Publicidade

Lucas 7

Ukwizera kw’umusoda w’Umuroma

1 Yesu ahejeje kwigisha abantu muri ayo majambo yose, aca aja i Kaperinawumu. 2 Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari agwaye, ari hafi yo gupfa. 3 Yumvise inkuru za Yesu, aca arungika bamwe mu bakuru b’Abayuda, ngo bamwinginge aze akize umukozi wiwe. 4 Bashitse aho Yesu ari, baramwinginga bashimitse bati: "Uwu muntu birakwiye ko umufasha, 5 kuko arakunda ihanga ryacu kandi yaratwubakiye n’isinagogi." 6 Yesu aca ajana na bo.

Ari hafi yo gushika, wa musoda aca arungika abagenzi biwe ngo baje kumubwira bati: "Mwami, ntiwirirwe urigora, kuko ntibimbereye kukwakira mu nzu yanje. 7 Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira. 8 Kuko nanje ndafise abantegeka kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti ‘Kora iki,’ aca agikora."

9 Yesu avyumvise aratangara cane, aca arahindukira abarira abo bari kumwe ati: "Ndababwire ukuri, sinari bwabone uwufise ukwizera gukomeye nk’uku no muri Isirayeli." 10 Maze bamwe bari batumwe baragaruka, basanga wa mukozi yakize.

Yesu asubiza ubuzima uwapfuye

11 Inyuma y’ivyo Yesu aca amanuka mu gisagara citwa Nayini, ari kumwe n’abigishwa hamwe n’isinzi ry’abantu bamukurikiye. 12 Ageze hafi y’irembo ry’igisagara, haza abantu bagiye guhamba umuntu. Yari umuhungu w’ikinege kandi nyina yari umupfakazi. Hariho kandi n’isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara bari bamuherekeje. 13 Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: "Reka kurira!"

14 Maze Yesu yegera isandugu yarimwo ikiziga, abari bayiteruye baca barahagarara. Hanyuma avuga ati: "Muhungu, ndakubwiye, haguruka!" 15 Wa muhungu yari yapfuye aravyuka, atangura kuvuga, Yesu aca amusubiza nyina.

16 Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: "Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo." 17 Nuko inkuru ya Yesu ikwira i Yudaya hose no mu micungararo yaho.

Yesu na Yohana Umubatizi

18 Maze abigishwa ba Yohana Umubatizi baragenda bamubwira ivyo Yesu ariko arakora vyose. Aca ahamagara babiri muri bo, 19 abatuma kubaza Umwami Yesu bati: "Mbega ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?"

20 Bashikiriye Yesu bamubwira bati: "Yohana Umubatizi adutumye ngo tukubaze: ‘Woba uri umwe yategerezwa kuza, canke turindire uwundi?’ "

21 Ako kanya nyene Yesu aca akiza abantu benshi bari bafise ingwara n’ubumuga butandukanye, ababoshwe n’impwemu mbi, ahumura n’impumyi nyinshi. 22 Maze abarira ba bigishwa ati: "Genda mubarire Yohana ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: abahumye barahumuka, abamugaye baragenda, abanyamibembe barahumanuka, abatumva barumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa Ubutumwa Bwiza. 23 Hahiriwe umuntu adatsitazwa n’ivyanje."

24 Ba bigishwa bamaze kugenda, Yesu aca atangura kuvuga ivyerekeye Yohana Umubatizi, ati: "Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Ni irenga rizungagizwa n’umuyaga? 25 Nimba atari uko, mwari mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Si vyo, kuko abambara impuzu z’igiciro kinini, n’abiyamira mu bikayangana baba mu ngoro z’abami. 26 None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Ego cane, mbere ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana. 27 Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo:

‘Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe,

igutegurire inzira.’

28 Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wuruta Yohana; ariko umuntu mutoya musi y’abandi mu Bwami bw’Imana arahambaye kumuruta."

29 Maze abantu bose, harimwo n’abatozakori, bumvise ayo majambo ya Yesu, baca baremera ko inzira z’Imana zigororotse, kuko bari babatijwe na Yohana. 30 Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo baranse umugambi w’Imana kuri bo, kuko banse ko Yohana ababatiza.

31 Yesu yongera kubabwira ati: "Mbega ab’uru runganwe nobagereranya n’iki? Bameze gute? 32 Bameze nk’abana bicaye ku mbuga, bahamagara bagenzi babo bakababarira bati:

‘Twabavugirije umwironge,

ariko ntimwatamvye;

hanyuma tubaririmbira indirimbo z’ikigandaro,

ntimwarira.’

33 Kuko Yohana Umubatizi yaje atarya, atanywa n’umuvinyu, muca muvuga ngo: ‘Arimwo dayimoni.’ 34 Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga ngo: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ 35 Ariko icerekana ubwenge bw’Imana ni ubuzima bw’ababwakiriye."

Yesu asigwa amavuta n’umugore w’umunyavyaha

36 Maze umwe mu Bafarisayo atumira Yesu ngo amuzimane. Nuko Yesu aragenda, yinjira mu nzu yiwe, yicara ku meza. 37 Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini, 38 apfukama i ruhande y’ibirenge vya Yesu arira, ajojotereza amosozi yiwe ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura yongera abisiga ya mavuta.

39 Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: "Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, n’ubuzima bw’uwo mugore, ko ari umunyavyaha."

40 Yesu aca aramubwira ati: "Simoni, ndafise ico ndakubwira."

Simoni na we ati: "Mbarira, Mwigisha!"

41 Yesu aca amucira umugani ati: "Habaye muntu yaguranye idenariyo abantu babiri. Umwe amuha amajana atanu, uwundi mirongo itanu. 42 Abonye ata n’umwe muri abo ashoboye kumwishura, aca azibahebera bompi. None ni nde muri abo babiri azomukunda cane?"

43 Simoni na we arishura ati: "Nibaza ko ari uwo yahebewe menshi."

Yesu aca amubwira ati: "Wishuye neza."

44 Aca arahindukira araba wa mugore, hanyuma abwira Simoni ati: "Wabonye uwu mugore? Aho ninjira mu nzu yawe ntiwampaye amazi yo kwoza ibirenge, ariko we yatotesheje ibirenge vyanje n’amosozi yiwe, abihanaguza umushatsi wiwe. 45 Ntiwangumbiriye mu kundamutsa, ariko kuva ninjira ntahengeshanya kunsomagura ku birenge. 46 Ntiwansize amavuta ku mutwe, ariko we yansize amavuta amota cane ku birenge. 47 Ni co gituma, nanje ndakubwiye ko, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke."

48 Yesu aca abarira wa mugore ati: "Ivyaha vyawe urabihariwe."

49 Abandi batumire baca batangura kubazanya bati: "Mbega uwu ni nde, aho yubahuka kuvuga ko aharira abantu ivyaha?"

50 Yesu aca abarira wa mugore ati: "Ukwizera kwawe gutumye uronka agakiza, igire amahoro."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-