana, ya dayimoni imukubita hasi iramujegeza. Ariko Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se. 43 Abari ngaho bose batangazwa cane n’ububasha bukomeye bw’Imana.
Bagitangajwe n’ivyo yari ahejeje gukora, Yesu abwira abigishwa biwe ati: 44 "Nimunyumvirize neza kandi mushire umutima ku vyo ngira ndababwire: Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu." 45 Ariko abigishwa bo ntibatahura ico ababwiye. Insiguro y’ayo majambo yari ihishijwe, bituma batayimenya, kandi batinya no kugira ico babimubazako.
46 Maze haduka impari hagati mu bigishwa bashaka kumenya umukuru muri bo. 47 Yesu amenye ivyo bariko bariyumvira mu mitima, aca ahamagara umwana mutoya amuhagarika i ruhande yiwe. 48 Arababarira ati: "Uwakira umwana muto nk’uwu mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye; kandi uwunyakiriye wese aba yakiriye uwantumye. Uwa nyuma muri mwebwe ni we mukuru muri mwese."
49 Yohana aramubwira ati: "Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw’izina ryawe, duca turamubuza kuko atari kumwe natwe."
50 Yesu aramwishura ati: "Ntimukamubuze, kuko uwutabagwanya aba ari ku ruhande rwanyu."
51 Igihe ciwe co kuduzwa mw’ijuru cegereje, Yesu afata ingingo yo kuja i Yerusalemu. 52 Aca arungika abamwitangira imbere, baja mu mihana y’i Samariya kugira ngo bamutegurire aho azoshikira. 53 Ariko abantu baho banka kumwakira kuko yari ahaciye aja i Yerusalemu. 54 Abigishwa biwe Yohana na Yakobo babibonye, babaza Yesu bati: "Mwami, duhamagare umuriro ukoroke uvuye mw’ijuru ubatongore?" 55 Yesu aca arahindukira, arabakankamira [ati: "Ntimuzi impwemu ibakoresha iyo ari yo! Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no guhonya abantu, ahubwo yazanywe no kubakiza."] 56 Nuko baca baja mu yindi mihana.
57 Bari mu nzira bagenda, umuntu umwe araza abarira Yesu ati: "Nditeguye kugukurikira aho uja hose."
58 Yesu aramwishura ati: "Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya."
59 Yesu aca abarira uwundi muntu ati: "Nkurikira."
Ariko wa muntu aramwishura ati: "Mwami, banza undeke ngende mpambe data."
60 Yesu aramubwira ati: "Reka abapfuye mu mpwemu bahambe abapfuye babo, ariko wewe genda uvuge ivy’Ubwami bw’Imana."
61 Hanyuma uwundi na we araza avuga ati: "Mwami, ndagukurikira, ariko reka mbanze ngende nsezere umuryango wanje."
62 Yesu aramwishura ati: "Nta muntu araba inyuma ariko ararimisha inka aba abereye Ubwami bw’Imana."