Publicidade

Lucas 13

Nimutihana muzohona

1 Bamwe mu bari ngaho baca babwira Yesu inkuru y’abantu b’i Galilaya Pilato yishe akavanga amaraso yabo n’ay’ibimazi bariko baratanga. 2 Yesu arababwira ati: "Mbega mwibaza ko abo bantu b’i Galilaya bababajwe gutyo kubera bari abanyavyaha kurusha abandi Banyagalilaya? 3 Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo. 4 Canke mwibaza ko bamwe cumi n’umunani bapfa igihe umunara wabagwako i Silowamu bari abanyavyaha kurusha abandi bantu bose baba i Yerusalemu? 5 Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo."

6 Aca abacira uwu mugani ati: "Umuntu umwe yari afise igiti c’umusukoni giteye mu murima wiwe w’imizabibu. Umusi umwe aja kuraba ko hari icamwa yosangako, arabura. 7 Aca abarira umukozi yari ajejwe uwo murima ati: ‘Maze imyaka itatu nza kurondera ivyamwa kuri uwu musukoni, ariko singire ico ndonka. Giteme, kuko nta cotuma kibandanya conona isi.’

8 Wa mukozi aramubarira ati: ‘Databuja, cihanganire uwundi mwaka, ndakibagarire nongere ndagitabire. 9 Nicama bizoba ari vyiza, nikitama na ho uzoheza ugiteme.’ "

Yesu akiza umugore amugaye kw’Isabato

10 Umusi umwe Yesu yariko arigisha mw’isinagogi kandi hari kw’Isabato. 11 Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka. 12 Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: "Mupfasoni, ndakubohoye ubumuga bwawe." 13 Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.

14 Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abantu bari aho ati: "Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato."

15 Umwami Yesu aca arishura ati: "Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi? 16 Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?"

17 Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.

Umugani w’akabuto gato n’umwambiro

18 Nuko Yesu abandanya avuga ati: "Mbega Ubwami bw’Imana bumeze nk’iki? Nobugereranya n’iki? 19 Bumeze nk’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe, karakura gahinduka igiti, maze inyoni zo mu kirere ziraza zarika mu mashami yaco."

20 Yongerako ati: "Ubwami bw’Imana nobugereranya n’iki? 21 Bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ingero zitatu, uwo mwambiro muke utuma igikandu cose c’umukate gikakama."

Irembo ryaga

22 Nuko Yesu aca mu bisagara no mu mihana yigisha, yerekeye i Yerusalemu. 23 Umuntu umwe aramubaza ati: "Mwami, ubwo abakizwa ntibazoba bake?"

Yesu aramwishura ati: 24 "Mugire umwete wo guca mw’irembo ryaga, kuko ndababwire ukuri, benshi bazogerageza kwinjira ariko ntibabishobore. 25 Nyene inzu niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara inyuma mudodora, mutakamba muti: ‘Nyakwubahwa, twugururire.’

Na we azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva.’

26 Namwe muzovuga muti: ‘Twarira kandi twanywera imbere yawe, mbere wigishiriza mu mabarabara y’iwacu.’

27 Ariko azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva. Mviraho mwa nkozi z’ibibi mwe!’

28 Ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo, nimwabona Aburahamu, Isaka na Yakobo hamwe n’abavugishwa bose mu Bwami bw’Imana, namwe muterewe hanze. 29 Abantu bazova mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bahabwe ivyicaro mu mazimano yo mu Bwami bw’Imana. 30 Kandi mumenye ko hari bamwe mu bari inyuma bazoba ab’imbere, na bamwe mu bari imbere bazoba ab’inyuma."

Yesu aririra Yerusalemu

31 Ico gihe, bamwe mu Bafarisayo baca baza aho Yesu ari, bamubwira bati: "Va ngaha ugende, kuko Herode Antipa agomba kukwica."

32 Yesu arabishura ati: "Genda mubwire iyo mbwebwe ko ndiko ndirukana abadayimoni nongera nkiza abagwaye uno musi n’ejo; ku musi ugira gatatu nzoba ndangije igikorwa canje. 33 Uko biri kwose, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uno musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko nta handi umuvugishwa akwiye kwicirwa atari i Yerusalemu.

34 Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko. Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeraniriza imiswi yayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira! 35 Kubw’ivyo, raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe. Ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho.’"

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-