Publicidade

Lucas 5

Yesu ahamagara abigishwa ba mbere

1 Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana. 2 Maze abona ubwato bubiri abarovyi bari basize ku nkengera y’ico kiyaga, bariko boza insenga zabo. 3 Nuko yurira bumwe muri bwo; kandi bwari ubwa Simoni, aca amusaba ngo abwigize gatoya mu mazi. Maze, aca abwicaramwo, atangura kwigisha abantu.

4 Ahejeje kwigisha, aca abarira Simoni ati: "Nimuterere insenga zanyu hagati mu kiyaga, murobe."

5 Simoni aramwishura ati: "Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga."

6 Batereye insenga, baroba ifi nyishi cane, gushika n’aho insenga zitangura gutabuka. 7 Baca bahamagara bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe, maze buzuza ubwato bwabo bwompi gushika aho butangura kwibira.

8 Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: "Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!" 9 Ivyo Petero yabivuze kubera we na bagenziwe bari batangajwe cane n’ubwinshi bw’ifi bahejeje kuroba. 10 Abo bagenziwe, yari Yakobo na Yohana bene Zebedayo.

Yesu abwira Simoni ati: "Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu." 11 Baca bakwegera ubwato bwabo ku nkengera y’ikiyaga, basigaho vyose, baramukurikira.

Yesu akiza umunyamibembe

12 Yesu ari muri kimwe mu bisagara vy’aho hantu, haza umuntu yuzuye imibembe umubiri wose. Abonye Yesu, yikubita imbere yiwe yubamye, aramwinginga ati: "Mwami, ubishatse woshobora kumpumanura."

13 Yesu aca aramvura ukuboko, amukorako. Amubwira ati: "Ndabishatse, kira uhumanuke!" Ubwo nyene imibembe ica iramuvako.

14 Maze Yesu aramwihaniza ati: "Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda ku muherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bibabere ikimenyetso ko wahumanutse."

15 Yamara inkuru za Yesu zirushirizaho kumenyekana, abantu isinzi bakama baza aho ari kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara. 16 Ariko Yesu yama aja ahantu hiherereye mu bugaragwa gusenga.

Yesu akiza umuntu akongataye

17 Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu. 18 Nuko haza abantu bateruye ku nderuzo umuntu akongataye, barondera ingene bomwinjiza mu nzu ngo bamuryamike imbere ya Yesu. 19 Babonye ko badashobora kwinjira kubera ubwinshi bw’abantu, baca burira hejuru ku nzu, basambura aho bacisha iyo nderuzo aryamyeko, bayururukiriza hagati mu bantu, imbere ya Yesu.

20 Yesu abonye ukwizera kwabo, avuga ati: "Mugenzi, ivyaha vyawe urabihariwe."

21 Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: "Mbega uwu ni nde aza gutuka Imana? Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?"

22 Yesu aca amenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: "Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu? 23 Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’? 24 Ariko nshaka ko mumenya ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Aca ategeka wa muntu akongataye ati: "Haguruka, ikorere inderuzo yawe witahire." 25 Ubwo nyene aca arahaguruka bose babibona, yikorera ico yari aryamyeko, ataha ahimbaza Imana. 26 Abari ngaho bose baratangara cane kandi bagira n’ubwoba, bahimbaza Imana bavuga bati: "Uwu musi amaso yacu abonye ibitangaza!"

Yesu ahamagara Lewi

27 Inyuma y’ivyo, Yesu ariko arava muri ico gisagara, abona umutozakori yitwa Lewi yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: "Nkurikira!" 28 Lewi aca ava hasi, aramukurikira.

29 Mu nyuma Lewi ategurira amazimano Yesu i muhira iwe, atumira n’abatozakori benshi n’abandi bantu, baraza basangira na bo. 30 Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu babidodombera bati: "Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?"

31 Yesu arabishura ati: "Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye. 32 Sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha, kugira ngo bihane."

Ibijanye no kwisonzesha

33 Baca baramubaza bati: "Ni kuki abigishwa ba Yohana, co kimwe n’ab’Abafarisayo bisonzesha kenshi bakongera bagasenga, ariko abawe bakaguma birira kandi binywera nk’uko bisanzwe?"

34 Yesu arabishura ati: "Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka! 35 Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe."

36 Aca abacira uwu mugani ati: "Nta wutabura igitambara ku mpuzu nshasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire. Abikoze uko, aba yononye iyo mpuzu nshasha, kandi ico gitambara gishasha ntigishobora gufatana n’impuzu y’umushire. 37 Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urusato ushaje. Abigize uko, uwo mukuza womeneka, umuvinyu ugaseseka. 38 Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha. 39 Kandi nta muntu anywa umuvinyu wa kera ngo aheze yipfuze kunywa mushasha, kuko avuga ngo: ‘Umuvinyu wa kera ni wo uryoshe kuruta mushasha.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-