Publicidade

Lucas 23

1 Nuko abari mu nama bose bavira hasi rimwe bamujana kwa Pilato, 2 batangura kumurega bavuga bati: "Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami."

3 Pilato aca abaza Yesu ati: "Woba uri umwami w’Abayuda?"

Yesu aramwishura ati: "Uvuze ukuri, ndi we."

4 Pilato aca abarira abaherezi bakurubakuru n’isinzi ry’abantu bari ngaho bose ati: "Uwu muntu simbona ikimwagira."

5 Ariko barushiriza kuvuga bati: "Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu."

6 Pilato avyumvise aca abaza ati: "Uwu muntu ava i Galilaya?" 7 Maze amenye ko Yesu atwarwa mu ntara ya Herode Antipa, aca aramumurungikira, kandi ico gihe Herode yari i Yerusalemu.

8 Herode abonye Yesu, aranezerwa cane kuko yari amaze igihe kirekire yipfuza kumubona. Yari yarumvise ivyiwe, maze yipfuza kumubona ngo akore igitangaza. 9 Nuko abaza Yesu ibibazo vyinshi ariko ntiyishura na kimwe. 10 Abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bari bahagaze ngaho, bamwagiriza bashimitse. 11 Herode n’abasoda biwe baca batangura kumushinyagurira no kumucokora. Baca bamwambika impuzu y’ubwami, baramurungika asubira kwa Pilato. 12 Kuva uwo musi Herode na Pilato baca baba abagenzi, kuko imbere y’aho bari abansi.

13 Pilato aca akoranya abaherezi bakurubakuru, abatware n’abari ngaho bose, 14 ababwira ati: "Mwanzaniye uwu muntu muvuga ko yateye imigumuko, ariko namusambishirije imbere yanyu, nta caha camwagiriye. 15 Ndetse na Herode nta co yamwagirije kuko mwiboneye ko yamudusubije. Nta co yakoze cotuma yicwa. 16 Ndamukubitisha gusa, hanyuma ndamurekure." [ 17 Igihe cose kuri Pasika, Pilato yama abarekurira imbohe imwe.]

18 Ariko bose basemerera icarimwe bati "Uwo muntu nabambwe, uturekurire Baraba." 19 (Uwo Baraba yari yatawe mw’ibohero yagirizwa ubwicanyi hamwe n’umugumuko wari wabaye mu gisagara.)

20 Kubera ko Pilato yagomba kurekura Yesu, yongera avugana n’iryo sinzi ry’abantu. 21 Ariko bo barushiriza gusemerera bati: "Nabambwe! Nabambwe!"

22 Yongera kubabaza ubwa gatatu ati: "None ni ikihe caha yakoze? Nta kintu na kimwe nabonye yakoze cotuma yicwa. Ariko ndamutanga bamutonagure gusa, hanyuma ndamurekure."

23 Noneho baca bashira urwamo hejuru basaba ko Yesu abambwa, gushika aho Pilato arengerwa, 24 aca abemerera ico bamusavye. 25 Nuko arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.

Yesu abambwa

26 Abasoda batwaye Yesu kumubamba bafata Simoni w’i Kurene, yari avuye mu mirima, baca bamukorera umusaraba, agendera inyuma ya Yesu. 27 Maze abantu isinzi baramukurikira, harimwo n’abagore bagenda baramuririra baboroga. 28 Yesu arahindukira arababarira ati: "Bakobwa b’i Yerusalemu, nta co mundirira. Nimwiririre mwebwe, muririre n’abana banyu. 29 Kuko igihe kigiye gushika, aho abantu bazovuga bati: ‘Hahiriwe abagore batigeze bavyara, n’inda zitigeze zibungenga, hamwe n’amabere atigeze yonsa.’ 30 Hanyuma

‘bazobwira imisozi bati: "Tugweko!"

n’imitumba bati: "Tunyegeze!" ’

31 Kuko nimba bagiriye gutya igiti kibisi, mbega icumye co bizokigendera gute?"

32 Kandi hariho n’abandi bagabo babiri b’inkozi z’ikibi, na bo bajanwa kwicirwa hamwe na Yesu. 33 Babashikanye ahantu hitwa Nyagihanga, abasoda baca baramubamba, ari kumwe na za nkozi z’ikibi, umwe i buryo uwundi i bubamfu bwiwe. 34 Maze Yesu aravuga ati: "Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora." Maze bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo.

35 Abantu isinzi bari aho babiraba; abakuru b’Abayuda na bo bamucokora, bavuga bati: "Yakijije abandi, niyikize na we turabe, ko yigira ngo ni Kristo, Uwatoranijwe n’Imana."

36 N’abasoda baraza baramushinyagurira, bamuha inkarisha kugira ngo anywe, 37 bamubwira bati: "Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize turabe!"

38 Baca bamanika icandiko hejuru yiwe kivuga ngo:

Uwu ni umwami w’Abayuda.

39 Umwe muri za nkozi z’ikibi zibambanywe na we aramutuka ati: "Ko uri Kristo, niwikize hanyuma natwe udukize."

40 Ariko mugenziwe aramukankamira avuga ati: "Mbega wewe ntutinya n’Imana kandi waciriwe urubanza rumwe n’urwiwe? 41 Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze."

42 Aca avuga ati: "Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe."

43 Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo."

Urupfu rwa Yesu

44 Hari nk’isaha zitandatu z’umurango, maze umwijima utwikira igihugu cose gushika isaha icenda, 45 kuko izuba ryari ryazimye. Maze igitambara co mu rusengero na co gitabukamwo kubiri. 46 Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: "Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje." Ahejeje kuvuga ivyo, aracikana.

47 Intwazangabo y’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: "Ni ukuri, uwu muntu yari umugororotsi." 48 Rya sinzi ry’abantu bari bakoraniye aho baje gushengerera ibiriko biraba babonye ibibaye, basubira inyuma buzuye umubabaro, bishishitira. 49 Ariko abari bazi Yesu, harimwo na ba bagore bari bamukurikiye kuva i Galilaya, bagumye bahagaze aho barabira kure ivyariko biraba.

Yesu ahambwa

50 Hari umugabo yitwa Yosefu, yari mu bagize inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda, akaba n’umuntu mwiza kandi agororotse. 51 Ntiyari ashigikiye abandi mu ngingo zose bafashe n’ivyo bakoze. Yava mu gisagara c’Abayuda citwa Arimataya, kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana. 52 Nuko aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yesu. 53 Hanyuma akimanura ku musaraba, akizingira mu gitambara cera, aca agishira mu mva nshasha yimbwe mu gitandara, itari bwigere ihambwamwo n’umuntu n’umwe. 54 Ivyo vyabaye ari ku musi wo kwitegurira Isabato, kandi yagira itangure.

55 Nuko ba bagore bavana na Yesu i Galilaya, bakurikira Yosefu, barabona ya mva, babona n’ukuntu ikiziga ca Yesu kiryamitsweyo. 56 Baca basubira i muhira bategura ibimota neza n’amavuta yo gusiga ikiziga. Ariko Isabato igeze bararuhuka kugira bubahirize icagezwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-