1 Yesu akiri mu rusengero, yunamura amaso abona abatunzi bashize amashikanwa yabo mu co bayatorezamwo. 2 Yongera abona n’umupfakazi na we ashizemwo ibiceri bibiri. 3 Aca avuga ati: "Ndababwire ukuri, uwu mupfakazi w’umukene atanze vyinshi kurusha abandi bose. 4 Abandi bose batanze amashikanwa ku musesekara w’ubutunzi bwabo, ariko we, mu bukene bwiwe, atanze ivyomubeshejeho vyose."
5 Bamwe mu bigishwa batangura gushima ingene urusengero rwari rusharijwe n’amabuye meza cane hamwe n’ibindi vyashikaniwe Imana vyo kurushariza. Maze Yesu arababwira ati: 6 "Ivyo vyose muriko murabona, igihe kizoza aho ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi; yose azosamburirwa hasi."
7 Baca baramubaza bati: "Mwigisha, ivyo bizoshika ryari? Ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ko bigiye gushika?"
8 Na we arabishura ati: "Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza. Kuko benshi bazoza biyita izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi ngo: ‘Igihe kirashitse.’ Ntimuze mubakurikire. 9 Nimwumva intambara n’imigumuko, ntimuze muhagarike imitima yanyu. Ivyo bitegerezwa kubanza gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika."
10 Yongera ababwira ati: "Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. 11 Hazoba ukunyiganyiga kw’isi gukomeye kandi guteye ubwoba; hazotera amapfa n’ingwara z’ivyaduka mu bice vy’isi bitandukanye. Hazoba ibiteye ubwoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw’ijuru.
12 Ariko ivyo bitarashika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje. 13 Ako kazoba ari akaryo ko kunshingira intahe. 14 Ariko ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza, 15 kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze. 16 Mbere n’abavyeyi banyu, abo muvukana, incuti n’abagenzi bazobahemukira, kandi bazokwica bamwe muri mwebwe. 17 Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje. 18 Ariko nta n’agashatsi ko ku mitwe yanyu kazotakara. 19 Nimwihangana, muzorokora ubugingo bwanyu.
20 Nimwabona i Yerusalemu hakikujwe n’ingabo, muzoce mumenya ko isenyurwa ryaho ryegereje. 21 Nuko abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi, abari mu gisagara bakivemwo, kandi abazoba bagiye mu misozi, ntibaze bagaruke mu gisagara. 22 Kuko iyo misi izoba ari iy’ukwihora kw’Imana, kugira ngo Ivyanditswe bishike. 23 Ese ukuntu iyo misi izoba ari iy’umubabaro utagira uko ungana ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa! Kizoba ari igihe c’umubabaro mwinshi mu gihugu, n’uburake bw’Imana kuri ubu bwoko. 24 Benshi muri bo bazokwicishwa inkota, canke batwarwe nk’inyagano mu mahanga yose yo kw’isi. Igisagara ca Yerusalemu kizohonyangwa n’abanyamahanga kugeza igihe abanyamahanga bagenewe kirangiye.
25 Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda. 26 Imitima y’abantu izohagarara bishwe n’ubwoba, babonye ibigira bishike kw’isi, kuko ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa. 27 Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu azananye n’ibicu, afise ububasha n’ubwiza bwinshi. 28 Nimwabona ivyo bibaye, muze muhaguruke, murangamize kuko ugucungurwa kwanyu kuzoba kwegereje."
29 Nuko Yesu abacira umugani ati: "Nimurabire ku giti c’umusukoni canke ku kindi giti ico ari co cose. 30 Iyo bizanye amababi, muca mumenya ko agatasi kari hafi. 31 None rero nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko Ubwami bw’Imana buri hafi.
32 Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika. 33 Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.
34 Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka, 35 kuko uko ari ko uzoshika ku bari kw’isi bose. 36 Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu."
37 Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero, ku mugoroba akava mu gisagara akaja kurara ku Musozi wa Elayono, 38 kandi abantu benshi bama baza mu gatondo mu rusengero kumwumviriza.