Publicidade

Lucas 14

Yesu akiza umuntu kw’Isabato

1 Umusi umwe, hari kw’Isabato, Yesu aja kuzimanwa mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo, kandi abari ngaho bose bari bamushinze ijisho. 2 Imbere yiwe hari umugabo agwaye ingwara yo kuvyimba umubiri. 3 Yesu abaza Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe ati: "Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?" 4 Ariko ntibagira ico bamwishura. Maze Yesu aca amukorako, aramukiza, aramurungika arigira.

5 Aca ababaza ati: "Ni nde muri mwebwe yoba afise umwana canke inka, uwo mwana aguye mu kinogo ntamukureyo; canke iyo nka iguye mu kinogo ntayikureyo, ngo ni uko ari ku musi w’Isabato?" 6 Na ho nyene ntibashobora kuronka ico bamwishura.

7 Yesu abonye ukuntu abatumire bahitamwo ivyicaro vy’imbere, aca abaha impanuro ati: 8 "Nibagutumira mu musi mukuru w’ubukwe, ntuze uhitemwo icicaro c’imbere, kuko bishoboka ko hari uwugusumvya icubahiro nawe yatumiwe nkawe. 9 Muri ico gihe, nyene urubanza azoza akubwire ati: ‘Mubise yicare.’ Maze uzogenda uramaramara kwicara mu kibanza c’inyuma ya bose. 10 Ariko nibagutumira, uze uhitemwo icicaro c’inyuma kugira ngo nyene urubanza abe ari we aza akubwire ati: ‘Mugenzi, kaze mu cicaro c’imbere.’ Ico gihe uzoba utewe iteka imbere y’abandi batumire bose. 11 Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru."

12 Yesu aca abarira uwamutumiye ati: "Niwategura umusi mukuru, ntuze utumire abagenzi, abavukanyi, incuti, canke ababanyi batunze. Kuko na bo bazogutumira, maze impera yawe ibe iyo. 13 Ahubwo niwategura umusi mukuru, uze utumire abakene, abamugaye, abacumbagira n’abatabona. 14 Aho ni ho uzohezagirwa. Kubera yuko badashobora kubikwishura, Imana izobiguhembera mw’izuka ry’abagororotsi."

Umugani w’abatumiwe ku musi mukuru

15 Umwe mu bari ngaho ahejeje kwumva ayo majambo, aca abarira Yesu ati: "Hahiriwe uwuzofungura ku mazimano yo mu Bwami bw’Imana."

16 Yesu aramwishura ati: "Habaye umuntu yateguye umusi mukuru, atumira abantu benshi. 17 Igihe co kuzimana kigeze, atuma umukozi wiwe kubwira abatumire ati: ‘Nimuze, vyose vyatunganye.’

18 Ariko bose baca batangura kwerekana ibibafatiriye bituma batagenda. Uwa mbere ati: ‘Unyihanganire, mpejeje kugura itongo, ngira nje kuriraba.’

19 Uwundi na we ati: ‘Ndakwingize umbabarire, naguze inka cumi zirima, ngiye gusuzuma ko zikora neza.’

20 Uwundi na we ati: ‘Sinshobora kuza kuko narongoye.’

21 Wa mukozi aragaruka abwira shebuja ingene vyagenze. Maze na we arashavura cane, aca amubwira ati: ‘Genda mu mabarabara no mu mayira yo mu gisagara, uzane abakene, abacumbagira, abatabona, hamwe n’abamugaye.’

22 Ahejeje kubikora, wa mukozi abwira shebuja ati: ‘Databuja, ivyo wantumye nabikoze, ariko haracasigaye ibibanza bigaragara.’

23 Shebuja aramubarira ati: ‘Genda mu mayira y’inyuma y’igisagara no mu mirombero, winginge abantu ushimitse, baze kugira ngo inzu yanje yuzure. 24 Ndababwire ukuri, nta n’umwe mu bo nari natumiye ubwa mbere aja no kwumviriza ku mazimano yanje.’ "

Ikiguzi co gukurikira Yesu

25 Yesu ari mu nzira agenda, hari isinzi ry’abantu bari bamukurikiye. Maze Yesu, arahindukira ababwira ati: 26 "Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana biwe, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo nyene, ntashobora kuba umwigishwa wanje. 27 Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.

28 Ni nde muri mwebwe agomvye kwubaka igorofa, atobanza kwicara ngo aharure neza ko afise ivyo kuyuzuza? 29 Kuko niyamara kwubaka umushinge hanyuma ntashobore kuyuzuza, abazoyibona bose bazomutwenga, 30 bivugire bati: ‘Ehe, raba uwu muntu yatanguye kwubaka inzu ariko ntiyashobora kuyuzuza.’

31 Canke, mbega umwami afise abasoda ibihumbi cumi atewe n’uwundi mwami afise abasoda ibihumbi mirongo ibiri, ntiyobanza kwicara akaraba neza ko yoshobora kugwanya uwo mwami amuteye? 32 Abonye ko adashobora kumugwanya, aca arungika intumwa ku wumuteye akiri kure, kugira ngo bamubaze ivyotuma babana amahoro. 33 Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.

34 Umunyu ni ingirakamaro. Ariko iyo umaze gutakaza uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? 35 Nta co uba ukimaze, haba mw’ivu canke mu mase yo muri nyabarega; haba hasigaye ko utabwa hanze.

Uwufise amatwi yumva, niyumve!"

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-